Burundi : Ivyo gutanga impapuro z’umutsindo kuri International University of Equator vyahagaritswe

55
equator

Ivyo guhabwa impamyabushobozi kuri uyu wa 4/12/2024, ku banyeshure biga muri kaminuza yitiriwe Equateur (International University of Equator) vyahagaritswe. Biciye mu rwandiko rwanditswe ku wa 2 Kigarama 2024, ruteweko umukono n’umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi, ngo vyahagaritswe kubera umuyobozi w’iyo kaminuza, Isaac Maragia, yatanze urwandiko avuga ko umugwi wateguye iryo tangwa ry’impamyabushobozi ata bushobozi bwavyo ufise.

Mu gihe iryo shure risanzwe ryigako abanyeshure bo mu bihugu bitandukanye, mu myiteguro idasanzwe, mu gutumira incuti n’abagenzi, no kwitegurira imanza zo kwigina ivyo birori, bivugwa ko abanyeshure babonye urwo rwandiko mu gitondo c’uyu munsi. Nayo umushikiranganji w’indero, François Havyarimana yasavye ko iryo  tangwa ry’impapuro z’umutsindo rirahagarikwa kugira habanze haboneke inyishu kuri ico kibazo.

55 thoughts on “Burundi : Ivyo gutanga impapuro z’umutsindo kuri International University of Equator vyahagaritswe

  1. None bigenda gute umuyobozi we nyene ajejjwe kuba ariwe yorongora igikorwa co gutanga impamyabushobozi avuge ko abo yabijeje batabishobumye kandi ari wenyene yabagenye?

  2. None nkuyo yarungitse ikete kwa Ministre niwe wenyene abifitiye ububasha? Ubwo bubasha afise abandi ntibobuhabwa?

  3. Naho umenga turavyirengagije gusa birakaze ariko tuzoshika iyo turikuja abazodushikana nibo nyene

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights