Ng’ibi ibintu 5 nyamukuru vyavuzwe mu kiganiro c’umukuru w’igihugu n’abenegihugu?
Kuri uyu wa 27-12-2024 hatunganijwe ikiganiro c’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye n’abenegihugu. Ico kiyago cabereye mu gisagara ca Bujumbura, kw’ishure ryisumbuye ry’itiriwe Sceppers. Ico kiganiro caranzwe n’ibibazo bijanye n’ubutunzi, imibano n’ayandi makungu hamwe n’ibindi. Bimwe mu bibazo 5nyamukuru ni ikijanye n’ikena ry’igitoro, ubutare, igiturire, iduzwa ry’ibiciro n’ibindi. Ico kiyago catanguye isaha 3 zo mu gatondo kirangira isaha 8 zirenga gato.
Reta siyo igura igitoro ahubwo ijejwe kugicungera
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye yavuze ko ikibazo c’igitoro ari ic’abarundi bose, ngo Reta siyo igura igitoro ahubwo yoyo ijejwe kugicungera. Umukuru w’igihugu kandi yemeza ko hari ubwato yari yavuze ko buriko buraza mu Burundi mu kwezi kwa 6 ariko ngo bahavuye bavuga ko buzoshika mu kwezi kwa 8. Aha nyene ngo kubera hari abatipfuza iterambere, ubwato ntibwashitse. Bivuze ko intambara Uburundi burimwo atari iyo inkoho ahubwo ari iy’amahera.
Rero ngo igihugu c’Uburundi kirimwo abiyorobetsi benshi, hamwe n’abandi baguma bashaka kurya gusa badakoze. Abo nabo bakaba ari nabo nyene bavuga ngo : “Mbega ubu bukene tuzobuvamwo gute?”. Ariko yashimangiye ko hako ikibazo c’Ubutunzi comunanira yotuma apfa, nk’uko yabishikirije igihe ibanki nkuru y’igihugu (BRB) yahimbaza imyaka 60 imaze ibayeho.
Gabriel Rufyiri : “Biragoye ko Uburundi buva mu kibazo c’ubutunzi kubera umwina n’umunoho w’abasuku”
Gabriel Ruryiri arongoye ishirahamwe rijejwe kurwanya igiturire (OLUCOME) yashikirije uko abibona ku bijanye n’ikibazo c’ubutunzi Uburundi burimwo. Yatanguye ashikiriza ko mu ngingo ya 69 y’ibwirizwa nshingiro harimwo agace kavuga ko itunga ry’igihugu ari ntakomwakomwa, kandi ata muntu afise uburenganzira bwo kuryonona. Yavuze ko umunoho n’umwina w’abarongozi ariwo uzingamitse ubutunzi bw’Uburundi.
Ikindi yavuze n’uko umugwi w’abahinga (commissions d’experts) ku bibazo bimwe bimwe bigize ibisata bitandukanye bakwiye gukorana bagatangaza imbere y’abenegihugu ivyo babonye bokorerako, bakabishikiriza inzego zibijejwe, bagatanga inyishu imbere y’abenegihugu, gutyo hagatorwa umuco w’ibibazo bihari.
Umukuru w’igihugu mu kumwunganira yavuze ko abarundi benshi cane cane abarongozi baguma bashaka guhembwa gusa, ngo umengo bose ni abacangero. Yatanze akarorero k’ikigo OTB kiri mu bibazo bidasanzwe, akaba yasavye ko abarundi bojijuka bagakora kugira ngo amahera y’agaciro aboneke.
Umukuru w’ishirahamwe NTABARIZA yasavye umukuru w’igihugu gushiraho indongozi zumva, zitanyonora
Jean Marie asanzwe arongoye ishirahamwe NTABARIZA riraba atageka k’abanyoro, avuga ko ivyo umukuru w’igihugu avuga bikwiye kuva mu mashi maze bikaja mu migere. Afatira ku karorero avuga ibintu maze hakaba abandi baca bica amatwi hakubishira mu ngiro, asaba ko abo bantu bahagarikwa. Umukuru w’igihugu aciye amusaba gutanga urutonde rw’abo bakoze nabi, ace abahana.
