Ihiganwa rya Miss Burundi ryashizwe mu minwe y’abikorera utwabo
Ihiganwa MissBurundi ryo gutora umwigeme w’akaranga, aciye ubwenge rigiye kugaruka, ariko rije mw’ishusho nshasha. Kuva ubu umugwi w’abantu 7 nibo bajejwe gucagura rimwe mu mashirahamwe 3 azoba yatanze amadosiye ngo asubirire SS Enterprise mu gikorwa co gutunganya iryo higanwa, nk’uko bivugwa na Jacques Bigirimana, umuyobozi mukuru w’igisata c’ubukerarugendo, hari kuri uyu wa 6 Munyonyo 2024.
Uwo mugwi ugizwe na : Cynthia Nduwayo nk’umurongozi w’uwo mugwi, uyo nawe akaba yari asanzwe akunze gutorwa mu migwi ijejwe gutanga amanota “jury” ku bigeme baba bahiganirwa urugori rwa Miss Burundi; Roland Rugero nk’icegera, asanzwe ari umuyobozi w’ikinyamakuru Magazine Jimbere; Nikiza Georges nk’umunyamabanga mukuru, yari asanzwe umuhanuzi mu bushikiranganji bw’ubudandaji.
Abandi ni nka Hosiane Irakoze, arongoye imboneshakure Siren Vibes TV yo ku rubuga Youtube, Koriciza Blaise Clovis bita “Rasko”, amenyerewe muvyo gutunganya ibirori, Bertille Bumwe, amaze guhiganwa muri Miss Burundi na Excellent Nimubona, umumenyereza “Coach” mu vy’inyifato iganisha kw’iterambere “développement personnel”.
Hari impinduka witeze muri Miss Burundi?
Na cane cane bizogenda neza kubera ahari imbono vyose birafata umurongo
Nibareke aba boss bakore akazi
Umugore Nzomukura aho nyene
nanj ndipfuza kuzoba mwiryo higanwa
turipfuza ko abatwakazi bosubira kuduha ayo mahirwe turi benshi
Umukobwa Wanje Ndifuza Ko Yoba Miss
Nditeze Kuraba uwo Bazotora vraiment
None Bazotanga amahera angana gute Kuwatsinze
Naho bompa iki sinojayo
Bazoha iki uwuzoronka ikibanza ca 2
MISS none azova muntara iyahe?
Ndabizi hazotsinda umunayarutana
Ubwiza burahera ivyo ntibidukanga
Miss 2023 nari nagiyeyo gusa ntabakobwa beza nabonye
Jewe umugore nzomukura mwiryo higanwa
Mbega Aba Star bazoza mwiryo higanwa
Nizera ko bizogenda neza
Jewe abana banje sinokwemera ko baja mwivyo bintu
turakeneye umuririmvyikazi yitoza muri MISS 2024
bazotumire aba MISS bo mu bihugu bibanyi ku munsi wo kugaragaza uwatsinze
bazotumire aba MISS bo mu bihugu bibanyi ku munsi wo kugaragaza uwatsinze
harakenewe kongerezwa uburyo kubazotsindira iryo higanwa
harakwiye kurabwa na discipline nshatse kuvuga munyambaro bambara
mwihiganwa hatangura bangahe?
Amashirahamwe arakwiye gushigikira iryo higanwa ari menshi
Uwo mukobwa ni mwiza
Uwo mukobwa ninde yoba afise numero yiwe ico ndamwibariza