October 18, 2024

Abasuma bimonogoje mu ntara ya Bujumbura-Mairie, bize, baranonosora uburyo bushasha bwo kwiba bakoresheje amabahasha benshi bita enveloppe sac. Uti bigenda gute?

Abasuma barakurereka uvuye muri banque canke baravye uko wambaye ko woba uri mushasha mu gisagara ca Bujumbura; ko woba uvuye ruguru kandi ko woba ufise inoti bakaza mu modoka ari babiri canke batatu bivugisha ko ari imodoka yo gucanga “deux mille, deux mille” winjiye ufise umuzigo bawugushirira inyuma muri capot, bakagerageza uko bishoboka kwose inyuma y’intebe ya shoferi k’umuryango.

Muteye intambwe kabiri, umushoferi aca atangura kwibaraguza ko igihe yaca muri iryo barabara hari aba porisi bariko basaka abantu bakabatwara ivyo bafise vyose kandi ko bagusanganye amafranga canke telefone baca babitwara.

Uwo bari kumwe aca atangura kwibazagiza ngo “gute twonyegeza ibintu vyacu?” aho batanguye gutyo ukwumva ubwoba baba baguhejeje. Shoferi aca avuga ko afise amabahasha bita enveloppe sac agaca abaha mwese muri mu muduga akababwira mushiremwo amafranga na terefone kandi ko muca mubinyegeza. Kubwo kuba bari bakureretse, shoferi aca ababwira ngo muzane arabe ko mwugaye neza. Umuhaye ibahasha yawe, agusubiza iyindi aba yateguye irimwo udupapuro twinshi dukataguye n’isabuni ya gifuranguwo aba yaconze nka terefone.

Mwegeye imbere kandi kuba aba azi ko yaguhushuye aca araba umuntu ari imbere agaca ababwira ko ari umwana wa boss wiwe bisaba ko amuhamagara mujane mwicaranye n’aho yoba arengeje igitigiri categerezwa kuja mu muduga, aca agusaba ko usohoka naya enveloppe yawe kugira amuhamagare yicare hagati. Upimye ngo urasohotse mu muduga aca avutura imodoka, amaso akaba abaye ayo. Uravye mwibahasha yawe urarira nk’umwana muto.

Aho uherereye hari uwo woba uzi vyashikiye?

8 thoughts on “Ubusuma bushasha bwadutse i Bujumbura

  1. Mungu wanguweeee!! Ko bikaze? Imana iziradukingira abobagizi banabi si non ndumva ntibyoroshe kuko ni system ikaze yokwiba.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *