October 18, 2024

Ni iyihe mvo nyamukuru yo guhagarika vy’imfatakibanza ihiganwa “Irebe Best Influencer Award”?

0

Inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa 15/10/2024, Linda Bushasha, umuyobozi mukuru w’iradiyo Irebe FM ari nayo isanzwe itunganya ihiganwa “Irebe Best Influencer Award” yatangaje ko hagaritse vy’agateganyo iryo higanwa kubera ikibazo c’ubuhinga. Imvo nyamukuru yatumye iryo higanwa rihagarikwa n’uko habaye ibibazo vy’ubuhinga vyiyadukije, ngo babonye bimwe mu bimenyetso vy’abagizi ba nabi mu bijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi, bafise intumbero yo kwonona ico gikorwa c’amatora.

Iryo tangazo risohotse inyuma y’aho bamwe mu bari mw’ihiganwa n’abakunzi babo bari batanguye kwidoga ko bitariko birakunda ko batora, bakikeka ko hashobora kuba hariko haraba ubusuma. 

Ubwo buyobozi bwasavye imbabazi abari mw’ihiganwa, abakunzi babo ndetse n’abarundi muri rusangi kubera bamwe batigeze bamenya ikibazo cabaye. Ikindi ngo n’uko bipfuza ko amatora aba ku mugaragaro. Bagasaba abari mw’ihiganwa bose kurema.

Musomyi nawe hari amakenga wari wagize?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *