Burundi : Ikiro c’ibigori cashizwe kugiciro ca 2.100 Fbu
Mw’itangazo rijanye no kugurisha umwimbu w’ibigori uri mu kigo
ANAGESSA, kuva aho Reta y’Uburundi ihimiririje abenegihugu mu kugwiza umwimbu , umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Ir.Prosper Dodiko ngo vyaribonekeje ko abenegihugu bitabiriye akamo batewe. Akemeza ko ivyo vyabonekeye mu mwimbu kuko waciye wiyongera. Yaciye avuga ko abenegihugu bahawe indwi 2 zo kugira basume ivyo bigori ku giciro c’ibihumbi bibiri n’ijana ku kiro (2.100 fbu/kg). Hari mu kiganiro uwo mushikiranganji yahaye abamenyeshamakuru.
Ico giciro cashinzwe kubera Reta y’Uburundi ibicishije ku kigo ANAGESSA, yaguze uwo mwimbu nk’uko abarimyi bari babisavye ko umumusesekara w’umwimbu Reta yowugura. Mwomenya ko abacuruza co kimwe na barya baba bafise imashini zo gusya hamwe n’aborozi bafise ibitungwa bisaba ko baronswa ibigori vyinshi, umushikiranganji yamenyesheje ko bazoramukirwa inyuma y’izo ndwi zibiri ziheze ndetse n’ibiciro bazobironswako bakazobimenyeshwa hanyuma.
Uwo mwimbu kandi washizwe kw’isoko kugira usahirize abenegihugu, narirya hariho hamwe hamwe vyari bimaze kwibonekeza ko umwimbu w’ibogori wari usigaye ugurwa ibihumbi bibiri n’amajana umunani y’amarundi (2.800 Fbu) ahandi ukagurwa ibihumbi bitatu vy’amarundi (3.000 Fbu).
Ni iyahe ntumbero y’ikigo ANAGESSA?
Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Ir.Prosper Dodiko yabandanije amenyesha kandi ko ikigo ANAGESSA gifise intumbero zitatu :
- Iya mbere ni iyo kugura umwimbu mu gihe umwimbu wabaye mwishi
- Iya kabiri ni iyo gusubiza uwo mwimbu kw’isoko kugira ngo ibiciro ntibiduge
- Iya gatatu ni iyo kugira ibigega ntegekanya bizoza
Akamenyesha ko bashoboye kwegeranya umwimbu ungana itoni ibihumbi mirongo irindwi na kimwe n’amajana atatu na mirongo itandatu nazitatu nibilo amajana icenda namirongo itatu na bitanu (T71.363.935). Ivyo bigori bikazegeranirizwa mu mazone yose ariko ubu bikaba vyegeranirijwe mu ma stock makuru makuru aho uwo mwimbu ubitswe neza. Ivyo bigori abenegihugu bazobitora ku ma stock ya ANAGESSA kuva isaha zibiri (8h00) kugeza isaha icenda n’igice (15h30). Akamenyesha ko atamucuruza n’umwe arekuriwe gutora ibigori muri ico kiringo kuko ari akaryo gahawe abenegihugu gusa.
Ikindi umushikiranganji yamenyesheje n’uko ibitigiri vy’abakeneye ivyo bigori ari vyinshi, ngo ntibari biteze ko bashobora kungana uko bangana, ndetse n’urugero Reta yari yarategekanije ntirwangana gutyo. Yarangije amenyesha ko amatwi abasumira imirima imeze neza biteze umwimbu mwiza. Agahumuriza abarimyi ko amahera yose azova muri uwo mwimbu bagiye gusohora azoguma mu kigega ANAGESSA maze ashobore kubandanya agura umwimbu w’umusesekara.
Kubadandaza nabaranguzi bakwiye gukuriza iryo tegeko
Mubisanzwe icyo kigo ANAGESSA Cabitunganije neza.ariko ikibabaje naho bariko babivuga ntihazobura abikika mukiza ugasanga babigurishije kubadandaza.
asha ibigori biratanguye kuzimba vraiment
Abadandaza nabone n’abenegihugu bavuze ngo ntibazokwegere aho bizoba biriko biratangirwa bazoba barenganijwe kuko nabo barakeneye gusuma nutwo 25kg. Naho badandaza nabone barashonje.
ntacoroshe muriki gihugu cacu ndabarahiye
Ejo bundi naragiye kwisoko gusuma ibigori naguze 1kg kuri 3200fbu
Rero koba ari akarusho kuri twebwe abenegihugu batobato.
iryo tegeko rikwiye gukurikizwa kweri
Baratabaye abenegihugu twari turemvye . Gusa mbona nabone arurudandazwa rukomeye iyo babishira nkokuri 1800fbu
ivyo bintu nihatari kweri igihugu cacu kirimwo kiragenda
babikwirikize cane
None 25kg zizohabwa umuntu umwe canke famille? Akaba ari famille 25kg ziribwa mumisi ingahe?
ibi bizogugwa bibikwe hama bazobidandaze haciye imisi.
Vyiza kugihugu cacu
tuzovugako harico batadukoreye none.
urukundo rukomeye kubanyagihugu
Ndakeje cane leta yuburundi
ivyo bintu ndabishimye kuko bigiye kudufasha
bikomeza kuza neza cane
bagerageze bakwirikirane ivyobintu kuko nubu ndaziko hariho abazokora amanyanga
Ibiro 25 vyintete kweli? Oyaaa turacashonje
turahimbawe cane niyongingo
bacunge cane kabisa
ibi bintu vy’infungurwa bigiye kutugora pee
Akamo kubanyagihugu uwuzoduza nukumuvuga kabisa
bukebuke bizofata intumbero
abasuma barageramiwe!!
ibi biciro nje mbona uko haca umwanya niko biguma biduga kabisa
Nivyiza ariko utwo dutete niduke kumuryango
ubu ntamikino kabisa
emwe kurubu butaka bwacu ntakitazoduga vraiment
ibintu bikomeza kubandanya biba bibi kabisa
ubu gahunda nukwiyubaka muri vyose kabisa
mumisi vyose tuzovyirimira kabisa
Bararaba nibindi uko bimeze kumasoko ntibahereze kuntete gusa.
yoba vyose bigenda uku ntanzara yovugwa muburundi
erega vyabintu tubishizemwo inguvu birakunda.
Turima tuvyirira twebwe nyene
bakibivuga narabipinda none birabaye pe
ukuri haribintu bisigaye bimpimbara ukuntu basigaye bashitsa ivyo bemeye
iki gihugu cacu bigiye kutugora kabisa
Ebana ndumva ari sawa nukuri nivyiza
umwimbu wiwacu ,tuwufungurira iwacu nyene .ibi bintu biraryoshe cane
gusa ndaziko bizojana beshi mumpimba pe
Ivyobintu bakoze nivyo nukuri
Vyabintu bagira nivyo basha
None ibilo bitanashika nijana ifu y’indwi imwe niyo bokwirirwa baratumako ibinyamakuru kweli.
Dukomeza kwumirwa 25kg ?
ANAGESSA ndabona Bari kukivi kuko bariko bafasha twebwe abanyagihugu batobato
Nivyiza ko babitunganije murubwo buryo.
Kuba babishize kusoko kandi biri kugiciro kiri hasi nivyiza cane.
Nibasahirize abenegihugu
Ko base abadandaza ko babigura none bafashe kumwenegihugu azogura kugera kubiro bingahe?
Abadandaza babiguze baca babishira kubeyi yo hejuru kuko ntawodandaza atunguka.
Bakwiye no kwigisha uko abenegihugu bokwibikira umwimbu wabo kubiryo utokwononekara.
None abazoba barekuriwe kugura ibiro vyinshi bazoba ari abadandaza bakuru bakuru gusa??
Abantu baduza ibiciro ndibazako batahuyeko zahinduye imirisho
nzingo agatoke kamenyeye gukomba kama kahese reka turabe move
bazakuducahe ko Leta itwikundira .
reta iragize neza kabisa rega bari baratwishe
Turakunzwe koko!!
gusa bahagurukiwe bamwe badandaza uko bashaka
None haburiki nokubindi birimwa ngo dukoreshe iyo systeme
vyose ninteguro
ibintu vyerekeye ibigori ningorane
ntitwovuka rimwe ngo duce twuzura ingovyi
ndakeje abarundi cane kuko ndanibazako biri mubihugu bike bikora ivyo
wao kumbe nakantu gasha??
Wewe ntubonako bariko badukeza
ebana cakintu leta yiyumvira gukora nico
uwomuntu ava he?
numubanyi nkwirikije amazina yiwe
gusa nubundi ayomahera nimenshi
numunya Gwanda
kube dukora baraba!!
asha ahubwobarama barakora ibikorwa nkivyo
reka tubaceko mwiterambere nka bus yuzuye
abo ngo wocako nibande rero
igihugu kirakoze kabisa kutugabaniriza ibiciro
ntubeshe ndumurundi ari Gwanda dutuze cane kuko leta yugwanda yateguye uburyo bwose akarorero ntamuririnvyi wugwanda adafise etage nabakinyi bama films ntavyo kuja mubuzi bwa leta ahubwo ibashigikira muvyo bakora
gusa ndazi hariho abatazobikurikiza ndabarahiye
babwire bicare bige
ivyo bintu vyari kuba sawa mugihe abadandaza bose bobikurikije
gusa tutabeshanye abahanzi babarundi baraturusha ubuhanga
sinibaza ko abadandaza bazokwemera guhomba kweri
njanye namwe mwemera
iyo baraba bakagabanya gose kuko nayo ni menshi
nonese ubwobuhanga bwanyu buzashikahe kandi leta yanyu itabakunda ngo ibashiriremwo imiyaga
iyaba baca bashiraho ibihano bihana abatabikurikiza bose
ariko koko murabona aka gasuzuguro?
iyo ngingo RETA yafashe niyo cane turayishimye pee
reka bavuge kumbure na leta yacu yobonako bayitwenga mumakungu ukuntu yanka gushigikira abayo
aho niho sawa nakare bahora batwiba kabisa
none babonye bibiri nijana ariyo make abaho bar igushirako
ndasomye ibi bintu namosozi arakorotse
iyo ngingo nisawa izodufasha twebwe abanyagihugu
ntaco novuga kuvyukuri
erega baradutwenga cane kumbe
nikibazo pe
twaganye navyishi nibi ntivyotunanira
ariko uravye ukuntu badutwenga ataruko baturusha impano birababaje
nka satb aje gwanga yoyobora ariko arushwa ubuzima na devis d kubera mutamuha agaciro
ako kanyuma niko kabi nukuri
iivyubu vyarancanze nukuri
reka babakome niho mwokwihanura
ikibi sibo!!!!!
asha bariko bakora neza kinogihe
ni leta idatahura insiguro yumuziki wacu yuko uri mubintu vyotuma umuntu atunga
none ko mpora mbona ahura nabaririnvyi bipfirahe?
baba bagiye kuraba wagwan!!
canke nabaririnvyi baduserukira baratinya kuvuga ingorane dufise?
rirya shirahamwe ryumuziki rimaze iki kweli?
ewe ababiranguye barahomvye basi sindababesha
ntaco ntazobona pe
nibadukure mukangaratete