Miss Burundi azohabwa imodokari ikoreshwa n’umuyangankuba n’imiriyoni 25 z’amarundi

62
Renault-Zoe-électrique-11-1200x800

Kuva ubu umwigeme azotahukana ihiganwa rya Miss Burundi, azoronswa imiriyoni 25 Fbu, imodokari ikoresha umuyagankuba, urugendo shure mu bihugu vyo hanze no mu manama atandukanye, guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe. Nayo uwo mwigeme ategerezwa kuba afise kuva ku myaka 18 gushika kuri 24, afise uburebure bw’imetero 1 na santimetero 59 gushika ku metero 1 n’ama santimetero 75 (1m59-1m75) kandi atarenza ibiro 65.

Iruhande y’uwutahukana ikibanza ca mbere ari nawe azoronswa ivyo vyose twavuze. Hazotorwa kandi n’abandi bigeme 4 ari bo : ivyegera vy’iwe bibiri, Miss développement, na Miss populaire. Abo nabo nyene bazoronswa ubushimwe uku gukurikira : 

  1.  Icegera ca mbere azoronka imiriyoni 15 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’umugambi w’igihugu uri mu bisata vy’amagara y’abantu, indero n’ibidukikije hamwe no guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe.
  2. Icegera ca kabiri azoronka imiriyoni 10 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’umugambi w’igihugu uri mu bisata vyo gutabara imbabare, kurihirwa umwaka w’ishure hamwe no guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe.
  3. Miss Développement azoronka imiriyoni 10 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’umugambi w’igihugu uri mu bisata bijanye n’umugambi yatoye no guherekezwa mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wiwe mu kiringo c’umwaka umwe.
  4. Miss Populaire azoronka imiriyoni 5 z’amarundi, ahabwe amasezerano n’ishirahamwe rirangurira imirimo ngaha mu Burundi no kurihirwa urugendo mu bibanza vy’iratiro bitandukanye mu Burundi.

Abo bigeme 5 bazotorwa muri 50 bazoba bakwije ibisabwa, abo nabo havemwo 27 bazoshika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma maze nabo havemwo 15 bazoshika mu gice ca nyuma (final).

Mwigeme aka karyo koba rwawe, itegure uzoje mu bahiganwa!

62 thoughts on “Miss Burundi azohabwa imodokari ikoreshwa n’umuyangankuba n’imiriyoni 25 z’amarundi

  1. Uzi imiryango yabantaho nikora iri mu Bdi uko ingana? ibuze amasuka, ivyo bifuka, amasafuriya, ivyambarwa nibindi bokoresha mukwikenura? Muga mugaca mwegeranya Ama Millions kwivyo biremwa vyakuze neza bigaca bibandanya bija kwitagatira nkeu 🤭😅

  2. Ubu niho ntahura kizo événements atakamaro zimariye igihugu. pfuma muyaguriramwo ifumbire ba ntaho nikora barime bazopfume bashora Ivy barimye natwe tuhahombokere, nayo kuyihera ivyo biremwa ni zéro kweri 😩

  3. Ayo mahera iyo muyaha wa mu petit areze impfuvyi mu Rutana ntimwaba mukoze jw sindamenya akamaro ka miss mu Burundi muntahuze

  4. None twebwe abatwa bimeze gute? Muribagiwe ko iwacu atabarenza imetero 1? Uwufise imwe n’igice barikeka ko nyina yoba yaravuye umututsi canke umuhutu umugongo. Naho biri gutyo turafise abakobwa beza kandi baciye ubwenge. TURIPFUZA KUJAMWO!!!!!!!!!!!!! Mutwemerere natwe tujemwo, turonke amahirwe mushire ikibanza ca 6 Miss Sangwabutaka

  5. Nibintu vyagaciro kuba hazoba ihiganwa nkiryo ahubwo ndabona vyoba vyiza no kuri RTNB bazovyerekana tukabira kumbuga

  6. Iyo myaka bavuga ndayirenza ariko ndabona batonyirengagiza kuntora kubera ubwiza ndabufise ama taillendi nayo ubwenge ninbwose,jewe ndabona nzotwara candidature yanje.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights