March 28, 2024

Muri Kenya  Idini ry’umunsi w’iherezo ryahera  ku bana mukugira amapfungo yo kwiyicisha inzara

0

Abana nibo babaye benshi cane mu kwicishishwa inzara mu minsi ya nyuma y’idini ry’umunsi w’iherezo muri Kenya, ku bw’amakuru mashasha aguma aboneka.

Abana nibo babaye benshi cane mu kwicishishwa inzara mu minsi ya nyuma y’idini ry’umunsi w’iherezo muri Kenya, ku bw’amakuru mashasha aguma aboneka.

Igiporisi kiriko kiratohoza ku kigaragara nk’ukwiyahura mu kivunga gushika ubu kimaze kuzura ibiziga bigera 201 mw’ishamba rinini rya Shakahola mu buseruko bushira ubumanuko bwa Kenya.

Uwahoze ari icegera c’umwigisha [w’ijambo ry’imana] muri iryo dini yabwiye ikinyamakuru New York Times ko abana bicwa ubwa mbere, bagahatirwa ‘’kwisonzesha ku zuba kugira banyaruke gupfa’’.

Abagore n’abagabo nibo bakurikira muri iyo nteguro yo kwiyahura, nk’uko Titus Katana yavuze.

Uwo mugabo Katana – ariko arafasha igiporisi muri ayo matohoza -yanabwiye ikinyamakuru Sunday Times ingene abana bafatwa bunyamaswa, akavuga ko bugaranirwa mu tuzu iminsi itanu ata vyo kurya ata mazi.

‘’Hanyuma baca babatekera mu burengeti bakabahamba, n’ababa bagihema,’’ nk’uko basubiramwo ivyo yavuze. Bivugwa ko abayoboka iryo dini babwirwa ko bazoca bihuta gushika mw’ijuru hamwe bokwiyicisha inzara.

Ibipimo vyo kumenya icishe umuntu kuri bimwe muri ivyo biziga vyatowe muri iryo shamba rya Shakahola, hafi y’igisagara ca Malindi kiri ku nkengera [z’ibahari Indiano], vyerekanye ibimenyetso vyo kwicwa n’inzara, kubura impwemu canke gukubitwa.

Abantu barenga 600 bivugwa ko bari abayoboke b’iryo dini ry’umuhero w’isi bivugwa ko rirongowe na Pasitori Mackenzie n’ubu ntibarabonwa irengero.

Pasitori Mackenzie ubu ari mu minwe y’igiporisi, avuga ko yugaye ishengero ryiwe Good News International Church haraheze imyaka ine inyuma y’imyaka hafi 20 rikora.

Ariko BBC yaratoye amajana n’amajana y’inyigisho ziwe zikiri kuri internet, zimwe zafashwe inyuma y’ico gihe.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru co muri Kenya Daily Nation, haraheze indwi zitari nke, Pasitori Mackenzie yahakanye kandi ko atigeze ahatira abayoboke biwe kwiyicisha inzara.

Ariko Pasitori Mackenzie yarigisha ivyo kuterekwa amashure avuga ko ari aya shetani, amaze ‘’guhishurirwa n’Imana’’, nk’uko Katana yabwiye New York Times.

Ntaciyumviro kiratangwa on Muri Kenya  Idini ry’umunsi w’iherezo ryahera  ku bana mukugira amapfungo yo kwiyicisha inzara

Siga Iciyumviro