Ikintu kijanye no gupfunga abantu ndetse no kurekura abanyororo, Jean Marie avuga ko hari umugwi washizweho ngo urekure abo banyororo mugabo hakaba hariho abatarekuwe. Yavuze ko bari bakwiye kubaza abajejwe ubutungane ko bibaza amahera Uburundi buhomba iyo abanyororo bariko barya badakora kandi bari kuja kwongereza inguvu mu guteza imbere igihugu.
Ibrahim Uwizeye : Ibice 20% vy’ubutare ni amafaranga Reta izobanza kuronka imbere y’uko bushorwa
Inyuma yaho umumenyeshamakuru abajije umukuru w’igihugu ikibazo kijanye na bwa butare bwo mu Kirundo, umukuru w’igihugu yaciye asaba umushikiranganji w’ubutare n’agataka gutanga umuco, nawe aca avuga ko ibijanye n’ubwo butare, birya bice 20% vyavugwa, ari amafaranga Reta izobanza kuronka imbere y’uko bushorwa nayo ibice 80 kw’ijana ni ukwiga uko bazoyagabura na Sotrevo izobwimba, habanje kuvamwo amahera yakoze inyuma yo kugurisha.
Ibisigaye navyo ngo bobarindira umwaka ugahera bagaheza bakabaza ingene vyagenze, ndazi bazoshima ivyakozwe.
Blaise Ibonime : “Turafise umuti ku kibazo c’igitoro ku barundi, ariko bizovana n’ugushaka kw’abategetsi b’abarundi”
Umugwizatunga akomoka mu gihugu ca Congo, Blaise Ibonime, akaba arongoye ishirahamwe ryo muri Afrika y’Epfo ridandaza ibitoro. Yavuze ko afise inyishu ku kibazo c’igitoro, igihe yari amaze kumenya ibibazo vyogushikana igitoro mu Burundi kivuye muri Tanzania, ngo yaciye ashira umukono ku masezerano n’ishirahamwe ry’abashinwa SINOTRAC kugira babahe ibikamyo 150 kugira babashikanire ico gitoro aha mu Burundi.
Ariko kandi yavuze ko bivana n’ubushake bw’indongozi. Ngo kuva ashitse mu Burundi ku va ku wa 14/11/2024, avuga ko yari yamaze gutegura ubwato bw’igitoro bwo ku kivuko ca Luanda muri Angola bwuzuye amaritiro 30.000 y’igitoro co mu bwoko bwa essence.
Bavuganye na SOPEBU ko bomuriha ibice 40% bigizwe na 20% mu madorare hamwe na 20% mu mafaranga y’amarundi. Ibice 60% bisigaye bakazoyaturiha mu mezi atatu akurikira. Umukuru w’igihugu akaba yasavye ababijejwe ko bokurikirana iyo dosiye ngo inyaruke bigende neza.
Imisi 15 niyo yahawe ubushikiranganji bw’ubudandaji ngo bube bwashinze ibiciro ku kintu cose
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye umushikiranganji w’ubudandaji , amahinguriro, gutwara abantu n’ibintu kugira ngo abe yatunganije ibijanye n’ibiciro. Evariste Ndayishimiye yavuze ko bitumvikana ukugene umudandaza wese yishingira ibiciro uko ashaka, aca avuga ko nimba batavyemeye ubwo bushikiranganji azoca abufuta hama avyikorere.
Gabriel Rufyiri : Nta gihugu na kimwe gishobora gutera imbere hakiri ibiturire
Gabriel Rufyiri aserukira ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya abarya ibiturire n’abonona itunga ry’igihugu yishimikije ingingo y’ibwirizwa shingiro ya 69 yavuze ko itunga ry’igihugu ari ntakomwakomwa kandi ata muntu n’umwe afise uburenganzira bwo kuryonona. Umurundi wese atanumwe avuyemwo ahamagariwe kurikingira. Umukuru w’igihugu c’Uburundi ahamagarira abarundi bose kugira kirazira itunga ry’igihugu mu kwirinda kwonona itunga ry’igihugu.
Nayo indongozi zonona igihugu ngo nizo zikwiye gutabwa mw’ibohero kuko nta gihugu na kimwe gishobora gutera imbere hakiri abarya ibiturire. Evariste Ndayishimiye amenyesha ko umurundi wese ategerezwa kwerekana abo baconona, nayo ngo abonona ubutunzi bw’igihugu n’abarundi bose basabwa gukora kugira umwimbu uboneke.
Umukuru w’igihugu yatanze imisi 100 ku barongozi yo gutegura ico bazomarira abenegihugu
Imisi 100 y’umwimenyerezo niyo yahawe abarongoye ibisata bitandukanye ngo bazobe bamaze guheza gutegura ivyo bazorangurira abenegihugu. Mu gihe umukuru w’igihugu yosanga muri iyo misi atavyo afise ku gicapo, azoca amukura kuko azoba abona ko ari uwo kurya gusa ataco ashoboye.
Umwaka wa 2025 ni umwaka w’umunyamwete
Mu gusozera ikiganiro n’abenegihugu kiriko kibera kuri scheppers, umukuru w’’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye yavuze ko umwaka wa 2025 azoba ari umwaka w’umunyamwete. Ngo nta murundi n’umwe yobura ico ashora, ngo n’umutwe (ubwenge) wowushora.
Avuga kandi ko agiye kurwanya amarigara n’abanebwe, kuko ngo abo birigwa bicaye nibo batera ubukene. Ingeso za kera zitegerezwa guherana n’uyu mwaka. Akaba yarangije avuga ko ibigeragezo bitazobura kuza ariko hagowe umuntu azobizana.
Yabwiye abagwizatunga kwirinda urudandazwa rwo mu kinywabi, no kutariha ikori, akavuga ko abatariha ikori bazoshirwa imbere y’intahe hama bagurishe ivyo adandaza. Yavuze ko uwuzoherana ikori azoba aheraniye igihugu, kandi Reta ifise uburenganzira bwose bwo kubishuza. Yavuze ko igihe c’imikino yaheze, abazogumura abenegihugu nabo azobagwanya kuko arashigikiwe n’abenegihugu.
Mwakiriye gute iyi nkuru?
Ikikiyago niciza nukuri ese vyoja mungiro
ntubabura ivyobireguza
yabivuze kwata gitoro kizosubira kuboneka
batunganje inama ikenewe
ego bakuze inampa nziza mugabo ntacavuyemwo
abo turabvamenyeye cane
murimake yavuzati ntihagire ikintu kijanye nigitoro bazosubira kumubaza
biragoye kubizera kuko imisi ibaye myishi cane
leta ntijejwe kuzana igitoro ahubwo irabicungera
bareke kuduha ivyizere vyubusa kuko vyose babivuze kera ariko ntaco bahinduye
none leta atariyo isizemwo inguvu kugira ngo turonke ibitoro bizoca bivahehe
umuvyeyi wacu dukunda
politic yuburundi irashaje
asha kunama yabaye ntakintu cakamaro cavuyemwo
mubintu babajije yavyishuye vyose neza
ikibazo aho kiri nihamwe bemera vyishi badakora
ivyaha iburundi iwacu biragoye
basha ndumva kugire tuzatere imbere bizoturusha
nukuri politique numwuga wububeshi pe
Dusengere uburundi nukuri
ivyo bintu vyavuzwe vyose hamwe vyokurikizwa vyoba ari sawa
aaaa oke yabivuze kovyose biva kubategetsi
ko hariho abadashaka iteramberenone kuko mutobadukurako kandi arimwe mubushoboye
iki gihugu cacu biragoye ko gitera imbere hakiri akageso ko kunyonora
none basi nyimba vyarabananiye kutuanira ibitoro nibabihe uwigenga
nibareke kuduhenda sha
turashimiye abaduserukiye neza bose mu kiganiro
jewe ivyikigihe bimaze imisi binancanga
abo bategetsi batuma tutaronka ibitoro nibabakure batuzanire abndi babishoboye
harumuntu yamboneye inzoga kumusi mukuru
nukwiyakira kubijanye na esase
ahubwo bagerageza gutuma ibintu bibura hama bigaca biza bizinvye
basha numukuru wacu aratanguye kuvyikurako vyabintu
Nabonye bafata abaduza ibiciro nkagirango zizoboneka
Barateguye cane
none kubiha abigenga babituzanire haburiki
Bisabako dusenga cane
twarinjiranwe nukuri
none yabikuye kuri reta nogsiyo ijejwe kubizana tuvugeko bizozana bande
Abasuma nibeshi kandi niterambere rizotugora cane
Ntakuntu ukwezi kwambere kwohera abo basi bigihugu batuye kwizosi.?
nukuri jewe uwompa ubushobozi ntambabazi nankeya kurabo pe
Aho nawe ntiwomera nkabo?
Ikibabaje baduhenda ngo uburundi bazobugira Dubai
Nukuri birarenze cane ukuntu baguma baduhenda
ntmwaka numwe utari uwumunyamwete
Amatora arageze nibatabakuraho urubanza ruzica
Ubu intambara yinza turimwo mubona bizohererahe?
Ibara ryaraguye pe
Nukuri nibaze barareka gukinisha igihugu cacu
none kukuberiki atari leta igura igitoro
Ninde yabakwiyeko uburundi arikibuga ?
Bumveko bari kukanyuma kuko turarushe
Bumveko amatora ageze tuzobahemba ibi badukora
igitoro kizoboneka biciye kure
Nibagarukane umutima wugukunda igihugu basi
Abo ntibigeze bagikunda
Abo ntibigeze bagikunda
Nabagambanyi nukuri
twaratombeye Umukuru wigihugu adukunda kand akunda igihugu nayahandi hoho vyopfa gose
ubu ibijanye nigitoro nugusenga imana gusa
Imana izobabaza vyshi cane bavyumve
BUrundi simba imanga
Facebook
Facebook
Facebook
Emweee ,
Reka turindire !
Ariko birababaje , nibo bafise imitahe , abashikirangaji , abakenguzamateka, abashingamateka ,intwazangabo mugipolisi no mugisirikare nibashire imitahe muburimyi no mubwirozi bareke kuba ibinebwe bicarika amahera munyuma wamwimbu muto wumwenegihugu bagasubira kuwumugurira wose ngo bikunde bawuryeko inyungu kandi Ari intica ntikize mumafaranga bamwivye mwikori balutojeje ashoye nyamwimbu nyene!
Muribinebwe mwebwe abantu bo hejuru,
Kenya uwitwa ngo ni umunyapolitike niwe afata iyambere mukurwiza umwimbu ,
Ariko tweho iwacu muduha numbuto zapfuye ngo bikunde igihugu mugihuhure ,
God is watching yo
Ntab ar iterabwob gusa!
Ivyo yabivuz kugira yeze agatima abantu,ubundi bwo arabizi ko bidakunda ikibitera arakizi
Mana ndagusavye imvugo ijan ibikorwa
Impossible in our Country
Nibazako ubw bushikranganj bur muri congé🤣
Nibabishire mumbonakazoza tubirindire nkibindi
Ivy bizoherera ahonyen
Nn ko n abana bivye amavoka y ishure bigako bahanywe atacamira , Kandi tukaba tubon umunyagihug afatanywe ico mwita magendo ahanwa ikibiriraho, bigenda gute ngo uwib ubutaka bw igihugu abucikane kand arimw mwamuhay isoko?
S.E mu ntango z’ikiganiro yaratubwiye ngo uyu musi turabona ibidasanzwe. Nagumye nkurikirana nibaza KO ahava yerekana abariye yama milliards yama avuga cank KO haza kuba Abo akura mu mabanga.
Arko ibidasanzwe nabonye ni RUFYIRI yahora avuza urwamo imbere yama média avuga kuri Reta ariko mu kiganiro yavuze ku banyagihugu.
Kugwanya igiturire sigikorwa cabanyagihugu abaribo bose. Iyo ibintu bigenda nabi mugihugu haba hari inzego zibijejwe zafashe iyindi ngendo yugukunda amaronko caaane. Ibitera ubukene mugihugu nakarwi gatoya kabategetsi.
Bitwara nk’isiha
Iyo hari uburongozi bubi bwikunda bufata igihugu nkitongo ryabo igihugu ntigitera imbere nagato.
Uburundi ni igihugu kironse umurongozi agiteza imbere bitotwara nimyaka itatu.
Ariko uburundi cokimwe n’ibindi bihugu vyishi vya afrika bifise abarongozi bafise inzara ninzigo
Wombwira gute ko ubutare bwimbwa bukahera atanurumeya rutoboye rwinjiye mukigega cigihugu, wombwira gute ko nikel yi musongati yimbwa ikahera babesha ngo bari muvyubupima.
