October 18, 2024

Abantu basuka imicafu mu nzuzi no mu biyaga ndetse n’abafise imiringoti isesayo imicafu bikubite agashi bahagarike ivyo bikorwa kuko vuba ibihano bigiye gutangura kuri abo bose bakora ayo mabisha. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru ajejwe ibidukikije.

Nimubona Christian mu rugendo yagize rwo kuraba ibituma amazi y’ikiyaga Tanganyika atosekara, muri Zone Buyenzi, Komine Mukaza muri Meri ya Bujumbura kuri uyu wa 27 Ruheshi 2024, yamenyesheje ko amazi y’ico kiyaga acafuzwa n’ibikorwa vy’abantu ahusanga bamwe bata imicafu mu nzuzi zisesayo ndetse abandi baka rekurira imicafu iva mu tuzu twa surwumwe, mu mifurege bigaherera mu kiyaga kandi arico gitanga amazi abanyagisagara bakoresha, ari ikibanza c’iratiro ndetse kikaba gitunze ibinyabuzima vyinshi harimwo n’ivyo bafungura.

Yabandanije abasaba yongera abibutsa ko abanyagihugu baba mu Buyenzi ndetse no mu yandi ma karitiye agize igisagara ca Bujumbura bokwikubita agashi bagaheba iyo ngendo yo gusuka imicafu mu nzuzi kuko ngo mu minsi abatazo vyubahiriza bazotangura guhanwa kuko ngo igihugu carafashe ingingo zitari nke zifatiye kw’itegeko ry’amazi ryo muri 2012 ryerekana uko amazi ategerezwa gukingirwa.

Yongeye avuga ati: «Ingingo ya 142 irerekana ko abatosekaza amazi atemba canke yo mu kuzimu bahanishwa gufungwa canke ihadabu riri hagati y’ibihumbi 50 n’ibihumbi 800».

Niyonkuru Sefu, arongoye Zone ya Buyenzi yamenyesheje ko ico gikorwa ari ico kwamizako kuko cari kihasanzwe ariko ngo abanyagihugu bafise ingeso zitandukanye, kuko mu minsi iheze iyo ngendo yo guta imicafu mu nzuzi bari bayihevye bivanye n’ama nama bari bagirishijwe ariko ubu ngo vyibonekeje ko hari abakibandanya iyo ngendo mbi.

Yategetse ko kuva kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi gushika igenekerero rya 2 Mukakaro 2024, abantu bose bafise imiringoti itwara imicafu mu ruzi Ntahangwa boba bahejeje kuyirandura, kandi ko inyuma yiyo minsi bazoca bagendera impangu zegereye uruzi Ntahangwa hamwe n’impangu zihana urubibe n’umufurege munini ugabura karitiye ya 6 na 7 muri zone Buyenzi, ko uwo bazosanga atuvyubahirije  azohanwa hisunzwe amategeko.

Niyonkuru Sefu yabandanije amenyesha ko bahiriwe bahishije ko umuyobozi yabagendeye abazaniye amategeko y’ingene bahana kuko ngo kare babura ingene bohana, kuko wasanga bahana ugutandukanye. Yagize ati: «tugiye kuzoca duhasha bimwe vy’akarorero kugira uwo mugenzo mubi ntuzohave usubira».
Umwanditsi: Justin Niyubahwe

1 thought on “Inkebuzo ku bantu basuka Imicafu mu nzuzi no mu biyaga

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *