Ubumwe bwa Afirika (UA) buvuga ko “burajwe inshinga” n’ukwiyonkora kwa Leta zunze ubumwe za Amerika mwishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS

Iyi ngingo ya Donald Trump irateye ubwoba umugabane wa Afirika kuko ishitse uhungabanijwe n’indwara zitandukanye nk’umugera wa Marburg muri Tanzaniya na Mpox muri RDC, Uburundi na Uganda.
Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump amaze gushirwa ku butegetsi Ku wa mbere igenekerezo rya 20 Nzero 2025 yaciye ashira umukono ku ngingo z’amategeko harimw’itegeko ry’ubutegetsi ritangaza ko Leta zunze ubumwe za Amerika zisohotse mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS). Mw’itangazo ryasohowe kuwa 22 Nzero, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika (AU) ryaneguye ingingo ya Amerika, mu gihe ryavuze ko ryizigiye ko umukuru w’igihugu ca Amerika “yokwihweza kandi ingingo yiwe”. Donald Trump mwisubira kubutegetsi muri White House, avuga ko ingingo yiwe ifatiye kw’ishirahamwe OMS “ryahenze” igihugu ciwe. Ashimangira ko n’ikimenyamenya c’itandukaniro riri hagati y’amahera Amerika n’Ubushinwa batanga mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Washington ikaba ari yo itanga amahera menshi kandi ikaba ari yo ikorana na OMS. Moussa Faki Mahamat, umukuru w’igisata c’Ubumwe bw’ibihugu vy’Afrika, “yacitse inguvu akimenye itangazo rya Leta zunze ubumwe za Amerika ryo kuva muri OMS,” nk’uko bivugwa muri iryo tangazo. “Muri Afirika, Leta zunze ubumwe za Amerika zari zishigikiye mbere kandi zikomeye ugushinga Africa CDC, ikigo c’ubuhinga c’Ubumwe bwa Afirika kijejwe ivy’amagara vyihutirwa, gikorana na OMS n’ibihugu biri murico kugira ngo kimenye, gitegure congere gikinge n’ibiza”.
Gucungera amagara ya bose kw’isi yose
Moussa Faki Mahamat yavuze ati: “Uyu musi, kuruta uko vyari bimeze kera, isi yizigiye OMS kugira ngo ishitse ivyo ijejwe muvyerekeye umutekano w’amagara kw’isi yose nk’ineza rusangi.” Ubumwe bwa Afrika buripfuza ko Donald Trump asubira kwihweza neza ingingo yiwe.
Iryo tangazo ryatumye kandi n’ayandi mashirihamwe mpuzamakungu ndetse n’ibihugu bihaguruka: Ubumwe bw’Uburaya bwavuze ko “bufise amaganya” Ubushinwa nabwo bwemeza ko “uruhara rwa OMS rutegerezwa gukomezwa, ntirugoyagoye”.
Mu kuva muri uwo muryango, Leta zunze ubumwe za Amerika zizotakaza uburenganzira bwo kuronka amakuru ahambaye yerekeye indwara, nk’uko abahinga benshi bo muri Amerika babigabishije. N’ingaruka zishobora kubaho zo kutagira ubushobozi bwo kugenzura no gukingira ingorane z’amagara n’ivyaduka biva hanze.
Musomyi wacu, iyi inkuru harico woyivugako?
None kugira afate ingingo nkirya nihatari
Trump ivyo sivyo ntivyumvikana ninkokwihenda kwikura mubandi
Nimba Umukuru w’Igihugu ca America ariko yahisemwo nuko yari yihweje neza ngira ingaruka mbi canke nziza zoca zikurikira,,,,,
Kiretse asiguye ukwo guhomba ukwariko ariko avuga??
Burya imbere yogufata ingingo Trump yariyumviriy vrmt
Yafashe ingingo ikomeye wumugabo mugabo ivyo arafise icoyabikuyeko
Ibintu nkivyo ntowobivugako vyinshi kumbure afisimpamvu yabikoze
Agomba kwica abanya Africa none bamushireko uyumunsi acafata ingongo uyomunsi nyene
Nikintu nyabaki twokwibaza kwivyo Trump yoba yariyumviriy gukora kumbure dufateko afisivyo agomba gushikako
Harabantu baja kubutwari bateguye nikibi bahita bakora none nkicokibi bakoze azobabarirwa kumana
Gusa basi natumavuga icashaka basi cokorwa kugirango iyongingo yafashe ifutwe
Jewe ndizera ko Afrika izotera imbere cane
Trump ivyo mbona ariko arahindura ibintu cane
Afrique c est mon continent nifuza iterambere ryayo kandi trump abifisemwo uruhara rukomeye cane
Sinibaza ko President Trump azokora neza Gusumba Joe biden kuko ntabwo ibind bihugu bimwiyumvamwo
Dukwiye gushigikira Trump nìwe azozana amahoro kwisi
Biratangaje cane ibintu biriko biraba kwisi mwiyi misi pe
Jewe ndafise ikibazo nama nibaza none presidents wa USA atwara Amerika canke atwara isi ?
Africa nayo yaragowe muga umugani wababandi nawo uko zivugijwe niko zitambwa
Turakwiye gukora ibishoboka kugira natwe tubeho dufise ukwidegemvya kwose erega umengo abazungu baraturanguye
Kuba mumuryango wa OMS birafasha cane ndibaza ko leta yi Washington babikoze bafise impamvu
Mbe iyo ngwara ya MPOX gushika nubu ntamuti wayo uraboneka ?
Birumvikana neza ko muri OMS ko hagiye kuba Crise kandi harimwo nabakozi bagiye kwirukanwa
None jewe ndibaza uwo muryango wa Afrika UA ntiborondera ahandi hantu bakura amahera kugira ngo babandanye bashigikira OMS
Amerika sinarinzi ko itinyitse kugeza hiyo hose
Nibapfume baja gusaba ingurane muri Union European kuko ataruko barahura ningorane zikomeye cane
Iconzi nuko nimiti kuma Pharmacie igiye kuzimba
Ndafise ubwoba bwingene iyi si izoba imeze mumyaka 5 iri imbere
Jewe nzokwandikira ikete trump ndamubwire asubire muri OMS namba hoba hari umuntu afise numero yiwe ya whatsapp yoyimpa
Kwikura mw’ishirahamwe nkiryo ntabwo biboneka neza.
Izo ngingo ntizoroshe
Kwikura muri OMS hari amahirwe menshi uba utakaje