Umunyagihugu yomenya gute kugira avyiyamirize ko abasoda barungikwa muri mision zitandukanye nko muri congo,nahandi bibwa amahera bagenewe hama bakabafasha kuvyiyamiriza, hari ibibazo vyishi mu gihugu utovuga ngo hakenewe uruhara rwabanyagihugu kugira bihere.
MENYANEZA : umunyagihugu inguvu ziwe zambere nuguhindura ubutegetsi biciye mumatora
“turiko turahonya igihugu, kandi umusi catemvye, kizoduhitana twese.” Murakoze
muburundi dukunda luxe cane yaba twese twotahuye ko kugura ibintu bizimvye cane tuba turiko dusanzaza amadorar make dusanzwe dufise twogabanij luxe( ndazi beshi baca bavuga ngo n’ububono) mes brothers luxe turafise aho yova Atari mukugura ibiduga bisaba amadolar meshi mbere bigaca binwa n’igitoro cishi
Ahantu vyapfiriye mugihugu C’Uburundi nta demokarasi ihari❌❌❌ tuyumva kumatwi gusa
Ninde azokiza U BURUNDI??
imiriyaridi54 zarariwe kandi abayariye Ubu bari mugihugu bidegemvya
None abashoye izotoni zubutare ntimubabona nimubafate bayazane turonke ibitoro nibintu bizimbuke
Atabutungane bwigenga, atamategeko mugihugu, hakiriho ka mpinga yanje mubutungane ntabwo bishoboka kurwanya igiturire ntaterambere mugihugu rero ubutungane bupfiriye hejuru burya umuti urahari pe vyofata inzira tureka guhendana abarundi turazinanye
Kumenga Rufyiri abivuga baramukarira? Mutoya w abivuz yohava agira ingorane
Baragomba babugurishe icamunara umuntu azobah uko yobayeh
Uburundi ni uko arigihugu kitagira ubutungane
Ubutungane ndets nibindi vyos biri under yumugambwe
Nico gituma arukwiyakira
None umukuru w’ubutungane (magistrat supreme), n’umukuru w’igisirikare n’igipolisi(commandant supreme) ni nde? Aka gakino ko kuronderera umuhoro mu kwaha je hari aho kanyicisha agatwengo kabisa!
Ahubw mukwiy kugira nkakury ko mu bushinwa uwunyuruje itung ryigihug acanyongwa je nihonobona kwibintu vyosubir mubury kabisa Arik sinz kovyobakundira
Ubukozi bw’ikibi n’amanyama, n’akarenganyo abatwara amaparake bafise birarenze!!!!!!! Uwuhageze aca yigira aka mana, mbere ntaniyumvira ko yaremwe mw’ivu nka jewe!!!! Umenga ni kibirengeye, umengo ntazonapfa! Birababaje!
Uwo muntu yavuz ukuri iwacu ntabutungane buhari hari ubucamanza gusa. Ivyo yashikirij birakwiy gukorerwako nukuri.
Iryo Jambo Ni ryiza nimba bazobishira mu ngiro
Ntacananiranye vyose bisaba umwanya
Mchezo wa ndani ikibazo kiri kuriwe,natange amatara,igitoro,umwavu,….tureke gutigitira aho turi nkumuvuba.Tjrs Turasefu
Ahubwo kubwanje mbona hotangwa inyigisho zugukunda igihugu
Noneho bakigize ikibuga nukuri
Nibadukurireho abo basuma twubake igihugu
Komera ndongozi nziza yacu,mukwama mutwibutsa ibikorwa vyotuma twiberaho neza!!
Ibiriko biba kugihugu cacu biteye isoni nkigihugu cihaye ihangiro
Nukuri birarenze urugero. Nkibiraya twirimira ngo 3500/kg, umuceri, ibiharage, tomates vyose bagwije nagatatu ministère du commerce nitange ibiciro ntarengwa bafatanye nabatwara ama communes, chefs des quartiers gushika kuri banyumbakumi bubahirize ibiciro bizoba vyatanzwe, uwutavyubahirije ahanwe namategeko.
Gusa twishime cane nukuri yoba tudafise umukuru wigihugu agikunda uburundi ruba gwitaha
Mubisanzwe hakiri abagura Idorare kuri marche noire rizimvye, hakaba abarikura muri BRB rizimbutse,biracagoye ivyibiciro
Imana imuhe kuramba cane
Nawe arabarembeje nukuri uzanye ubujiji uba ugiye
Basi mfasha dukome amashi kuvyo yashikirije
kubivuga nikimwe kubikosora nikindi.!!!!!
