Ng’ibi ivyo twomenya ku kirangamisi c’amatora ya 2025

61
CENIII

Mu Burundi, harategekanijwe amatora mu mwaka wa 2025, amatora azoba agizwe n’amatora y’abashingamateka, ay’abajenama ba komine, ay’abakenguzamateka n’ay’abakuru b’imitumba n’amakaritiye. Ayo yose akazoba guhera muri Ruheshi gushika Myandagaro 2025. Mwomenya kandi ko ku wa 2/4/2024 abashingamateka  bariko bahinyanyura itegeko rigenga amatora ryo muri 2019. Ivyo bikaba vyavuye kukugene imbibe z’intara, amakonine, amazone, imitumba n’amakaritiye vy’igihugu kuva muri 2025 bizoba vyahindutse.

Ikirangamisi c’amatora y’abashingamateka

Ku matora y’abashingamateka, ku wa 9 gushika ku wa 23/12/2024, ni kwakira amadosiye y’abashaka kwitoza hamwe n’amadosiye y’amashirahamwe y’abo mu bwoko bw’abatwa. Izo dosiye zice zigwako mu kiringo c’imisi 7 gushika ku wa 30/12/2024. Urutonde ntabanduka rw’abitoje ruzosohoka ku wa 13/01/2025. Nayo kuva ku wa 14 gushika ku wa 18/01/2025 hakazoba igikorwa co gutanga intonde mu ntara no mu makomine z’abaserukira imigambwe, inani z’imigambwe n’abahiganwa.

Ibijanye n’imyiyamamazo bizugururwa ku wa 9/5/2025 n’umukuru w’igihugu. Imisi 21 niyo izoba igize ikiringo c’imyiyamamazo, ikazotangura kuva ku wa 13/5/2025 gushika ku wa 02/06/2025, nayo amatora nyezina akazoba kuva isaha zitandatu zo mu gitondo (6h00) gushika isaha icenda (15h00) zo ku wa 5/6/2025. Mukamenya ko abazoba batowe mu bashingamateka bazotangazwa ku wa 20/6/2025.

Ibindi vyo kumenya n’uko ku matora y’abajenama ba Komine, dosiye zizokwakirwa mu kiringo c’imisi 10, abitoje bakazotangazwa ku wa 2/1/2025. Ikiringo c’imyiyamamazo ni imisi 21, bizobera imisi imwe n’ivy’abashingamateka n’amatora akazobera umusi umwe. Abazoba batowe bazotangazwa ku wa 24/6/2025 hama itegeko rigena abazoba batowe rikazosohoka ku wa 20/8/2025.

Ivyo vyose bikaba biri mu kirangamisi c’amatora cashizwe ahabona ku wa 15/10/2024, n’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora (CENI), mu nama wari watunganije n’abazofashanya muri ayo matora. Ntahorwamiye Prosper, arongoye uyo mugwi ahamagarira abakwije ibisabwa kugira bazitabire amatora yimirije. Nayo kubipfuza gusoma vyinshi kuri ico kirangamisi boraba ngaha : 

61 thoughts on “Ng’ibi ivyo twomenya ku kirangamisi c’amatora ya 2025

  1. Amahirwe masa kubazitoza ariko uwutazovugako agiye kutuzanira igitoro emwe amahirwe sikirenga ABARUNDI turageramiwe

  2. Amajwi yacu arahari hatevye kugera gusa udupapuro twitora twatanzwe ntanguvu dufise hari hakwiye aga carte ubundi bwo harabatazotora kandi bariyandikishije canke kugira ntihazogire ababura ayomahirwe bariyandikishije bazoshireho intonde umwumwe wese aho yiyandikiishirije vyofasha.

  3. Bazotubesheko bagiye kutuzanira igitoro nisukari aho bazoba batsinze nayo gutora tubirindiranye igishika.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights