September 8, 2024

Abantu bashika 9 baritavye Imana abandi 46 barakomereka biturutse ku muriro wadutse mu bubiko bw’ibirwanisho mu gihugu ca Tchad.

0

Abantu bashika 9 baritavye Imana abandi 46 barakomereka biturutse ku muriro wadutse mu bubiko bw’ibirwanisho mu gihugu ca Tchad.

Ico kibanza kibikwamwo ibirwanisho vy’igihugu ca Tchad cadutsemwo umuriro maze ibisasu bitangura guturagurika mu kirere biraheza vyica abantu abanda birabakomeretsa . Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Oust-France, abahasize ubuzima bashobora kwiyongera kubera ko hari abakomeretse cane bashobora kwitaba Imana umwanya n’umwanya.

Iryo bara ryabaye mw’ijoro ry’uwu wakabiri ryakeye ku wagatatu. Umukuru w’iki gihugu Muhamat Idriss Débiy Itno akaba yahumurije abanyagihugu ababwira ko botekana ko ivyabaye vyamaze gufatwa mu minwe. Yongeye ko bibabaje kandi atari iryambere ubushinguro bw’ibirwanisho bushikirwa n’iri sanganya, kubw’ivyo ngo hagiye kurabwa uburyo ata bubiko bw’ibirwanisho busubira kwubakwa hagati mu gisagara.

Mw’ijoro, ivyo bikiba, ikirere kikaba cari cuzuye umuriro uteye ubwoba uturutse kw’ituragurika ry’ ibirwanisho vyinshi bikaba vyaranyiganyije inyubakwa kugeza ku bwaguke bw’ibilometero 6 canke 7.

Abanya Tchad bakaba bahamagarirwa kuguma batekanye kandi birinde gukinisha ibisigarira vy’ibigwanisho vyoba vyarakorotse hasi mu mihingo itandukanye. Ijambo ryo kwihanganisha imiryango yabuze rikaba ryashikirijwe n’umukru w’igihugu.

Gushika ubu ntawuramenya icateye uwo muriro ariko ngo amatohoza aracakorwa kugira kimenyekane

Inkomoko: https://www.ouest-france.fr/monde/tchad/tchad-au-moins-9-morts-et-46-bless

BB NEWS ≠Justin NIYUBAHWE

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *