Mu myaka 4 iheze, Vladimir Putin ntiyigeze aganira na rimwe na Donald Trump
Umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin yavuze ko atigeze aganira na Donald Trump aherutse gutorwa ngo yongere gutwara Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe c’imyaka ine yari amaze atari umukuru w’igihugu, mugabo ngo agiye kwitegurira kuganira na we. Putin yavuze ko hari ibintu vyinshi yahora aganira na Trump ubwa mbere ariko kandi ngo ntarabona neza igihe ivyo biganiro vyabo bizoberako, ngo mugabo bazokorera ku gushaka kwa Trump.
Ku kijanye n’ubutunzi bw’Uburusiya, Putin kandi yavuze ko bwateye imbere mu myaka itatu iheze, nubwo hari benshi bavuga ko bwasubiye inyuma. Mu majambo yiwe ati “Ndazi ko ubutunzi bw’Uburusiya bwateye imbere mu myaka itatu iheze kubera ko twabaye igihugu gifise ubwigenge bwuzuye, ubu nta muntu ubutunzi bwacu bushingiyeko. Dufise ubushobozi bwose bwo kwibeshaho tudashingiye ku muntu n’umwe.”
Yavuze kandi ko igisirikare c’Uburusiya kiri mu bisirikare bikomeye kw’isi, ngo niyo mpamvu yemeza ko Uburusiya bwageze ku ntego zabwo, ndetse ko bwarushirijeho kugira inkomezi. Yarangije avuga ko ubu bafata ingingo bafatiye ku nyungu z’Uburusiya gusa.
Abobatama barazinanye ivyo bariko barabizi
Trump ivyiwe biteye akabazo afurica
Abo Batama nabamateka kobagiye kongera kwicyarana bongere bayage byose bizogenda neza.
None yoba yaramubesheye ko boba batayaze akemeza ko bari bayaze 🤔birayobeye gose ..
Abatama batinyitse kwisi
bogira ivyo biganiro ukraine ikaruka
icomaze kubona iyivyo bihugu bikomeye biriko bigwana hariho abihahombere
Cane cane African nitwe tubizi
Ese ninde azoza kugarukira kuri bano banyagihugu baguma bapfa ataco bazira
Mukomeze kubasengera nukuri bararushe cane
imyaka ni,yishi bagwana pe