April 20, 2024

kuroba vyabujijwe Vyagateganyo Mukiyaga Tanganyika

0

Amasezerano yo kubuza kuroba mu kiyaga ca Tanganyika yatanguye gukurikizwa kuva kwi itariki ya 15 Rusama. Yafashwe n’ibihugu bine vyo ku nkombe:

Amasezerano yo kubuza kuroba mu kiyaga ca Tanganyika yatanguye gukurikizwa kuva kwi itariki ya 15 Rusama. Yafashwe n’ibihugu bine vyo ku nkombe: Zambiya, Tanzaniya, u Burundi na Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Ariko muri DRC, igihugu gifise 45% vyamazi yikiyaga Tanganyika, iri tegeko ryatumye habaho kutaryumva kumwe hagati y’impande zibiri. Uku ni ko bimeze mugisagara ca Kalemie, umurwa mukuru w’intara ya Tanganyika mu burasirazuba bw’igihugu, aho uburovyi ari co gikorwa kibateje imbere na cane cane mugisata c’ubutunzi.

Ibihugu vyose rero birasabwa gukurikiza iyo ngingo rikaba ryari ryasinywe ubwambere mu mwaka wa 2021 ibidukikije no kurinda abaja kuroba amafi akiri mato bigatuma haba ibura bikabuza nirwirirana ryazo .

Kurundi ruhande bakavuga ko bafise imisi 19 yukuroba n’imisi 11 yo kuruhuka ngo kandi bakora uburovyi mwijoro batumva ingene boshobo kwugarirwa ikiyaga bakabuzwa kuroba.

Abarovyi bakabona ko bigiye kuba uruhombo rukomeye kuribo kuko bashobora kuronka amafaranga agera ku ma Dorar y’abanyamerika Amajana Atandatu kukwezi.

Ntaciyumviro kiratangwa on kuroba vyabujijwe Vyagateganyo Mukiyaga Tanganyika

Siga Iciyumviro