Abantu bataramenyekana igitigiri barahitanywe n’igihuhusi “Chido” mw’izinga rya Mayotte
Abantu baba mw’izinga rya Mayotte barahuye n’ikiza c’igihuhusi kidasanzwe citwa “Chido”. Ico gihuhusi Chido ngo cari gifise umuvuduko w’ibirometero 200 kw’isaha (200km/h), kikaba carasambuye amazu, kironona imihora y’umuyagankuba, kiraca itumatumanako, kironona kandi n’imihora ishikana amazi mu bisagara, carahitanye abantu n’ibintu kuva ku wa gatandatu igenekerezo rya 14/12/2024.
Ubuzima mw’izinga Mayotte bumeze gute?
Izinga rya Mayotte, ni izinga riherereye mw’ibahari Indiyano (Océan Indien), rikegukira igihugu c’Ubufaransa. Iri zinga riri muri za ntara zegukira ubufaransa ziri ahatandukanye, rikaba ryagiye kwemera kumadikwa ku bufaransa mu mwaka w’2011. Mayotte rigizwe n’utuzinga duto duto dutanu rikaba hafi y’amazinga ya Madascar n’ibihugu nka Mozambique.
Mu bantu 310.022 baba muri iryo zinga, bivugwa ko boba bakomotse mu bihugu bivuga indimi z’abantu (Langues Bantoue). Iri zinga rero risanzwe riri mu bice bikenye cane vy’ubufaransa, ubu rikaba riteye ikigongwe inyuma y’uko amazu meshi abomaguritse. Mwomenya ko gushika ku musi w’ejo igenekerezo rya 16/12/2024, abantu basize ubuzima muri ico gihuhusi bataribwamenyekane.
Ubufasha butari buke bukaba buriko buratangwa, ndetse hakaba hategekanijwe n’ikigandaro. Mu makuru atangwa n’ikinyamakuru CNN na France 24, bivuga ko igihuhusi nk’ico hari haciye imyaka 90 kitibonekeje muri ako karere. Bakemeza ko zimwe mu mvo zatumye Chido kiba igihuhusi gikaze, ari ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ubushuhe bw’amazi y’ibahari bwaduze cane.
Abimukira baharurwa hagati y’100.000 na 200.000 bari bamenyeshejwe ivy’ico kiza imbere y’uko ico gihuhusi gishika, ngo bahungire mu bibanza vyari vyateguwe vyo guhungiramwo, ariko abimukira bakaba baratinye kujayo kuko ata vyangombwa bafise, ngo bibazako ari umutego batezwe kugira babafate.
Ebana ndumva barahuye nikibazo
ivyo bintu birateye ikigongwe cane
imana ibafashe cane gose vraiment
ni mu mpera zumwaka aho abantu bapfa kubwishi rero ntibibatangaze
imana ihe kwihangana ababuze pee
birababaje disii
imana ihe kwihangana ababuze
none reta yubufaransa yiteguye gukora iki nko guhoza ababuze
asha birababaje cane ivyo bintu
abantu baraheze bapfa bose kabisa
birateye ikigongwe cane
aho ndibaza harapfuye abantu benshi
nko ngaho nkurikije ukwo nabibonye ntabantu bashika kuri 100000 basigaye
imana ishumbushe cane ababuze ababo
impera zumwaka hama hapfa abantu benshi giturumbuka
imana ikomeze kurinda abasigaye
none izinga ryose ryaratwawe??
turabasavye muzotumenyeshe abahitanywe nico gihuhusi bose
nizere ko RETA yubufaransa harico izokora kubabuze
kwiyisi hari imiruho myinshi kabisa
asha igihugu cacu imana yaraturinze amasanganya nkayo pee
birababaje cane kwumva kweri
abahinga barakwiye gukora amatohoza bakamenya ikintu ivyo bintu bivako
imana ibahe kwihangana gose
ivyo bintu birakwiye kuza biramenywa avant comme ca umuntu aronke ubuhungiro
ivyo bintu ko biteye ubwoba cane mana weee
imana ikomeze kurinda abasigaye
twe abino muribi bihugu vyacu umukama ashimwe kuko ivyo bintu ntivyigera bidushikira
none ngaho harabantu basigaye ko bari bake cane
gusa kari gasanzwe ari nagahugu gakenye kweri
none bigende gute ga shahuu nukwihangana nyene kabisa
ibintu nkivyo vyaheruka kera cane kabisa
birateye ikigongwe kabisa
yooo nubugesera vraiment
RETA yubufaransa nirabe igire ico ikoze kuko abo bantu barababaye
imana mushobora vyose nihe kwihangana ababuze
igihuhusi mwenico caheruka kubaho kera cane
ivyo bintu birateye ubwoba cane gose kweri
tuzohava dusanga no mu burundi carashitseyo kweri
ivyo bintu vyari vyaravuzwe kweri
igitigiri cabitavye Imana kizomenyekana ryari?
none ivyo bintu nibiki ko vyabaye vyinshi
oya imana izobaha kwihangana kweri
nkivyo bintu none biguma biba umuntu yobisigura gute ??
ahaa nibihangane ntakundi bogira
ivyo bintu ntivyumvikana ukuntu abantu baguma bahera bapfa
none iryo zinga MAYOTTE ryatwarwa mubufaransa nyene?
Igihugu cubufaransa twizereko abacitse kwicumu izobashumbusha
birababaje kwumva ibintu nkivyo pee
igihugu cubufaransa citeguye guhozaz ababuze gute??
turahojeje ababuze bakomeze kwihangana
nikwihangana nyene ntakundi kabisa
none Président w’ubufaransa abivugako iki?
ndahojeje bimwe bivuye kumutima imiryango yabuze
ivyo bintu sinibaza ko vyoba arivyo kweri
asha nihatari vraiment abantu baraheze bapfa
ndibaza ngira ico gisagara bazoca bacubaka neza
igihugu kirahomvye abantu kweri
none nkivyo bintu biva kuki??
igihugu cubufaransa nikirabe gikore aka geste kubantu babuze ababo
Umukama niwe azi ibikwiriye abasavyi biwe
turabahojeje pee ikintu cose kiba kumugambi w’Imana
none ivyo bintu ntimuzi ko vyama biba mu mpera yumwaka
nibakomeze kwihangana ntakundi niko bimera
nibihangane Imana izobashumbusha
none kwabantu baheze tuzosigara gute kw’isi
nibarabe ahubwo babavane aho hantu hakiri kare atabindi birononekara
harakantu iyo biba mu bufaransa ngira abantu bari guhera bose
gusa ngira nta benshi bapfuye sinon vyoba bibabaje cane
Uhoraho akomeze kwihanganisha ababuze
bakomeze kwihangana bizogenda neza
nibintu bibabaje mais nukwihangana
ivyo bintu birabishe kwumva canee
ivyo bintu ngira ntibizosubira
turabihanganishije cane
ivyiy’isi ningorane gusa
nibarabe rero babahe iyo baba hameze neza
asha ndabona birababaje cane gosee
ivyo bintu burya sinumvise ngo vyari vyaravuzwe?
birateye ikigongwe gusa ntakundi vyari kumera
ico gihuhusi camaze umwanya ungana gute none ?
nkivyo bibaye mu BURUNDI ngira ntanumwe yosigara kweri
dusenge Imana ivyo ntibizigere biba hano mu gihugu cacu
nibihangane kabisa isi nuko nyene imeze
nakumiro vraiment birateye agahinda
nje ngaho simfise nico novuga ataruko vyambabaje cane
gusa muruyu mwaka hapfuye abantu benshi cane kabisa
ivyo bintu ko bimbabaje canee
Imana irababona kandi ntiyobata bonyene
amatohoza aracaba none kugira bamenye igitigiri cabitavye Imana
igihugu cabo twizere yuko kiticaye ukwo gusa
uyu mwaka ntuzodusiga turibazima pee
none iryo zinga rirasangiye umu président nubufaransa?
umuntu ngira azoba yacitse kwicumu azoshima Imana pee
Iryo nihindagurika ryibihe vyama vyabaye