October 18, 2024

Bujumbura : Ibura ry’igitoro rirakwiye gutuma imodokari zirenza mu gupakira?

11
Isanganya ry'imodokari

Imodokari yaguye mw'ibarabara kubera yarengeje gupakira

Mu gisagara ca Bujumbura hasigaye hibonekeza amasanganya aturuka cane cane ku ngendeshwa zisigaye zirenza mu gupakira. Ivyo vyibonekeje no mu gitondo co kuri uyu wa 16/10/2024, kw’ibarabara ryitiriwe Adolphe Nshimirimana, aho imodokari yari ipakiye ibitunguru yahenukiye mw’ibarabara inyuma yo kugendera ku muvuduko urenze no gupakira ibirenze, igihe yari ije iva mw’isoko mu Ngagara.

Isanganya ry'imodokari

Nk’uko vyaboneka ubiravye, iyo modokari yari yarengeje cane mu gupakira. Ubajije igituma bamwe bamwe basigaye bapakira ibirenze ivyo bategerezwa gutwara, bakwishura ko biterwa n’ubukene bw’igitoro, ngo baba bashaka kuraba ko ayo bakoresheje boyagaruza.

Ivyo nyene kandi biribonekeza ku modokari zunguruza abantu benshi, aho usanga imodokari imwe yapakiye abantu incuro zibiri ku bo igenewe gupakira. Bigatera impungenge ko hamwe vyoshika iyo modokari ikagira isanganya wosanga abatari bake bahaburiye ubuzima.

Musomyi nawe ubibona gute?

11 thoughts on “Bujumbura : Ibura ry’igitoro rirakwiye gutuma imodokari zirenza mu gupakira?

  1. Amasanganya arabaho ariko Burundi ikibazo c’umuvuduko kiracari agahaze cane ikindi amabarabara arimwo utunenge twishi binaturutse kukuntu amabarabara makurumakuru usanga arimake cane akanyuramwo abantu beshi nimodokari nyishi icarimwe bikaba aribimwe mubikwega impanuka

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *