Mutimbuzi : Kubera kurenza ibiciro, ubunywero n’ibibanza bidandaza inzoga 27 vyugawe
Mu ntara ya Bujumbura, Komine Mutimbuzi, ubunywero 27 bwo mu mazone 3 ari yo Gatumba, Rubirizi na Maramvya, nibwo bwugawe na Musitanteri wa Komine Mutimbuzi, Butoyi Siméon kuri uyu wa 16 Kigarama 2024. Intandaro y’iryo yugarwa ni kubera ko ubwo bunywero butubahiriza ibiciro vy’inzoga.
Ivyo bibaye inyuma y’urwandiko Buramatari w’intara ya Bujumbura yari yandikiye ba musitanteri abasaba kugenzura iduzwa ry’ibiciro vy’inzoga, musitanteri wa Komine Mutimbuzi akaba yabaye uwa mbere yciye abishira mu ngiro. Muri ubwo bunywero bwugawe harimwo 3 bwo muri Zone ya Gatumba, 18 bwo muri Zone ya Rubirizi , na 6 bwo muri Zone Maramvya.
Urutonde rwose ruri ngaho munsi.
Nukubahasha kuko birumvikana
Kubahiriza itegeko nigombwa kur twese
Abandoned ba musitanteri bari mubiki kobataraba abobantu
Itegeko nitegeko nyn nukuryubahiriza
Ebana bagikoze neza cane ahubwo nubundi bubare baraburaba
None kobabwugaye ntibazosubira kubwugurura
Ebana abaguye mwikosa nukwihangana
None gusa azoba bubace amande ntibazohugara burundu
Ashaaa nukubugarira paka badandaje kugiciro kizwi na leta
None baretse kwubahiriza etegeko batabona
Nukubaca amande nampaka
None baretse kuzimba bobiki gabasha
None baretse kuzimba bobiki
None nkubu tuvugeko nubwo babugariye nibasubira kubugururira ntibazosubira kuzimba
Ahubwo babugariye gahoro erega nivyo
Nihatari sindababesha
None kukuberiki batarashika muzindi karitiye
Ashaaa rubirizi niho bugaye nyinshi bibonekeko ariho hari imborerwa nyinshi
Ebana babakoreyeko nukuri
Aho intumva ziriho ndazi bazongera aho batagirira ubwenge
None bazobiheba kuzimba ryari
Ningorane basha bazonabica
Ivyobintu ntituzi iyobizoherera kabisa
None gabasha ivyobintu bizaherera hehe baguma bazimba
None gabasha ivyobintu bizaherera hehe baguma barenga kubiciro bizwi
Ningorane basha bazonabica
Basha aho ndibaza ntibazosubira
None abarongoye isindi komine bari mubuki
Ashaaa bakoze igikorwa gikomeye
None nkaho bakwugariye kugire bugurure bigenda gute
Nihatari none babugariye kukuberiki
Gusa nabo barabarenganya nyimba ariko baba baziranguye
Ndavyibaze kwari amande nkumuriyoni basi niho batoza barazimba
Basha aho nukuri ndabishigikiye
Basha aho nukuri ndabishigikiye cane
Nahandi nukuraba bakahashika
Nibaze bagerageza bubahirize ibiciro vyashinzwe
Iyo n’inkebuzo kuba’di bose bahora babikora, nibaza ko baca bisubirako
Barangura kugiciro ciza nabo bagashaka guca baduza ibiciro kugira baronke ayari hejuru.
Turakwiye kuza tugendera kurutonde ku bintu vyose
Ibiciro vyubahirizwe mu gihugu cose.
Tuzogeza ryari kujana n’amategeko?
Ibiciro ni kirumara kubigendera
ahubwo haraho bataraza bandondere ndababwire
abo bantu nibeshi biba pe
nka carama bariba cane
ibara ryaraguye ibaze primus ya 5000fb
bagihagurukire cane ibiciro vyinzoga birazwi
baratunyonyeje nukuri
igikogwa ciza kuko nkubu mumisi mikuru ibara rigiye kugwa
iyingingo ije twarahonvye cane
ubu turabonyeko mwabihagurukiye rero ababikora baragowe cane
wewe injira unwe bakwishuje ayarenze uhamagare ababijejwe
ikirenze haribeshi bavugako babirihira ikori ivyo kuduza
ibaze rero wase kuriha amahera kubarishe kugira baduze ibiciro
baratuzanira icirekana yuko vyemewe hama bakimanike hejuru
vyoba vyiza cane
Ariko kubafungira sinibazako aricemezo ciza
umuntu afunga business yumuntu ugwo ntarukundo rurimwo
harukuntu aka kantu kaje gatevye.
nibareke twinwere twiyibagize ivyo turimwo
ariko vyase ucurinwa uko urirose
Bukebuke umuti uzoboneka kugira twinwere nkuko vyahora
erega ico bagifashe muminwe hariho vyishi vyoca bihinduka
bangara zoca zireka kwiha inkumbi pe
none bangara igugwa 2000 fb vyovahe ngonje kugura primus ya 5000fb?
nibatahure igituma saporo yihaye inkumbi
gusa bobizamwo uko kabisa ntosubira kwihereza kamwe nanje
ngangara bayiiiiiiiiiiiii
none kotwishima ngumuti uratowe kandi hali igiye kuba mbaya cane
erega tuzobura aho tuzigura
ngiye kurikubita kuko ndaziko utawokwongera kuduza
none ndabaza muzigurira iki kand zizinvye?
ndabira ico kibazo kweli?
none vyase twokoriki?
ahubwo bazobigire ni BUJA kuko nahonyene barasaze
ntakuntu ahubwo boca babaca n’amande
iyo ngingo nisawa kuko abadandaza b’inzoga bari barasaze
mwomenya ibibera ino mu gisagara naho mwokwumirwa
gusa jewe ntakibazo ndabibonamwo kuko inzara yarateye
biragoye cane abantu bose barabaye abasuma cane
none nkiyo bariko bakora ivyo baba biyumva gt?
nagira bobaca namande niho ako gatima katosubira kubazamwo
nukwiba abanyagihugu nyene
nibabuhagarike nakare bwatera akajagari kenshi
biranababaje cane
gusa boza barabahana vyoba vyiza cane
vyose ndabona bagiye kubishira kumurongo
bukebuke intambara yinyota turayitsinda
naryohewe cane niyo ngingo