Abdoul Hussein : “Mu buzima kirazira kwigira agahambaye kubera ico uri uyu musi”

147
IMG_5967

Umutama Abdoul Hussein, abenshi bakaba bamuzi kw’izina rya Duruduru, muri uyu mwaka wa 2024 yakwije imyaka 94 kuko yavutse mu mwaka wa 1930. Igihe ikinyamakuru BBNEWS kimugendera aho asanzwe aba, yaratuyagiye vyinshi ku buzima bwiwe ndetse atanga impanuro benshi bari bakwiye kugendera kugira ngo babeho neza, yagize ati : “Mu buzima kirazira kwigira agahambaye kubera ico uri uyu musi”.

Duruduru asanzwe afise abana 7 : abakobwa 2 n’abahungu 5 hamwe n’abuzukuru n’abuzukuruza batagira igitigiri (ntabibuka). Yavuze kandi ko kugira ubeho neza, utegerezwa kwiyubaha ubwawe hama ukubaha abandi, kugira ingeso nziza, kureka kwibwira ko uri agahambaye n’ibindi vyinshi. Yavuze kandi ko urwaruka rw’uno musi rukwiye kubaho rwubaha abantu bakuze (abatama) kuko bashobora kubaha impanuro nyinshi zobafasha mu buzima bwabo. 

Ahamagarira kandi abantu bose gusenga Imana ndetse no kubaho badakora ikibi. Aremeza kandi ko mu myaka 94 amaze ata kibi arakorera umuntu n’umwe ko n’umutima wiwe ubimwemeza.

Ni ibihe bintu nyamukuru Duruduru yakoze?

Mu myaka ya 1934 niho uwo mutama yashika hano mu Burundi, kuko yavukiye mu Rwanda. Amaze gukura yakuze yumva afise umutima wo gufasha abantu no kubagirira neza, kuri ico yatwishuye ko uwo mutima yawukuye ku Mana, kuko nta muntu yokwishoboza ikintu na kimwe atari kumwe n’Imana. Yarakoze kandi ibijanye no kugendesha imiduga minini (chauffeur-camion ), hamwe n’ibijanye n’urudandazwa muri rusangi.

Uwo mutama yarubatse amashure atari make, kandi n’ubu ayo mashure aracahari, arubaka n’imisigiti itari mike. Imwe muri yo hariho iyiri mu Buyenzi, Gatumba, Rumonge, Kayanza, Minago n’ahandi. Mwomenya kandi ko yari yubashwe cane kuva ku ntwaro ya cami kandi ko abari barongoye Uburundi ico gihe bahora bamutumako bakayaga ibitari bike. Yarangije avuga ko gusenga ari urupfunguruzo rwa vyose mu buzima.

Musomyi, iyi ntahe hari ico ikwigishije?

147 thoughts on “Abdoul Hussein : “Mu buzima kirazira kwigira agahambaye kubera ico uri uyu musi”

  1. Est ce que igihugu kimaze gukora iki kuruyo mutama abatware boba bamuzi hoho ivyiza akora canke yakoze?

  2. nukuri ivyobintu avuze nukuri kuzima kubaho udakora ikibi biratuma ugira amahoro yo mumutima hama ukamara imyaka myinshi kwisi

    1. Ukuri akenshi abenshi kwubuzima barakwihoza bakakwirengagiza ariko Abageze muzabukuru bo ukuri bakuvuga ukuri kwamye kubera ko baba bafise vyinshi bibihamya.

  3. nukuri ntabeshe ikintu cukuntu beshi babonako barenze vyica beshi mumutwe bikanatuma bakora amakosha batokoze

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights