Burundi : Mbega imirwi ndangakaranga hari ico iriko irafasha mu gusasagaza imico murwaruka?

59
Isanamu y'umurwi ndangakaranga "Amagaba"

Isanamu y'umurwi ndangakaranga "Amagaba"

Mu Burundi, imirwi ndangakaranga irafasha mu gusasagaza imico mu rwaruka. Twaraganiriye na bamwe mu bagize imirwi ndangakaranga baratuyagiye uko babibona. Bagize bati : “Hambavu yo gukorera agafaranga, imirwi irafise ico iterera mu kwigisha urwaruka indero kama”.

Héritier Nihorimbere arongoye umurwi ndangakaranga Imararungu yagize ati : « Hambavu yo kwigisha imvyino n’intambo vyaho hambere, imirwi ndangakaranga iratanga n’impanuro dukura mu vyese vyakinwa aho hambere. Imigani n’ibitito vya kera birimwo kirazira nyinshi ivyo bigatuma urwaruka rukura ruzi uko rwokwigenza mu buzima bwa misi yose badataye umuco.

Edwin Kambayeko yahoze ari mu mirwi ndangakaranga agira ati : «Ku bwanje mu mirwi ndangakaranga nahigiye vyinshi, narashoboye kumenya imizi y’inkomoko yanje, ndamenya uko ba sokuru bari babayeho. Hariho imvugo nyandiko ntari nzi ico isigura ariko maze kuja muri iyo mirwi ndakaranga narashoboye kumenya ico iyo mvugonyandiko isigura, mbere benshi ubu hariho abatemera ko mvuka ibujumbura kubera ikirundi co kwitsitso mvuga. » ariko nawe nyene nti yasize inyuma ko muri iyo mirwi ndangakaranga bahakura FBU.

Tite Iradukunda, arongoye umurwi ndangakaranga “Indangaburundi” agira ati : « Urwaruka rwinshi ruza mu mirwi ndangakaranga, ruba ruzanywe n’ibi bikurikira : gukunda akaranga, agakuku k’urunganwe, gukunda amafaranga, abashaka abakunzi eka ndetse n’abakunda inyambaro kama. »

Yabandanije agira ati : « Muri iyo mirwi yose haravamwo abaheza bakabikunda kandi bakabigendera ariko kandi tudasize inyuma n’agasabuni baronka. Ivyerekana ko babigendera mu kibano, ni intahe zabavyeyi babo baza batubwira ko umwana wabo yahindutse atacitwara nk’uko yitwara kera, ndetse asigaye yambara akikwiza. »

Hagati aho, mwomenya ko umurwi ndangakaranga “Indangaburundi” ufise igiteramo citiriwe “ICAMURO” kizoba kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2024 ku kibuga c’urukino rwa Basketball citiriwe département.

59 thoughts on “Burundi : Mbega imirwi ndangakaranga hari ico iriko irafasha mu gusasagaza imico murwaruka?

  1. Akaranga kari aka kera nayo ubu ni igisirimu gusa cigendera ni bake babikurikiza bagira copier coller ivyo mumahanga.

  2. Akaranga kari aka kera nayo ubu ni igisirimu gusa cigendera ni bake babikurikiza bagira copier coller ivyo mumahanga.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights