October 18, 2024

Ikigo PVDB n’iki? Gikor’iki? Gikorera hehe? Citeze kuzan’impinduka mu biki?

Ubworozi bw’inkoko, ingurube ndetse n’inkwavu ni bimwe mu bitungwa ico kigo gisanzwe gikurikirana cane muku bironsa imiti hamwe n’ibifungurwa bw’ivyo bitungwa.
Nkuko twavyiganiwe na BUKURU Désiré, Umuyobozi Mukuru wa PVDB. Aratwiganira ingene ariko arategura Formation (Ivyigwa vyo kworora inkoko) izoba igenekerezo rya 5 n’irya 6 Gitugutu 2024. Aho ashaka gusangiza abantu benshi bavuye mumihingo itandukanye y’igihugu ubumenyi bw’ingene boshobora kworora inkoko bakunguka kurugero rushimishije, kuronka ico gitungwa ndetse n’imiti yazo.
Uyo muhinga akaba amenyesha ko zimwe mu ntambamyi zituma aborozi bataronka umwimbu mwiza ngo n’uko batangura ubworozi batavuganye n’abahinga babi nonosoye bakaza kuba rondera vyayangaye, nico gituma ahamagarira aborozi bose bavyipfuza canke ababitanguye gukurikirana izo nyigisho.

9 thoughts on “Ikigo PVDB n’iki? Gikor’iki? Gikorera hehe? Citeze kuzan’impinduka mu biki?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *