Azerbaijan : Abantu barenga 30 baraye bahitanywe n’isanganya ry’indege

112
ssss

Indege yo mu gihugu ca Azerbaijan nomero J2-8243 , yari igiye i Grozny mu Burusiya yagize isanganya hapfa abantu barenga 30. Ikaba yari itwaye abantu bagera kuri 70, yagize iryo sanganya, aho bivugwa ko yoba yasekanye n’ikiguri c’inyoni imbere yo kugwa, ariko ivyo ntibiremezwa neza. Hari nk’igihe c’isaha  icenda z’ijoro n’iminota 55 kw’isaha mpuzamakungu (03:55 GMT) kuri uyu wa gatatu.

Azerbaijan Airlines to Expand its Boeing 787 Dreamliner Fleet, Signs Memorandum of Understanding to Purchase Four More Airplanes

Amasanamu ya video yerekana iyo ndege yerekeza hasi ku muvuduko munini amapine yamaze gukora hasi, imbere y’uko yadukamwo urubeya rw’umuriro. Ariko kandi ikompanyi y’iyo ndege yavuze ko indege yururutse gihutihuti nk’ibirometero bitatu imbere yo gushika i Aktau. Benshi mu bari muri iyo ndege ni abanya-Azerbaijan ariko harimwo n’abaturuka mu Burusiya, Kazakhstan na Kyrgyzstan.

Turahojeje ababuze!

112 thoughts on “Azerbaijan : Abantu barenga 30 baraye bahitanywe n’isanganya ry’indege

  1. Umu pilote ngira amaze kubona ico kinyoni yaciye agira ubwoba aca arayimanura kumuvuduko udasanzwe ahubwo numugabo ariko abo bantu bose bapfuye ni benshi. Mana we!!!!

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights