October 18, 2024

Caritas Kamariza icegera c’uwurongoye urunani rw’abagendana ubumuga asaba ashimitse abagendana ubumuga kwitabira rusansuma.  

0

Caritas Kamariza icegera c’uwurongoye urunani rw’abagendana ubumuga asaba ashimitse abagendana ubumuga kwitabira rusansuma.  

Urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi (UPHB) rwifadikanije n’ibiro bikuru bijejwe rusansuma, kuri uyu wa 19 Ruheshi 2024 i Bujumbura, bari batunganije ikiganiro co guhimiriza abagendana ubumuga kuzokwitabira rusasuma yimirije.

Caritas Kamariza icegera c’uwurongoye urunani rw’abagendana ubumuga yasavye abagendana ubumuga ko bokwitabira iyo rusansuma kugira hamenyekane igitigiri nyezina cabo, yongera asaba ko mu bazokora rusasuma boshiramwo abagendana ubumuga kugira n’abo basererukirwe, ndetse ngo no mu bindi bisata vyose abagendana ubumuga boserukirwa ku rugero rukwiye.

N’ayo kukijanye n’ukumenya umuntu wese ubumuga agendana ngo ntakibazo kuko impapuro bazo kwuzuza hazoba harimwo ahaja ubumuga umuntu agendana, ububoneka canke ubutaboneka.

 Ndayishimiye Nicolas arongoye ibiro bikuru vya rusansuma hamwe n’ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro (INSBU) yamenyesheje ko akamaro ko kumenya ibitigiri vy’abagendana ubumuga, yongera avuga ko ibitigiri vy’abagendana ubumuga bifasha gushiraho imigambi y’iterambere ridakumira, kumenya abiga, abakora ubuzi ndetse no kumenya ingene babayeho, n’ibindi. Agira ati: “Tudafise ivyo biharuro, Reta n’abayifasha mw’iterambere vyobagora gushiraho iyo migambi.

Yamenyesheje kandi ko muri rusasuma yo mu mwaka wa 2008, ibiharuro vyerekana ko ibice 4,5% aribo bantu bagendana ubumuga mu Burundi, ariko ibiharuro ngeraganyo vy’ibanki y’isi yose hamwe n’ikigo OMS vyerekana ko abantu 1 .275 000 kuri 8.500.000, ibice 15% aribo bagendana ubumuga mu Burundi.

 Yasozeye ahamagarira abagendana ubumuga n’abarundi bose kuzo kworohereza abazokora iyo rusasuma mu kubabwiza ukuri ivyo bazobabaza vyose, no kutazo bahisha ivyo batunze vyose.

Tukabibutsa kandi ko,

Abagendana ubumuga bategerezwa gukingirwa mukubahiriza amategeko n’amabwirizwa abakingira nk’akarorero uwugendana ubumuga ategerezwa kuja kwishure nka bandi, agahabwa akazi ku rugero rw’abandi adakumiriwe kuvyo aba ashoboye gukora. Agaheza agahabwa uburenganzira bwo kuvuga icobita mugifaransa droit d’expression.

Akongera agahabwa uburenganzira bwo kwinonora imitsi, gucagura ahashaka kuba, n’ubwo kuja kwa muganga.

Ivyo bigatuma uwugendana ubumuga abaho nk’uwundi muntu wese atagukumirwa.

Rusansuma y’abanyagihugu, uburaro, uburimyi n’ubworozi izotangura mu kwezi kwa Myandagaro gushika muri Nyakanga uyu mwaka wa 2024.

Dutahure kandi ko uwugendana ubumuga ari nk’umuntu wese, ategerezwa kwubahwa mukibano kuko uyu musi hari uwugendana ubumuga ashoboye gukora ivyo abakomeye badakora.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *