Kubera iki ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FA ryahagaritse umukinyi wa Chelsea, Mykhailo Mudryk?
Kuri uyu wa 17/12/2024, Mykhailo Mudryk yahagaritswe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FA (Football Association) gukina umupira w’amaguru vy’imfatakibanza kubera basanze yariteye imiti yongereza inguvu. Uwo mukinyi akaba n’umusatirizi wa Chelsea ntahakana ko yafashe iyo miti, ariko yemeza ko yayifashe atabizi. Inyuma y’amatohoza ya nyuma ashobora guhagarikwa imyaka 4, hamwe bosanga ari ukuri kwuzuye.
Umugwi Chelsea wemeza kandi ko atari Mykhailo Mudryk wenyene yapimwe, ahubwo ko ari abakinyi bose ba Chelsea muri rusangi. Gushika ubu uwo mugwi ukaba uriko ukorana n’inzego zose zibijejwe kugira bakemure ico kibazo. Ingingo ya nyuma ikazofatwa inyuma y’amatohoza ya nyuma.
Mu majambo yiwe, Mykhailo Mudryk abicishije ku rubuga rwa Instagram yagize ati : “Ndashobora kwemeza ko namenyeshejwe ko ibipimo nakorewe na FA, basanze harimwo ko nafashe ibinini vyongereza inguvu kandi ivyo navyo bikaba bitemewe n’amategeko. Ariko igihari n’uko ntigeze mfata ibinini vyongereza inguvu ndabizi canke ngo nice amategeko ayo ariyo yose.”
Musomyi hari umukinyi ubona ahora akina nk’uwanyoye iyo miti?
muga bamuhoye ubusa none si kumagara yiwe nurumogi yanyoye aho bamuhagarika
ahubwo nibenshi bazobapime bose barabe
none biteresha imiti kugira bibafashe iki??
siwe wenyene ahubwo nibenshi cane gusa uwo niwe babonye gusa
gusa uwo mukinyi mbona boreka kumurenganya kweri
gusa ndibaza chelsea ntaco ihomvye kuko abakinyi ifise numuyoro
nje ivyo ntaco bimbwiye kweri iyaba ari umukinyi wa REAL
none iyo bamureka haringorane vyari kuba birimwo?
gusa uwo mukinyi jewe simbona impamvu nimwe yatumye bamuhagarika
ahubwo abo bakinyi nibaze babareka bagire ivyo bashaka
oya vraiment ivyo ntibibaho niamuhagarike burundu ahubwo
uwo muhungu baramwiciye carrière yiwe kabisa
birabaye nkivya pogba !!
kumbe babajama ivyo nivyo bakoresha
bibaho erega nabo nabantu
nkivyo icobishikana burundi!!!
tukabona bakina nkabasazi kumbe bakoresha ivyo?
harya nahiwacu bafise ibindi bakoresha kabisa
imana imufashe pe
umwuga wiwe urapfuye pe
ntahuzoja bivana nimyaka yiwe afita
imyaka 4 udakina urasubira inyuma cane
reka buca turaba igaruka rya pogba
uko birikwose azohomba vyishi
ubu vyose vyuzuye amanyanga
umupira abo bagabo bakina ntiworeka kugira amakenga
barampimira junior nawe
aho urarengereye pe
urya ni king kuva ubu.
umwana wibwami ntavugwa
ndizerako birya muri madrid bitobaho
nkeka ivyo atarivyo uwo muhungu yarabizi cane
impamvu akomeye nivyo bintu yanwa
chelsea irahonvye pe
ntabuhombe umugwi urakomeye cane
chelsea yarikomeje cane uwo ntaco azohindura
igikombe nicayo kabisa muzoba mumbwira
none kuki itobaca amande FIFA ikabareka bakaguma bakina
nkahamwe babaciye amande bose baca bayikoresha pe
harimigwi yifitiye amahera yoca abarihira pe
ariko ako kantu ko kubabuza gukina sikeza
ariko ntakindi gihano mbona bobaha kabisa
mugutanga ibihano utegerezwa gutanga igikomeye
nabo baza kugira ingorane kabisa
bararenvye nukuri
FIFA yabakaniye nukuri
nireke abana bicire akanoti
Hamwe yobareka wumva yoba iriko ifasha iki?
haribeshi babakunda batazi ivyobakora
hari nabana bato bakina umupira bashaka kuzobigira umwuga rero nivyiza ko boza barahanwa nabo bazokure batinya gukoresha iyomiti
ego cane baca bakura bazi icogukora
none kuberiki badafunga ama company akora iyo miti?
vyokundako bayafunga kweli?
uwomuhungu arababaje cane
uwo avuga gufunga ababikora boba bitwajiki?
bitwaje ko biriko vyica umupira kwisi
ahubwo babahane cane
dusigarane bake bazi ivyo barimwo
ubona FIFA Yokwiga guhana ibisuma navyo vyoba arivyiza
RODRI ivyo yakoze ntagirengo imana ntimubona kabisa
nono si FIFA Yamuhaye?
ahubwo nayonyene iteye amakenga ukuntu
Biragoy bury baraba vyinshi vrmt
nimba hariho ikosa yakoze nirirya kandi kubabarigwa bizogora pe
ngo yakosheje iki rero?
intwari yibwami izobakora pe
Imana nayo ihana ihoze kabisa
kabisa kuko city irarenvye kandi cane
bayikubita nkiyitigeze gukomera
Equipe yose iziko yamushigikiye imenyeko iri mubibazo pe
Ico nico uwuharira avuge ndamwereke ibimenyetso
bavyure umutwe nanje ndahari kabisa
Ngawuvyuye turamushigikiye nubu kuko iyo gatahukana uwo ntavuze mwari kwishima cane
nizereko uwumuntu mwamumenye ahakomoka!!
barcelone oyeeeeee
aho mwohora mwoba iki?
Duhora kuberiki?
kumenga ntivyifashe neza ga sha?
mbega ntabwo umenga nabo bashigikiye RODRI ndavuga aba barcelona?
bakubitwa bugoma pe
baregeranye cane nukuri
akarenze rero amenyo yabo bayamaze warahiiiiiiiiiiiiii
bazoyamara nukuri kuko mbona vyabaye umugenzo
canke numukino mushasha bazanye?
mumisi bazoyaryana nkawutama wabo.
FIFA ntamikino yoca ifita umugwi wose
tuza imana irakunda barcelona
oya gabanya kujana amanyenyo
reka babe bavyenya niho bokoma
none ya moteur yabo yarapfuye reka urabe ibigiye kuba!
ibara riraguye pe
iyo muva muragayana ubu rero tugira kumuntu umwe?
ivyo nibazako atawoharira birazwi cane
aha ndaziko mugiye kurubona tuuuu
mbega burya junior atarimwo muba mworohewe mwebwe?
Birababaje kwisanga wahawe imiti utazi ico ikuvura ukisanga lwikosa wakorewe ritavuye kuri wewe.
Nibakore susansuma muma equipe yose babahagarike
Nibakoreshe inguvu zabo ndemanwa
Birakwiye ko abakinyi bose bakinira kumategeko amwe agenga urukino
none abihakana gute kandi barabitoye ibipimo vyose koyabinweye0
none ngoyabiriye nawe atavyazi izonsiguro ntizumvikana navyemereko yabigize abibona
ahubwo nkongaho bakwiye kumuhagarika burundu kukubera ivyobintu ntibibaho
je numva bomureka akikinira umupira none nubundi kwariwe ari kwiyica
ahubwo icnumva bobakorera abo bakinyi bobahagarika burundu batazosubira gukina