February 26, 2024

BEST RADIO PRESENTER AWARD:Ihiganwa ryakataraboneka mu Burundi kubamenyeshamakuru bo kuma Radio

3
11 Vyabonye

Ihiganwa ryakataraboneka mu Burundi hamwe nishirahamwe BROADCASTING BUSINESS NEWS (BBNEWS) …..uko bukeye uko bwije haraboneka impinduka idasanzwe mubuhinga n’utugenegene mu gihugu  ; mubwitwararike ndetse no kwitanga ntangere kwabamenyeshamakuru mugisata ca Radio haba munkino ;mu mico ; muguhimbaza IMANA;ndetse no mumyidagaduro muri vyo  vyinshi tukabikesha abamenyesha makuru bo murico gisata ; ni muriyo ntumbero ishirahamwe BROADCASTING BUSINESS NEWS (BBNEWS)  ryabateguriye ihiganwa kugira ribashigikire ryongere ribatere intege.

Ihiganwa naryo rikaba ritunganijwe uku gukurikira :

-Guhera kwigenekerezo rya 2 Ruheshi gushika igenekerezo rya 19 Ruheshi hategekanijwe amatora yabashika mirongo 20 bagomwe na BBNEWS ko bitwaye neza gusumvya abandi azobera kumbuga ngurukanabumenyi kuri INSTAGRAM 50 % na WEBSITE 50 % vya BBNEWS ,

Commentaire 25%

Like (J’aime) 25%

Batanu bazorusha abandi nibo bazoba baronse amahirwe yo kuja muri Finale .

*Finale itunganijwe uku gukurikira :  Abo batanu bazoba batsinze bazokwifata aka video katarenza iminota ibiri ’’ 2minutes’’ ukavuga amazina hamwe na Radio usanzwe ukorerako.

Murayo ma video azoba yashikirijwe akaba ariyo hazovamwo ama videos zabamenyeshamakuru batatu ( 3  ) bazotahukana udushimwe ;guhera kwigenekerezo rya 2 Mukakaro niho hazomenyekana batatu bambere bongere baronswe ubuganuke bwabo.

Ama videos azoba ari murutonde rwayatorwa aho muzoyasanga ni kuri :  

-You Tube Channel ya BROADCASTING BUSINESS NEWS (BBNEWS)

Commentaire 15%

Like (J’aime) 10%

-Istragram ya BROADCASTING BUSINESS NEWS  (BBNEWS)

 Commentaire 15%

Like (J ’aime) 10%

-Webside  www.bbnewz.com

Vote 50%

Umusi wogushikirizwa utwo dushimwe akaba ari kwigenekerezo rya 2 Mukakaro uyu mwaka nyene hamwe nishirahamwe BROADCASTING BUSINESS NEWS (BBNEWS) turahimiriza abamenyesha makuru ngo aka karyo keza NTIKABACIKE.. mufise ico mwifuza kubaza mwotwandikira kuriyo nimero ya whatsapp +257 68 536 707

3 ivyiyumviro on BEST RADIO PRESENTER AWARD:Ihiganwa ryakataraboneka mu Burundi kubamenyeshamakuru bo kuma Radio

    Levis King
    May 30, 2023

    N'ikintu ciza cane gutanga encouragement Ku bamenyeshamakuru

    0
    0
    Levis King
    May 30, 2023

    Vyiza cane Ku ba journalistes, ni intambwe Ku gihugu cacu

    1
    0
    Olikingpro
    May 31, 2023

    Biratesa sana

    0
    0

Siga Iciyumviro