Burundi —Ni igiki twokwibukira ku ncungu ya demokarasi?
Kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 2024, Uburundi buribuka imyaka 31 iheze hagandaguwe incungu ya demokarasi, Melchior Ndadaye, yashengeye inyuma y’imisi 102 gusa atwara Uburundi. Mu bintu vyamukuru twokwibukira kuri iyo ncungu harimwo kwubaka Uburundi bushasha, gushiraho demokarasi kuri bose, gutanga icizere co kugarukana ubumwe, guharanira agateka ka zinamuntu n’ibindi.
Intwaro ya demokarasi itwarira bose, igakorera mu butungane kandi igashirwaho n’abenegihugu. Mu mice yose y’intwaro umwenegihugu akagira ijambo kandi agatunganirizwa aho bikenewe.
Iruhande y’ivyo, hari ibikorwa Melchior Ndadaye yari yashize imbere mu vyari vyihutirwa cane, navyo hakaba harimwo : kugirira ikigongwe abapfunzwe imbere y’italiki 1 Ruheshi 1993, kwitegurira bikwiye itahukanwa ry’impunzi, gutegekanya gushasha ingene amafaranga ya Leta ategerezwa gukoreshwa n’ibindi.
Demokarasi kuri bose
Ryari ijambo ryiza cyane. Nihaganze democratie