September 7, 2024

Aba Islam 1301 nibo bapfuye mu rugendo rwo gusenga i Maka

3

Aba Islam 1301 nibo bapfuye mu rugendo rwo gusenga i Maka

Igihugu ca Arabie Saoudite caraye gitangaje ko hapfuye aba Islam bashika 1301 mubari bagiye murugendo rwo gusenga i Maka pèlerinage.

Arabie Saoudite, ari nawo murwa mukuru w’aba Islam ahasanzwe hari umusigiti mweranda Masjid Al-Haram, caraye gitanze icegeranyo c’aba Islam basize ubuzima mu rugendo rw’amasengesho Hajj.Urwo urugendo rwama ruba ku mwaka ku mwaka ndetse akaba ari urugendo idini rya Islam rihamagarira umu Islam wese kugira mu ubuzima, aho bahurira i Maka (La Mecque) mumigirwa itandukanye.

Iki gihugu kimenyesha ko aba bantu bishwe n’ubushuhe burengeje, kikongera kandi kikamenyesha ko benshi mubahasize ubuzima batari bafise n’impusha zemewe n’amategeko zo kuja muri ico gikorane.

Ikinyamakuru co muri Arabie Saoudite SPA cashikirije ibi bikurikira:

” Birababaje, igitigiri c’abapfuye cashitse kuri 1301, muri aba ibice 83 kw’ijana (83 %) ntibari bafise impusha zibarekurira kugira Hajj. Batembereye ibirometero birebire munsi y’izuba, atakibakingira izuba canke kibafasha urugendo”

Ikindimwo;enya nuko uru rugendo Hajj rwabaye kumagenekerezo ya 14 gushika kurya 19 Ruheshi ariko igihugu ca Arabie Saoudite gushika ubu kikaba kitari bwatange ibiharuro vy’abahasize ubuzima.

3 thoughts on “Aba Islam 1301 nibo bapfuye mu rugendo rwo gusenga i Maka

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *