Ubumwe bwa Afirika (UA) buvuga ko “burajwe inshinga” n’ukwiyonkora kwa Leta zunze ubumwe za Amerika mwishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS

31
Umukuri wa Amerika Donald Trump mu cumba citiriwe Roosevelt ca Maison Blanche, itariki ya 21 Nzero 2025, i Washington. © Jim WATSON / AFP

Iyi ngingo ya Donald Trump irateye ubwoba umugabane wa Afirika kuko ishitse uhungabanijwe n’indwara zitandukanye nk’umugera wa Marburg muri Tanzaniya na Mpox muri RDC, Uburundi na Uganda.

Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump amaze gushirwa ku butegetsi Ku wa mbere igenekerezo rya 20 Nzero 2025 yaciye ashira umukono ku ngingo z’amategeko harimw’itegeko ry’ubutegetsi ritangaza ko Leta zunze ubumwe za Amerika zisohotse mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS). Mw’itangazo ryasohowe kuwa 22 Nzero, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika (AU) ryaneguye ingingo ya Amerika, mu gihe ryavuze ko ryizigiye ko umukuru w’igihugu ca Amerika “yokwihweza kandi ingingo yiwe”. Donald Trump mwisubira kubutegetsi muri White House, avuga ko ingingo yiwe ifatiye kw’ishirahamwe OMS “ryahenze” igihugu ciwe. Ashimangira ko n’ikimenyamenya c’itandukaniro riri hagati y’amahera Amerika n’Ubushinwa batanga mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Washington ikaba ari yo itanga amahera menshi kandi ikaba ari yo ikorana na OMS. Moussa Faki Mahamat, umukuru w’igisata c’Ubumwe bw’ibihugu vy’Afrika, “yacitse inguvu akimenye itangazo rya Leta zunze ubumwe za Amerika ryo kuva muri OMS,” nk’uko bivugwa muri iryo tangazo. “Muri Afirika, Leta zunze ubumwe za Amerika zari zishigikiye mbere kandi zikomeye ugushinga Africa CDC, ikigo c’ubuhinga c’Ubumwe bwa Afirika kijejwe ivy’amagara vyihutirwa, gikorana na OMS n’ibihugu biri murico kugira ngo kimenye, gitegure congere gikinge n’ibiza”.

Gucungera amagara ya bose kw’isi yose

Moussa Faki Mahamat yavuze ati: “Uyu musi, kuruta uko vyari bimeze kera, isi yizigiye OMS kugira ngo ishitse ivyo ijejwe muvyerekeye umutekano w’amagara kw’isi yose nk’ineza rusangi.” Ubumwe bwa Afrika buripfuza ko Donald Trump asubira kwihweza neza ingingo yiwe.

Iryo tangazo ryatumye kandi n’ayandi mashirihamwe mpuzamakungu ndetse n’ibihugu bihaguruka: Ubumwe bw’Uburaya bwavuze ko “bufise amaganya” Ubushinwa nabwo bwemeza ko “uruhara rwa OMS rutegerezwa gukomezwa, ntirugoyagoye”.

Mu kuva muri uwo muryango, Leta zunze ubumwe za Amerika zizotakaza uburenganzira bwo kuronka amakuru ahambaye yerekeye indwara, nk’uko abahinga benshi bo muri Amerika babigabishije. N’ingaruka zishobora kubaho zo kutagira ubushobozi bwo kugenzura no gukingira ingorane z’amagara n’ivyaduka biva hanze.

Musomyi wacu, iyi inkuru harico woyivugako?

31 thoughts on “Ubumwe bwa Afirika (UA) buvuga ko “burajwe inshinga” n’ukwiyonkora kwa Leta zunze ubumwe za Amerika mwishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS

  1. Nimba Umukuru w’Igihugu ca America ariko yahisemwo nuko yari yihweje neza ngira ingaruka mbi canke nziza zoca zikurikira,,,,,
    Kiretse asiguye ukwo guhomba ukwariko ariko avuga??

  2. Turakwiye gukora ibishoboka kugira natwe tubeho dufise ukwidegemvya kwose erega umengo abazungu baraturanguye

  3. None jewe ndibaza uwo muryango wa Afrika UA ntiborondera ahandi hantu bakura amahera kugira ngo babandanye bashigikira OMS

  4. Jewe nzokwandikira ikete trump ndamubwire asubire muri OMS namba hoba hari umuntu afise numero yiwe ya whatsapp yoyimpa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights