Evariste Ndayishimiye aravunira akagohe abarundi ngo baze barabe neza mu gutora indongozi zabo mu matora ya 2025
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntako atariko aragira mu gukebura abarundi ngo baze barabe neza mu gutora indongozi zabo mu matora ya 2025, ariko kandi aragabisha abazotoba ayo matora. Evariste Ndayishimiye arashima mbere intambwe umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI ugezeko, agashimira n’abiyandikishije ngo baze bitabire ayo matora ya 2025.
Ku wa 10/05/2024 mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa politike i Gitega, haratangujwe icese isekeza ryo gutanga inyigisho zo gukunda igihugu n’izijanye n’amatora. Muri iryo sekeza ryari ryitabiriwe n’abategetsi batandukanye harimwo abashingamateka, umuhuza w’abarundi, abashikiranganji, ba buramatari na ba musitanteri b’igihugu cose, abarongoye imigambwe yemewe mu Burundi, abagize inzego z’umutekano, abaserukira ibihugu vyabo n’urwaruka.
Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora « CENI » yemereye umukuru w’igihugu yamushinze ayo mabanga ko be n’abo basangiye akazi biteguye gukorera hamwe kandi bafatanye mu nda, mu ntumbero yo gutunganya amatora atagira akanenge. Umukuru w’igihugu nawe arabakeza ku bikorwa bariko bakora.
Mu gihe muri kahise k’Uburundi iyo himirije amatora haduka ibihuha vyinshi n’inyigisho zicanishamwo abarundi, Evaritse Ndayishimiye aragabisha abo bose bafise imigambi nk’iyo mibi.
Amatora ya 2025 azotwara uburyo bungana gute?
Amatora ya 2025 azotwara imiriyaridi hafi 115 z’amarundi, ayo mafaranga yose azova hagati mu gihugu, nta ntererano n’imwe ivuye hanze izokoreshwa. Ibindi twozirikana muri ayo matora n’uko karangamuntu hazokora iyahahora kuko karangamuntu ikozwe ku buhinga bwa none (biométrique) izoba itaraboneka, Inama nshingamateka nshasha izoba irimwo abantu 100, bakazova mu ntara 5 zizoba zigize Uburundi guhera ico gihe.
Abashingamateka bazoba mu ntara uku gukurikira : Mu ntara ya Gitega : 21, Butanyerera : 23, Burunga : 17, Buhumuza : 16 na Bujumbura : 23. Kandi kugira uronke umushingamateka umwe, uzotegerezwa kwegeranya amajwi 132,866. Inyuma y’ayo matora yo mu mwaka 2025, hazoca hakwirikira amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka 2027.
Tuzotora
Twamajije kwitegura
Kandi bizogenda neza
arakoze cane kunkebuzo aduhaye
Vyose bizogenda neza
Tubiherez Imana
umurwi CNI nawo wubahwe kabisa
arakaramba umukuru wigihugu cacu
gusa amatora aratwara uburyo burengeje
none izomiriyaridi burya nyene zizova hehe
Amatora azoba meza cane
Nukwitabira amatora kubwinshi
Nukwitabira amatora kubwinshi
Nukuyitaba dusidukanye niyonka
Ntagisivya amatora azogenda neza
turamukeje umukuru wigihugu cacu kumpanuro aduha
amatora turavyizeyeko azogenda neza cane
amatora ntakajagari dukeneye nkuko yabivuze
nubundi nkuko yabivuze nukwitonda neza cane
ese kobataratwereka indongozi zizitoza ?
jewe nzotora uzokemura ikibazo cibitoro kuko
nico cibazo gihanze uburundi ahandi turamaho
Turayiteguriye neza, umugwi CENI uhabwe ikuzo.
umurwi CNI urakwiye mbere nagashimwe
bisabwako tuzokwitabira amatora kabisa
Turashima bimwe vyimva mutima ukuntu Umukuru W’igihugu cacu ku kungene impanuro.
ningombwa dukunde igihugu catuvyaye
Kuba atantererano nimwe izova hanze yigihugu nintambwe nziza idasanzwe ku Burundi.
Nubundi nugutorana ubwenge hamwe nugushishoza,kubera ko ugutora kwacu kuzogaragaza ivyamwa vyiza ejo, niyo Igihugu kizoba iriko gitunganirizwa neza mu mpande zose.
Inkebuzo
Imana ihezagire indongozi zacu.
Hama abajejwe gutunganya amatora baze babikore neza,abari mu migambwe bakomeze ingigisho zo kwerekana ko dutora ivyiyumviro vyiterambere kandi bitunganiriza zina wenegihugu.
Tuze dutorane umutima munda kandi kandi twiyumvira ejo cane kurusha uyu musi.
Ntawobideha ku kungene Umukuru w’igihugu cacu adahengeshanya kudukebura.
Ariko bitegekanije ko izo miliyalidi 119 z’amarundi zizokoreshwa mumatora ya 2025 yabashingamateka canke?
CENI mugutunganya amatora twoyisaba ko itohengama ahubwo igakurikiranira amatora hafi kandi mumuco .
Karangamuntu zikozwe mubuhinga bwa none(biométrique) tuzitege nka ryari?canke bizoherera mu mvugo gusa?
Bizogemda neza cane nukuyitegurira bikwiye.
Utora nabi ugatwarwa nabi n’ijambo ryimana rivuga riti umutima nubwenge bikore
Nugutora indongozi zukuru kand zizewe
Tuzotora indongozi zukuru
Uwuzotera akajagari kln tuzomwivuna twivuy inyuma
Ntakajagari kazobamwo vyose bizogendaa neza
Ntankeka amatora azoba meza cane
Nukwitorera indongozi zibizi knd zibushitse
Tuzoshigikira amatora yacu gushikaa aheze
Ako kamo kumukuru wigihugu Niko kabisa
Nukwitabira amatora nkayacu twebwee nyn abarundi kln
Ako kamo niko kabisa
Umukuru wigihugu cacu turamushigikiye
Ako kamo turagashigikiyee kln
nugushigikira amatora yacu
amatora azoba meza cane ntankeka kln
turindirany igishika amatora kl
Ivyo nyenicubahiro avumera nivyo kabisa
Tuzotora twese knd bivuy kumutima
Amatora azoba meza cane
Reka tubirindirane igishika kln
Nugutora umugambwe mwiza knd wizewe
Nugushigikira amatora yacu
Vyose nivyigihugu cacu tuzobishigikira
Nugushigikira igihugu cacu
Dushaka umukuru wigihugu adushikana kwiterambere rirama
Ivyo nyenicubahiro avuze nivyoo vrema
Turabizi nezaa ko amatora azoba meza cane gose
Vumera nyenicubahiro
CENI hejuruu cane
Turashimyee Ako kamo kumukuru wigihugu
Harakwiye gutorwa umurwi wizewe ukazohagarikira amatora kugira ntihazogire ba gatovyi bivangamwo
Twashize Imana imbere muri vyose kln
Imana imbere
Amatora yacu tuzoyitabiraa neza kandi ukuri kwamwe
Tugeze kuntabwe nziza cyane
Turakeje umurwi utunganya amatora CENI
Emwe ndabona abashingamateka basabwa amajwi menshi cyane
nukuri ndabona bariteguye en cause & en consequence natwe turiteguye kwitorera indongozi
numva nkunze ukuntu bitunganijwe ibya matoro ya 2025 asha nasiba ndimubitaro gusa.
Reka twitege indongozi zizodutwara neza nkuko vyahora
Umurwi CENI uri mukazi kose kabisa
Abashingamateka basaba gutorwa kubwinshi kabisa
Man izo karangamuntu biometrique numva bora bakazikora tukazozikoresha mumatora ya 2027
Izo karangamuntu biométrique tuzozikoresha mumatora y’umukuru w’igihugu kabisa
Emwe hageze 2025 twitorere izo Ndongozi gusa umenga hazoba ari mumvura mukwa 5