Burundi : Ivyo gutanga impapuro z’umutsindo kuri International University of Equator vyahagaritswe
Ivyo guhabwa impamyabushobozi kuri uyu wa 4/12/2024, ku banyeshure biga muri kaminuza yitiriwe Equateur (International University of Equator) vyahagaritswe. Biciye mu rwandiko rwanditswe ku wa 2 Kigarama 2024, ruteweko umukono n’umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi, ngo vyahagaritswe kubera umuyobozi w’iyo kaminuza, Isaac Maragia, yatanze urwandiko avuga ko umugwi wateguye iryo tangwa ry’impamyabushobozi ata bushobozi bwavyo ufise.
Mu gihe iryo shure risanzwe ryigako abanyeshure bo mu bihugu bitandukanye, mu myiteguro idasanzwe, mu gutumira incuti n’abagenzi, no kwitegurira imanza zo kwigina ivyo birori, bivugwa ko abanyeshure babonye urwo rwandiko mu gitondo c’uyu munsi. Nayo umushikiranganji w’indero, François Havyarimana yasavye ko iryo tangwa ry’impapuro z’umutsindo rirahagarikwa kugira habanze haboneke inyishu kuri ico kibazo.
none babihagaritse kukuberiki
None bigenda gute umuyobozi we nyene ajejjwe kuba ariwe yorongora igikorwa co gutanga impamyabushobozi avuge ko abo yabijeje batabishobumye kandi ari wenyene yabagenye?
oya nibazitange
Ewe burundi bwanje!!!!
ivyo muburundi wapi kabisa
None mubusata vyose nakajagari?
ibi bintu birababaje cane
ndashaka mumbwire igisata cikwije muburundi?
muzoba mumbwira kuko haribintu bigoye gutahura cane
none uwomuyobozi yabibonye gute kwatabushobozi bafise
Sh birayobeye kl
Sh birayobeye kl
biragoye cane
ivyomuburundi navyo none ntubobaha izompapuro
jewe vyarancanze kabisa
none wumva nkabari bamaze gutanga amahera bakomanze ibintu bizoca bigenda gute
barabagambaniye nukuri
nuko nyene atawanka kwonka nyina ngo agwaye amahere nayahandi vyogorana
None ntantunganyo yuburyo ibaho iyumwaka ushak gutangura?
nibazibahe none wovugako bazibimiyiki barazikoreye
nohatari nukuri sindababeshe ivyaha iwacu iburundi
none bazibimira iki nibabahereze nibabahe
none icoconyene nico catumye batabaha ivyabo
muburundi ntakidahagarara
nkaha usanga ubwoburyo aruwabwitije
Ewe kwitiza nawe!!!!! icabaye kiriho
uku nukwiteza urubwa!!!
ibintu vyo muriki gihugu nihatari kabisa
ivyo navyo vyavuye kuki kweli?
Ntagusib uko vyogenda kwose
asha nihatari kabisa
gusa barakwiye kwiga ikibazo cubusuma muri leta kuko harya baturya imitsi twebwe
ntaho bagiye babantu badashaka iterambere
iterambere riri kure cane kuko ntanakimwe kiriko kija imbere muburundi atari music
Leta nifatire hafi iki kibazo vyoba vyiza
ikibazo nigiki tuzoraga abadukomokako kumenga mwebwe uko mbona ibintu bitera biyangara
Mana yanje tuganahe nukuri?
Dusengtere uburundi kuko vyase hose
None abanyeshure bize iyo myaka yose bizoca bigenda gute ?
Ndumva biragoye kbx
ibi bintu birimwo ikibazo pe
reka twiturize akaba karabaye
twarinjiranwe dukaze amasengesho cane
none bipfirahe?
nihejuryu ntahandi gusa ibi bintu babikemure kare kuko ndabona bikaze cane
uku nukwiyambura agashambara
None nkuyo yarungitse ikete kwa Ministre niwe wenyene abifitiye ububasha? Ubwo bubasha afise abandi ntibobuhabwa?
Naho umenga turavyirengagije gusa birakaze ariko tuzoshika iyo turikuja abazodushikana nibo nyene
Ewan namavuta kwer
Nyamaba yasaze yibazako ntawundi yobisaba nasarire hariya imana irabaraba nukiri
Nukubanywera ntagusiba kabisa
Nukubanywera ntagusiba kabisa
Good kbx
Nugutond kumasah kl
Jewe baciga batacigako ikibaza nukuza kuzibanywera tu