Burundi: Mu Gatumba biteguriye gute guhangana n’imyuzure?

119
gt

Muri iki gihe c’imvura, abenegihugu bo mu ntara ya Bujumbura neza na neza mu Gatumba, ahaherutse kuba imyuzurira y’amazi iturutse ku mvura nyinshi, bariko bitunganya mu buryo bwo gushira isima ku mpome ndetse no hasi kugira ngo imyuzure niyagaruka izosange hakomeye inzu zabo ntizizopfe kubomoka. Bavuga ko biteguye guhangana cane n’imyuzure. Ni mu gihe Zone Gatumba ari kamwe mu burere bukarirwa cane n’imyuzure ikomoka ku kiyaga Tanganyika no ku ruzi Rusizi.

Tugarutse ku myuzurira yaheruka kuba, yatumwe n’imvura yaguye kuva mu mpera z’umwaka uheze wa 2023 gushika mu kwezi kwa gatanu uno mwaka wa 2024. Iyo myuzure yahitanye amazu atari make, imiryango isinzi ija mu kaga. No ku ruhande rw’igisagara ca Bujumbura, amazu atari make yari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika yaratwawe. Leta yaragerageje guhungisha imiryango irenga 1.700 yari igeramiwe kurusha iyindi.

Naho biri uko, abenegihugu bamwe bamwe bo muri Zone Gatumba ntiborohewe, mu kiyago n’ikinyamakuru BBC, abenegihugu batari bake barashikirije ingene ubuzima bwabo bwifashe. Aho nyene bamwe bamwe bavuga ko ubuzima butoroshe kuva hatera iyo myuzure, agasaba abafise ubufasha kugira ico  bakoze.

Uburundi bwohangana gute n’ihindagurika ry’ibihe?

Mu nama igira 29 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe (COP29) iheruka kubera i Bakou mu gihugu ca Azerbaïdjan, iheruka gusozerwa kuri uyu wa 24/11/2024, icegera c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza yari yitabiriye iyo nama, yamenyesheje ko abonona ikirere gusumba abandi, ari ibihugu biteye imbere gusumba ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere, vyo bigifise n’aho bitera ibiti. Ivyo bihugu vyasavye ko vyofatwa mu mugongo (financement du carbone) kugira babandanye batera ibiti mu kurwanya ubugararwa no kugabanura ivyo vyuka bibi.

Amafaranga angana n’imiriyaridi 1300 y’amadorari ku mwaka, ni yo ibihugu vyo muri Afrika vyasavye ko azohora atangwa gushika mu 2030, kugira afashe guhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Mukamenya ko muri 2024, amafaranga y’imfashanyo yahawe ibihugu vyo muri Afrika angana n’imiriyaridi 116 z’amadorari. Gutanga ayo mafaranga bikaba vyari vyaratevye gushirwa mu ngiro, kuko yari gutangwa kuva mu 2020 gushika mu 2025, ariko vyatanguye mu 2022.

Mwomenya kandi ko iyo nama yari yatanguye ku wa 11/11/2024, ikitabwa n’abantu barenga 40.000 bagizwe n’amareta 198 harimwo n’abakuru b’ibihugu batandukanye, abamenyeshamakuru, abaserukira ibihugu vyabo n’abarongoye ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe.

119 thoughts on “Burundi: Mu Gatumba biteguriye gute guhangana n’imyuzure?

  1. Amazi yo mugatumba yakoze amateka kabisa jewe nibwobwambere nabonye aryamazi Imana ibafashe nibazosubire muribiryabihe

  2. Nibarabe bakomeze kwikingira ariko kandi ivoba ciza bavuye ahantu ashika amazi bakaja ahandi vyoba vuiza gusumba

  3. Amazi y’imvura ni mabi kuko no muri Bible amazi yarakoze ibara rero boraba ntibagume ahantu bazi neza ko amazi abatera kandi ibintu n’abantu bikahasigara

  4. Abantu baba mu Gatumba barageramiwe nukuri,,kandi ntanubwo binatevye ariko aka kanya harasubiye kwuzura,kandi igitwengeje kinababaje ntibagomba kuvira Agatumba,,…

  5. Gatumba amazi arababangamira cane kndi abene gihugu bagatumba ntibifuza kuvayo kuko benshi ubjronderero bwabo ari mugihugu kibanyi ca congo

  6. Jewe mpora nibaza uko babana narya mazi kweli kuko ntibanahava naho aba yasaze harabagumayo bakarindira agakama

  7. Imyuzure mu Gatumba ntizoreka kubomagura amazu kubera ko amazi afise ubushobozi budasanzwe kandi TANGANYIKA iriko yisubiriza ahubwo bokwubakirwa ahandi mukindi kibanza canke naho bagahindura”Plan de construction “.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights