September 7, 2024

Igiciro c’ibiraya n’ibitunguru vyadugijwe mugisagara ca kayanza mukiringo kidashikana ukwezi

0

Muntango y’ukwezi kwa ruheshi uyu mwaka nyene ibitunguru vyahora bigurwa amafranga ibihumbi bine (4000fbu).Ariko ubu tuvagana bikaba vyaduze kurugero yaho ikiro kimwe yaba ivyera canke ibitukura kigurwa ibihumbi bitanu (5000fbu) .Amakuru ava ku badandaza bivyo bitunguru batumenyesha ko muru ruheshi 2023 ,ikiro c’ibitungu cagurwa 3000fbu kandi vyaboneka vyoroshe kandi kumwanya mwiza .

Haruhande y’ibura ry’ibitunguru ibiraya navyo vyaduze kurugero rudasanzwe

Ibiraya bita mauve bigeze ku mafranga ibihumbi bibiri (2000fbu) nayo ibiraya bita kijumbu navyo bigurwa hagati y’amafranga 1500fbu na 1600fbu ku kiro kimwe. Nayo ivyitwa victoria bikaba bigeze ku bihumbi bibibiri (2000 fbu). Bigaca vyibonekeza kuva mundwi ya mbere y’ukwezi kwa ruheshi kugerubu amafranga yiyongereyeko agera ku majana abiri n’amajana atatu (200fbu na 300fbu).

Ngo igituma nyamukuru ibiraya n’ibitunguru vyabuze ngo nuko abarimyi bijukiye kurima ibindi biterwa bahitamwo guhagarika ivy’ibiraya n’ibitunguru. Ikigira kabiri bavugako na dukeyi bari barimye twarabuze imvura ikwiye .

Tukabamenyeshako ivyo bifungurwa vyari bigwiriye mu ntara ya muramvya na kayanza.Nayo abasanzwe babifungura basaba ko hambavu yokwijukira kurima ibiterwa bikunzwe cane nk’ibigori hari hakwiye kuteragirwa ibifungurwa abanyagihugu bakenera cane nk’ibiraya, ibitoke,ibitunguru,ibijumbu n’ibindi.

Hagatumirirwa umuntu wese yaba umurimyi canke abajejwe ico gisata gutahura neza uruhara uburimyi bufise mugihugu kuko nimba hari ubutunzi igihugu c’uburundi gifise, ico gisata gifata ikibanza ca mbere.Tukabibutsa ko mirongo icenda kwijana (90%) c’abanyagihugu baba mu burundi batunzwe n’uburimyi kandi ibirimwa nyamukuru akaba ari ibigori ,imyumbati ,ibijumbu,ikawa,umuceri.

Nubwo biruko ,uburimyi mu Burundi buhura n’intambamyi nyinsi nkakarorero abantu amajana ane kukirometero kwadarato usanga bafise isi ndimwa ntoya bigatuma atamwimbu uhagije baronka. Nayo ubuhinga n’ibikoresho bigezweho hamwe n’ibura ry’umwavu w’ikizungu ; ibura ry’imbuto zirobanuye ivyo bigatuma icogisata kidaterimbere. Hambavu y’izo ntamabamyi ihindagurika ry’ibihe canecane mubihe vy’ici n’imvura nyinshi biratuma ico gisata kiba nabi.

Yamara nubwo biruko Reta y’uburundi yarahagurukiye ico gisata mugutezimbere uburumyi, umutekano w’imfungurwa hamwe nogutunganya ukungene imfungurwa zishorwa hanze hakwirikijwe amategeko. Ivyo vyakozwe mumyaka yahera ariko inguvu zigasbwa kwongerezwa cane mwico gisata.

#BBNEWS

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *