Mu myaka 4 iheze, Vladimir Putin ntiyigeze aganira na rimwe na Donald Trump

10
WhatsApp Image 2024-12-20 at 2.37.25 PM

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin yavuze ko atigeze aganira na Donald Trump aherutse gutorwa ngo yongere gutwara Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe c’imyaka ine yari amaze atari umukuru w’igihugu, mugabo ngo agiye kwitegurira kuganira na we. Putin yavuze ko hari ibintu vyinshi yahora aganira na Trump ubwa mbere ariko kandi ngo ntarabona neza igihe ivyo biganiro vyabo bizoberako, ngo mugabo bazokorera ku gushaka kwa Trump.

Ku kijanye n’ubutunzi bw’Uburusiya, Putin kandi yavuze ko bwateye imbere mu myaka itatu iheze, nubwo hari benshi bavuga ko bwasubiye inyuma. Mu majambo yiwe ati “Ndazi ko ubutunzi bw’Uburusiya bwateye imbere mu myaka itatu iheze kubera ko twabaye igihugu gifise ubwigenge bwuzuye, ubu nta muntu ubutunzi bwacu bushingiyeko. Dufise ubushobozi bwose bwo kwibeshaho tudashingiye ku muntu n’umwe.”

Yavuze kandi ko igisirikare c’Uburusiya kiri mu bisirikare bikomeye kw’isi, ngo niyo mpamvu yemeza ko Uburusiya bwageze ku ntego zabwo, ndetse ko bwarushirijeho kugira inkomezi. Yarangije avuga ko ubu bafata ingingo bafatiye ku nyungu z’Uburusiya gusa.

10 thoughts on “Mu myaka 4 iheze, Vladimir Putin ntiyigeze aganira na rimwe na Donald Trump

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights