April 23, 2024

Inyuma yo kubisabwa n’abantu benshi cane basanzwe bakoresha imbuga z’uruganda rwa META,ubu bakaba bahisemwo kwishura kucipfuzo bari barasabwe n’abanywanyi barwo mugushira kumugaragaro ishusho canke igicapo cuko urwo rubuga rushasha rugiye kumera no gukora.

kuvaho urubuga rwa Twitter rugurishijwe rugashirwa muminwe y’umurwizatunga Elon Musk rwaratakaje igitigiri kitari gito c’abarwamamarizako bituma ruhomba cane eka rubura n’umurindi munini wabantu barukurikirana,bituma benshi mubashora mari babura iyo bashobora kwamamarizamwo ibidandazwa vyabon ari navyo biteza imbere bikazana agafaranga kumbugahwaniro, Meta Ikaba ikaba yipfuza gushiraho urubuga ruzoba rufise imikorere nkiya Twitter bikazotuma abantu bakunda urubuga rwa twitter imikorere yarwo bazoshobora kworoherwa urwo rubuga rushasha rwa Instagram bikazotuma atatandukaniro rizoba ririmwo kiretse ko hari utundi tuntu twubuhinga tuzoba twiyongeyemwo bikazo tuma abamamariza kurirwo bazokworoherwa bakaronka service nziza cane bitandukanye nuko twitter yahora ibikora;

kubantu bari basanzwe bafise amakonte ya instagram,ntakintu nakimwe zihonduka mugukoresha ama konte yabo kuko bazokoresha Mot de passe bahora bakoresha mukwinjira namazina.

kiretse ko hari utuntu tuzoba twarahindutse mukibanza ca Photo na Video,hari nutundi tuzokwiyongera mugushobora gusiga Iciyumviro ”Commentaire” no mugusangiza abandi”share” ntabwo bizobagora kuyikoresha kubari basanzwe bari kururwo rubuga.

nimba konte yawe yarahagaritswe no kurubuga rushasha izoba yahagaritswe.

mbe mubona kazoza ka Twitter canke kuruga rushasha rwa instagram kazoba akahe ko umengo nta tandukaniro na rimwe rizoba ririmwo.

Ntaciyumviro kiratangwa on INSTAGRAM: Uku niko urubuga rushasha rugiye kumera

Siga Iciyumviro