Burundi : Kuronka Primus canke Amstel ni Mana mpa

54
Primus, inzoga ya Brarudi

Primus, inzoga ya Brarudi

Gushika ku muhingamo w’uyu wa 19/11/2024, kuronka ibinyobwa vya Brarudi cane cane Primus na Amstel ni akayoberabahinga. Ikena ry’ivyo binyobwa wongeyeko n’ifanta ryabaye ndanse haba i Bujumbura no mu gihugu hagati. Baba abihereza ivyo binyobwa canke ababidandaza ntibatahura ingorane iri muri Brarudi, bagasaba ko ico kibazo cotorerwa umuti mu maguru masha.

Hamwe hamwe ku bunywero ivyo binyobwa ntabihari, n’aho ugira ngo uraronse, igiciro c’avyo ni umurengera, aho Primus usanga bariko bayirangura hagati ya 4.000 fbu na 4/500 fbu, igashikira uwuyihereza igurwa 5.000 fbu, nayo Amstel ukayironswa kuri 6.000 fbu.Mwomenya ko ivyo vyose bibaye inyuma y’aho iryo shirahamwe ridugirije ibiciro vy’ivyo binyobwa.

Mw’ishirahamwe Brarudi ntaco baramenyesha kuri ico kibazo

54 thoughts on “Burundi : Kuronka Primus canke Amstel ni Mana mpa

  1. Ubu ngubu kuronka primus na Amsterl uriruka nagatuguta kakabira aho uzirose naho ziba ziri kwibeyi iri hejuru cyane.

  2. Ntihabuze umuntu Imana yishuye amasengesho ngo umugabo wiwe ahinduke inzoga zari mukumwica😂😂

  3. Asha bayi baravyugaje mumasengesho,,urafyina numukenyezi aruhijwe ningeso yumugabo😂😂amavi niyo akora nibifungo vyinshi vyinshi,,hhhhhhh!

  4. None tubivuge gute ?ni isukari yabuze?ni ivyuma vyashaje binhura inzoga ?canke naho hariko hirwa ukungene bokora ikindi kidaje canke bariko bazana izindi nshasha zizoruta izihari?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights