April 20, 2024

Ibintu vyotuma ukuza business yawe ukaronka akunguko vyihuse ukaba umutunzi akomeye

0

Nimba wipfuza ko buziness yawe ikura ikagera kure nuko wokora bimwe murivyo twashoboye kudondagura haruguru,kugira mumenye aho ikibazo canyu gihagaze nico mubuze kugira mushobore gukuza no gukora business yanyu neza.

Shot of a smiling woman chef working in fast-food restaurant kitchen

Abantu benshi bagira ikibazo co kutamenya uko bashobora gukuza buziness zabo kubera kutamenya aho ikibazo gituruka ; kutaronka ababashorera canke bamenye ko boba badandaza canke bakora ivyo bintu .
Akenshi ivyo bibazo bigaturuka kumvo zuko hari abakora ibintu kubera babonye abandi babikoze ariko ntibafate akanya ngo bige uko bazoshobora kubikora bakaronka abakiriya canke abahurumbira service zabo,mbere hakaba nabandi bahitamwo kubihagarika kuko baba bibaza ko vyabananiye kuko baba bafise igicapo caho babibonye bagashaka ko nabo boshoka baronka inyungu, nababahurumbira nkabo babonye ahandi .
Hari nabandi batangura neza ariko uko ibihe bigenda bikagenda birahindagurika nkuko umengo bariko barakoroka ,bigatuma bamwe bamwe bibazako boba bafise umukoshi canke boba barabaroze ngo batakaze aba client.
Ariko kenshi suko bimeze nuko kenshi usanga abantu badashobora gufata akanya ngo bamenyekanishe urudandazwa rwabo no kuba bomenya ati mbe ,
Umukiriya wanje yoba ari uwumeze gute ?
Mbe umukiriya wanje nomusangahe canke nomukurahe
Mbe umukiriya wanje nomuha serivice zanje canke ibindazwa vyanje gute kugira nejo agaruke ?
Mbe abo duhiganwa nibande ?bariko bakora gute ?bageze kurwego uruhe ?
Mbe nikihe kintu norushirizaho kuri service batanga nkizanje
Ibiciro vyanje n’ibihe ?mbe birahuye na service ntanga ?
Ibikoresho canke ibidandazwa vyanje birakwiye kuburyo nshobo kwuzuriza umuntu andondeye bivanye n’igitigiri civyo agomba ?
N’ibindi …
Ikibazo cama gihari nuko benshi birukira kuduza ibiciro ariko ntibongereze service abandi bagatangura neza ariko kubera abakiriya basigaye bafise benshi bagahindura qualite canke service zivyo batanga,bigatuma abahora babashorera bahindura bakaja ahandi bikimeze neza .

Nimba wipfuza ko buziness yawe ikura ikagera kure nuko wokora bimwe murivyo twashoboye kudondagura haruguru,kugira mumenye aho ikibazo canyu gihagaze nico mubuze kugira mushobore gukuza no gukora business yanyu neza.
Kwamamaza ibikorwa canke urudandazwa rwanyu biri mubishobora gutuma business yanyu imenyekana ikagera kure bigatuma mushobora kuronka abarondera service canke urudandazwa rwanyu vyoroshe ,
Mushobora gukoresha imbuga ngurukana bumenyi nka
Facebbok
Instagram
Youtube
Linkdeln
N’izindi
Mushobora kurondera ababafasha kumamariza Business yanyu yaba abakorera kumbuga canke abasanzwe babikora ukundi ,
Hari abakoresha ivyapa ,ama Radio,Televizio ,Kubarira bantu eka n’ubundi buryo bwinshi bakoresha
Kuvuga business yanyu aho mubaye mubagenzi muncuti,biri mubishobora gutuma business yanyu ishobora kumenywa nogusaba incuti n’abagenzi bagashobora kumenyesha abandi.

Ikindi ari naco gituma kenshi abantu bibagora kugera kure nuko usanga batinya gusohora amahera kugira igikorwa cabo kigere kure canke kigende uko bagomba kuko benshi baba bashaka kwunguka badasohoye amahera ,

Ariko twobamenyesha ko kirakintu cose mukwubakwa gisaba uburyo bwinshi busohoka gusumvya ubwinjira mugihe mukiri muntango,kandi bigasaba n’inguvu zitari nke kugira mushobore gukora ngo ivyanyu bibonwe canke vyemerwe nabandi ,kuko murubuga utari wenyene uriko ukora iyo business .
Mukurangiza mukwiye kwama mufise urutonde canke programme muriko mukorerako business yanyu n’ikiringo mwipfuza vyofata nubwo vyohinduka ariko bibaha urutonde n’inguvu zogukorera kumwanya business yanyu.
Nivyinshi ariko muvyoshobora gutuma mukuza business yanyu ivyo twofata ko ari ivyintango kandi bishobora kubafasha. Hakaba hari ikibazo mwoba mufise muri business yanyu mushobora kubisiga mu guterera iciyumviro tukabishura tukabafasha no mukibazo mufise kugira business yanyu igende neza/

Ntaciyumviro kiratangwa on Ibintu vyotuma ukuza business yawe ukaronka akunguko vyihuse ukaba umutunzi akomeye

Siga Iciyumviro