Nukuiri abura abamusha kuko aritanga cane
Nakomereze aho nukuri
Mubona gute tumuretse akitwarira ibihe bidashira
Ico nticokunda reka
Jewe keshi ikimbabaza nukuntu barema ububi mugwaruka
None tuganahe?
Aho tugana ni habi cane nukuri hatagize igikogwa
Bumveko ubutegetse atarakazi aribanga.
Birababaje kubona abo watoye aribo baguhanga
Nintambara yamasasu twarayikize naba bazogisiga
Imana izobabaza vyishi
izi nzego zacu zirakwiye guhindurwa kugira ibintu bigende neza
Barahemuka cane aribo twari twizeye
Nibarabe bagabanye ibiciro nisawa
Nibahashe abarya ibiturire
Nibacukure ubutare kugira igihugu gikomeze gutera imbere
Iryo shirahamwe zisocukuru ubutare nirya hehe?
Ntawuzi iyejo tuzoba turi gusa bumveko bazobibazwa
Harakwiye ko imvugo ijana n’ingiro
Harakwiye ko imvugo ijana n’ingiro
Iyaba ivyo umukuru w’igihugi avuze ababijejwe baca babikora tuba turiko twegereza imbonakazoza y’igihugu.
Nivyiza ko ikibazo c’ubutunzi kigiye gukemuka.
Twisunze ivyo umukuru w’igihugu c’uburundi yavuze tugiye gusatira imbonakazoza y’igihugu ya 2040 na 2060
Ibiganiro nkivyo birakwiye kuba kenshi gashoboka.
Biragoye kumvako igihugu kizopfa giteyimbere ivyo tubifate nkindoto
Ibivugwa ivyotwumva nivyo tubona murivyo vyose ntamuco turabona vyiza rero nugutegamatwi gusa ntakindi kuko murivyovyose ntagishasha turiko turabona ubu
Nivyambere vyaranse honyene nukuvugako twebwe abanyagihugu twarushe nibavyumve
Abarundi Twese turifuza iterambera kandi nizera ko indongozi nabo babifisemwo uruhara rukomeye cane
Jewe ndifuza kubona igihugu canje kigeze kurundi rwego kandi gikomeye cane
Ibiturire nikintu kibi cane kand ntaho igihugu coshika hakiri abantu bagifise ako kageso kabi dusengere igihugu cacu kugira dutere imbere
Dukore kandi twongere dukore cane kugira twiteze imbere
Burya igitoro kirakenewe cane
Turakwiye gukora numwete mwishi cane kugira duteze imbere igihugu cacu
Igitoro kirakenewe cane mwiyi misi kuko ahantu hatari igitoro ibintu byinshi birangirika
Burya butare nibabuhe agaciro kandi babwiteho bizotugirira akamaro cane
Nugukora cane ninguvu nyinshi Tugashikana igihugu cacu kure cane
Ariko aze aranibuka akantu yigeze kuvuga k’umuntu atwenga ababaye.Mubisanzwe abarundi uko Imana yaduhezagiye iyo Uzi neza Ko umuntu murikumwe ataco ahava agufasha mubibazo vyawe,ntiwigera umwereka KO hari ikitagenda neza kuri wew
Erega burya ubiravye neza umuntu yakubiswe neza n’inzara uzorabe uzosanga mumaso asayangana,iminkanyari yaje,amaso arerembuza hejuru😀😀👌
N’ibinyamakuru birakwiye kuraba ibintu vyandika kwl,aha muba mushaka guta umuntu mwisanganyaa.
Yavuze vyo vrt turayagaga Imana yaraduhezagiy ntaco twogaya. Ndagukunda nyakubahwa umufana waba jeune
BBNEWZ namwe ijambo ni rwanyu Aho muherereye mubona abantu batagase ??uko mubibona nanje nuko ndabibona 🙏🙏🙏🙏
Président ndamukundira ico nyene
Iyuhaze ububonako n’abandi bahaze 😂 Iyushonje naho nihubonako nabandi KO kanyanyaye 😂 nizereko ntarara mumpimba kumusaga 😂😂😂