Umuririmvyi Mnif Jimbo agiye gusohora indirimbo inyuma y’imisi 24 arekuwe avuye mw’ibohero. Igihe BBNEWS yavugana nawe kuri telephone kuri uyu wa 16/10/2024, yavuze ko icatumye ahitamwo izina “YOBU” yashatse gutanga ubutumwa bujanye n’ingene ubuzima bwa misi yose bumeze. Tumubajije ko bitoba bivuye ku bihe bitoroshe yari amazemwo imisi, ntaco yashimye kubivugako, aca atubwira ngo turindire ije ku mugaragaro.
Mwomenya ko iyo ndirimbo azoyikorana n’abaririmvyi 5. Agasigura ko impamvu abo baririmvyi bose bazoyibonekamwo kuri we ari iteka kandi ko narirya basangiye umwuga bategerezwa gufashanya.
Urugero umuziki wo mu Burundi ugezeko rurashimishije?
Mnif Jimbo avuga ko aho umuziki wo mu Burundi wari uri mu myaka iheze atariko ukimeze, ngo babandanya bakora cane kugira ngo urugero ruje hejuru ndetse umuziki ushike ku rwego mpuzamakungu. Ivyo navyo ngo bizova mu bwira n’ubukerebutsi abaririmvyi bashiramwo mu gukora indirimbo zabo. Kubwiwe ngo icizere ni cinshi ko umusi uri izina bazoshika.
57 thoughts on “Kubera iki umuririmvyi Mnif Jimbo yahisemwo gukoresha “Yobu” mu ndirimbo agiye gusohora?”
Uwo muririmvyi ntawenzi
Ntiyabeshe kbs umuziki wuburundi urahantu Hameze neza
Nihatari ķbs
Iyo ndirimbo yoyo azoyisohora ryari
Amahirwe masa
Turagutegereje
Ahubwo bazomufunga
Nyimba avuye mugabo bamusubijeyo ndakurahiye
Ntucikintege
Ndamuhaye amahirwe 20% yogufungwa
Reka tuyirindire badutemwo
Icizere nanje ndakibahaye
Turakwiteze
Ubunyene ntibomusubizayo
inguvu nirwawe
abobaririmvyi batanu nibande komutatubwira
abobaririmvyi ninde nande
abobaririmvyi ninde nande
nituze abarundu dushigikiranira
amahirwe menshi
wawo tuguma turonka impano nyinshi
eee yaranafunzwe namwe muguma muduha amakuru atandukanye
abaririmvyi barafunga nyene yakoze amakosa
ningorane mwewacu
None mwotumenyera mbega koyari yafunzwe ubwambere aziriki
Imana imufashe muvyagiye kuzakora
Iryozina naryo rirayogoza kabisa
Courage
Bagufashiki rro
Harya umuririmvyi arinze afungwa abayitwaye nabi cane
None yayandikiye mumpimba rero
Kora kora
none yaririmvye izahe
gusan napfe gukora arabeko azoshikirwa
Kora kora
nabatemwo babisa
noe mbega uwomuririmvyi nuwahehe
none azoyishira hanze ryari iyo song
Mnif jimbo arashoye
abafanzi bawe baragutegereje
abarundi turashoboye tuzagushigikira nkabafana bawe
mwinominsi ntiyabeshe vyovyo turashoboye abarundi
none nyene nikukuberiki azoba yiyise yobu
nagire icize birakwiye kuko abarundi mwinominsi duhagaze neza
biratangake gose
narekane nivyo
amahwirwe menshi kuri mwebwe
aho nivyiza nukuri
nakore nakore
amahirwe nayiwe kabisa
iconomuterera nkajewe ntanice intege
Ko afise imbono ntakibuza ko aho ashaka kugera azohagera kubera ko naho yoca mubikomeye gute ko afise icizere ciyo ariko aragana azogera kure rero kubwivyo arakwiye gukurirwa ubwatsi.
Uko biri kwose ko amaze kwitahura bizogenda neza kandi azogera kure gusa arakeneye Support nukuri.
Yoba yarahuye nibibazo nkivyo YOBU yahuye navyo?bimeze uko yoba vraiment yaragize Uburibwe budasanzwe.
Umuziki ndundi nukuri ugeze kurwego rushimishije biranaboeneka ugereranije nimisi yahera nuko gusa ubu akanovera KAMAJAMBO katakiri ikirenga bashira imbere imidiho igezweho.
Azogera kure ntagire ikibazo ibihe biha ibindi.
gufungwa nivyabose kuko ntazudakosha .YOBU!!!!!!!!