October 6, 2024

Impungenge za PARCEM kubijanye na Budget yatowe na Reta y’uburundi mugutunganya ibikorwa vyuyu mwaka wa 2024-2025

2

Impungenge za PARCEM kubijanye na Budget yatowe na Reta y’uburundi mugutunganya ibikorwa vyuyu mwaka wa 2024-2025

Kuvaho Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rigena amafranga Reta izokoreshwa muri 2024-2025. Ishirahamwe PARCEM ribona ko abarundi ata rukiza bokwitega kuri ayo mafranga yemejwe ngo azokoreshwe.Hakaba hemejwe ko imiriyaridi 4.383 niyo yemejwe ko Reta izokoresha muri uyo mwaka w’ubutunzi.

Nkuko uwurongoye ishirahamwe Faustin Ndikumana yabivuze kuruyu wa 17 ruheshi, mumiriyaridi 569 zitezwe kuzokwiyongera ,imiriyaridi igera kuri 520 zose zikoreshwa mu kubaho kwa buri musi aho gushirwa mu bisata birwiza umwimbu ku rugero rushimishije .

Reta ikaba yiteze ko imiriyaridi 1766 izova mu bufasha uburundi buhabwa nibihugu vyo hanze canke ingurane uburundi buzaka mwivyo bihugu ariko mwivyo vyose akaba atabuhinga buhari bwo kwinjiza ayo mafranga .

Ikindi mwomenya nuko ata nahamwe haboneka n’urufranga ruzokwinjira ruvuye mu butare mu gihe arico gisata cofashije mu gusahiriza mu buremere igihugu gifise tutibagira amakori hamwe namatagisi .Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe ashimangira avuga ko bikimeze uko biragoye ko ibibazo vy’igitoro canke amafranga mvamakungu ,umuyagankuba ,amazi n’ibindi abarundi  baakeneye bizotorerwa umuti .

Iryo shirahamwe Parcem ikabona ko nyabuna Reta yoshira imbere ivyo kwongereza ibisata birwiza ubutunzi vyaba ivya Reta canke gushiraho umwuka mwiza ku banyamitahe bigenga baba abo ngaha mugihugu canke abava hanze  nayo ngo kuguma haduzwa amatagisi n’amakori nta muti bizokwigera bitora .

Tutibagira kwiyo nteguro y’iryo tegeko yatowe kuwa 13 ruheshi 2024 ,itowe n’abashingamateka 100 kuri 118 nukuvuga 84%.

BBNEZW #NIYUBAHWE Justin #Source Agaseke.bi

2 thoughts on “Impungenge za PARCEM kubijanye na Budget yatowe na Reta y’uburundi mugutunganya ibikorwa vyuyu mwaka wa 2024-2025

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *