September 7, 2024

IMPUNZI ZISABA KO ZORONSWA UBURENGANZIRA BWO KUVA MU MAKAMBI

0

Impunzi zo mu Burundi zisaba ko zoronswa uburenganzira bwo gusohoka amakambi babayemwo kugira boroherwe nabo mubikorwa vyo kwiteza imbere, bagasaba Reta na UNHCR ishirahamwe ryitaho  impunzi, kugira baronswe ibibanza vyo kwororeramwo .

Nibimwe mu bibazo n’ivyipfuzo vyashikirijwe n’abaserukira abandi mu mpunzi ziri mugihugu c’Uburundi, kuri uyu wa 20 Ruheshi 2024, aho mu Uburundi bwifadikanya n’amakungu muguhimbaza umusi wahariwe impunzi, ibirori bikaba vyabereye i Bujumbura kuri uwo musi  nyene.

Muri ivyo birori, Brigitte_Mukanga_Eno arongoye ishirahamwe UNHCR, yamenyesheje ko uwo musi uhimbazwa mukwihweza ibibazo impunzi zigira muntumbero yo kwiga ico korwa, kuri ivyo,  agashimira Reta y’Uburundi yama yafashije impunzi, hakaba hariko hategurwa kandi  n’ikindi kibanza co kwakiriramwo impunzi mu ntara ya #Rutana i #Giharo.

Nk’uko vyashikirijwe na #Théophile_Ndarufatiye umunyamabanga ntayegayezwa mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati iterambere rusangi n’umutekano, ngo Reta yariyemeje gufasha impunzi, kandi ko igiye gukora ibishoboka vyose impunzi zitunganirize imigambi y’iterambere nazo zize zifashe mw’iterambere ry’igihugu.

Kubibazo vyashikirijwe na #Kabatiza_Rugemanyi arongoye impunzi ziri muri komine #Kiremba i #Ngozi, yasavye ko impunzi zovugwa co kimwe n’abarundi, bemererwe kuja mubuzi butandukanye ivy’uko mugutanga akazi basaba ko aba ari umwenegihugu babireke.

Kuri ivyo bibazo, #Théophile_Ndarufatiye umunyamabanga ntayegayezwa mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati iterambere rusangi n’umutekano yishuye ko bazobandanya babiganira mu nzego ziraba ibibazo vy’amakambi.

Uwo musi ukaba wahimbajwe kucivugo ngo: Kwifatanya n’impunzi kugira haboneke inyishu.

Déborah Ntakiyisumba @RTBB. BBNEWS

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *