Marie Louise Niyonsaba : Nahemukiwe n’uwankunda ampoye ko mfise ubwanwa
Mu Burundi ndetse no mu bindi bihugu, iyo umukobwa afise ubwanwa afatwa ugutandukanye n’abandi haba mu kibano canke ku kazi. Imwe mu ntahe twahawe na Marie Louise Niyonsaba, umwigeme asanzwe afise ubwanwa, yaratwiganiye ingene vyamugendeye amaze kubona afise ubwanwa. Ariko kimwe mu bintu vyamubabaje cane ni igihe yahemukirwa n’uwari umukunzi wiwe amuhoye ko afise ubwanwa.
Muri iyo ntahe, Marie Louisa yavuze ko yatanguye kubona afise ubwanwa hagati y’imyaka 16 na 17. Ico gihe yavyeretswe na mugenzi we w’umukobwa igihe bariko barayaga. Amaze gutora icirore akirabamwo, agasanga afise ubwanwa, yaracitse intege, kuko yisanze atandukanye n’abandi bakobwa.
Yamara uko imisi yagenda irahera, yagenda arabunyegeza, mu kugenda yunamye kugira ngo abantu ntibabubone. Ariko umusi umwe ahura n’abakurambere, baramubwira ko atogira ubwoba, ahubwo ko afise itunga. Ico gihe yararemye atangura kwumva ko nawe ari umuntu nk’abandi. Ubu avuga ko ameze neza kandi ko atagitinya abantu, arishimiye uko ameze. Ahanura abantu bibaza ko umukobwa afise ubwanwa atari umuntu nk’abandi ko bobiheba.
Bigenda gute ngo umukobwa agire ubwanwa?
Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru La Presse, ngo kugira ubwanwa ku mukobwa biterwa nico bita (hirsutisme) ivyo navyo bigatumwa n’inkabuzo ngabo ( androgènes) zo mu mubiri w’umukobwa ziba ziri ku rugero rwinshi. Ivyo navyo kenshi nivyo bituma ku mubiri w’umukobwa hazako utwoya haba nko mu maso, ku mugongo, ku matako n’ahandi. Mwomenya kandi ko ivyo bishobora guhanahanwa mu miryango (héréditaire). Ivyo nyene bishikira abakobwa, ninavyo bishobora gushikira abahungu, ugasanga bagize amabere manini kurya kw’abakobwa.
Musomyi umukobwa afise ubwanwa afatwa gute mu kibano iwanyu?
Yoooh mpore sha Louise uzuz nkurangire uwundi mu chr
Ntaco bitwaye k’umukobwa agira ubwanwa
Yoooo!!! Hubwo mubwire aduhe aka numero umukobwa afite ubwanwa ni deal!
Mpole sana uzaronka undii mukunzi
Nivyiza cane gusa narabe azomuhamagare baganire
Jewe mbona ataco ubaye
Urukundo ntiruhatirizwa
Nukuri ndashimye iyi nkuru
Bbia bibi mu gihe nyene kubuira atari yakira ariko amaze kwiyakira biba ibisanzwe gose gusa bizogenda neza.
Hazoza uwugukunda ataco arinze kuraba di Louise.
Ko unahisemwo kuvyatura waramaze kuvyakira kandi ntaco bizongera kukugira.
Ukuntu uri keza,abahungu bariho babushitse bazi ivyo baba barimo.
Bibagira ko haba nabahungu bagira amabere nuko gusa uri umkobwa bica umengo biraboneka cane.
Ubuzima buryoha iyo umuntu yitahuye kandi akiyakira uko aba ari kwose kuber antaba ariwe aba yariremye kubera ibiva hanze ntivyoguhungabanya wewe ubwawe waramaze gushiraho inkinzo.
Birashika nukuri, nukwihangana naho usanga bigoye kwakira guhemukirwa gusa yopfuma agenda kare hako yokubabaza waramaze kumwishiramwo cane .
Mu kibano nyene usanga afatwa nkumuntu adafise agaciro kubera uca umengo nikintu kitabaho babonye.
Bacya umugani mukirundi ngo”uwutazi umuti….”. Komutadushiriyeho aka numero kiwe twikorere umuti?
Ndasabye mumunsabire aka number mwoba mukoze.
Mbere jewe mbona ari umwigeme mwiza cyane! Ibyo byomukibano nibyabo kumenya hubwo kubamwegereye cyangwa bafise aka numero kiwe mwokaturonsa tukiyagira. Bro yaryohe uwo mu sista.
Mpole dikigeme nubwo nyine usanga bigoye kwakira ariko jewe mbona kwiyo photo uberewe cyane. Hubwo nuko nta musaza wanjye asigaye bose barubatse nocyiye nku connecta natwe tukironkera mumuryango umukobwa afise utwo tuboro.
Ryooooooooo!!!!! Emwe uwo muntu yatangiye kububona ko abufise yaratomboye pe! Ngira ubu ahari ni ziranotse pe! Man numugisha erega natwe dufite umuntu abufite muri famille, Emwe ibyiwe sinoronka nuko mbivuga kuko birarenze.
Ndaryohewe ko yiyakiriye Akumva ari fière nukuba abufise.
Ndaryohewe ko yiyakiriye Akumva ari fière nukuba abufise.
Man ndashaka guhura nuwo mu sister ndamwisabire urukundo.
Komera di sister! Rekana nabo bagucya intege! Imbere niheza.
Nizereko nitwahura nkarugusaba uzarumpa? Ndikuvuga urukundo!
Nibixanzwe Louise ivyo biraxanzw
Niwih amahoro my Sister
Louise ndakwikundi saana! wewe uratunze ukirata buhoro.
Bwira nzaze kugusura ryari? Ndagukumbuye uburazindasa!
Mbe Louise wari wagiye hehe?
Kunakurondeye nkabura? Emwe iyo nkubona Hakiri kare twacya twikorera umuti.
Reka sha reka nkubu wasanga ariko atubesha yifitiye umukunzi wewe idemu nkoyo yabura umukunzi! Jewe nabwire nimba atagira nikorokere mbariza Richard koyondonkera aka numero kiwe nikorokere.
Hahhhhh!!! Mbega Richard irikuvuga nuwahe? Nuwo mbona ahohejuru?
Wasanga nyine agafise aka numero kiwe! Gusa irasetsa wewe!
Gusa uwo mukobwa afise inzobe nyinshi namba ari umuzungu
sandrine jewe araryohera peee ingene akina umupira