Reta y’Uburundi yaramaze gufata ingingo yo kurondera umufatanyabikorwa kugira haboneke indege zishobora kwitirirwa “Burundi Airlines”
Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo gutwata abantu n’ibintu, Marie Chantal Nijimbere, yavuze ko gushika ubu Reta y’Uburundi imaze gufata ingingo ndetse iratanga intumbero yo kurondera umufatanyabikorwa kugira irondere indege zishobora kwitirirwa ishirahamwe “Burundi Airlines”. Ico gikorwa rero ngo caratanguye ndetse haramaze no kuboneka abakorera muri ico gisata bafise indege basaba gukorana na Reta kugira haboneke indege za Burundi Airlines. Vyashikirijwe n’uwo mushikiranganji yishura ku bibazo vy’abashingamateka, itariki 12 Kigarama 2024.
Mwomenya ko ku mwaka, Uburundi biciye mu kigo kijejwe uruja n’uruza ku kibuga c’indege mu Burundi (Autorité de l’Aviation Civile) bwinjiza amafaranga yababa imiriyaridi 10 biciye mu ruja n’uruza rwo mu kirere, biciye mu ma “services” atangirwa kuri ico kibuga.
Umushikiranganji yavuze kandi ko iyo indege ihinduriwe inzira, haba uruhombo rutari ruto. Atanga akarorero k’igihe amatara yari yacitse ku kibuga mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye, aho indege Brussels Airlines yaciye ija kurwa muri Uganda. Rumwe mu ruhombo ruba, nuko ingezi ziba zije kurara hano i Burundi biba ngombwa ko zirara ahandi. Abashingamateka bakaba barasavye ko abo vyega boshiramwo inguvu hakaboneka indege yitirirwa igihugu (Burundi Airlines), nk’uko bimeze mu bindi bihugu vyo mu karere.
Birakwiye vrmt kuko ico coba ari ikimenyetso gikomeye cane mugihugu cacu
Hamwe twobona Burundi Airlines jewe nditeguye kujya murugendo.
Alloooo! Nimubwire mbega tuzoza turi ama dollar cyangwa tuzoriha amarundi hamwe twabona iyo Airlines Burundi?
Byukuri twoba dutomboye cyane gose hamwe ndaziko koba ari nakarusho gakomeye cyane Ku Burundi
Iciyumviro ciza amajambo nkayo aranezereye nzoca mpeba nurire indege hhhhhh
Ibi nibyo cyangwa ninkuru? Nimutubwire neza! Ejo nzinduke injya Murugendo!
Ico nigikorwa ciza cane azoba akoze.
Burundi Airline nibashire mugikorwa
Nivyiza ko natwe tugira indege twitirirwa.
Turiko dusatira imbona kazoza y’igihugu
Nibakore cane kugira tubandanye tuja imbere.
Uwo mushikiranganji turamukeje kwico gikorwa.
Hawe vyoba nkuko yabivuze, amahera yinjira biciye muruja n’uruza kukibuga cindenge, uburundi bwoharonkera akunguko kenshi
Nibashiremwo ingu nyinzhi abafatanyabikorwa baboneke.
Yubahwe umushikiranganji
Biraboneka ko umushikiranganji ari kumurimo
muraje rero kumuriro usara
N’amashi menshi kuwo mwubahwa
falcon 50 ntayo mwontorera
mugomba izindu murya.
twarahenzwe kuva kera ntabishasha
izo numu naba client baza bararondewe
ariko tudahendanye ibibazo dufise muburundi icihuta nindege kweli?
ivyo bintu birakwiye kubaho kuko turateye isoni
nuburundi bufise imitahe myinshi ni bugure iyo ndege
hamwe vyogenda nkuko vraiment vyoba vyiza twobishima
abanyamitahe bacu bozana iyo mitahe hama tugakora umuti
hamwe vyoshirwa mungiro vyoba arisawa cane
nje mbona kugira dushike kwiterambere twipfuza neza nuko ivyo vyobanza bikava munzira
Ubuzima turimwo indege ntaco ije gukora
nibarika kuturusha sha ibiduhanze sivyo
mbega izondege zizoza gutora abantu mucarama?
igitoro kwanza bareke kwikunda
Nama nababwiyeko bikunda mukanka!!!!!
igihugu cacu ndabona kitanguye kuza neza kabisa
ivyo ntaco bibabwiye nukuri
reka tubirindire turabe ko ariko bizogenda
iyo nkuru tuyakiriy neza cane kuko nibimwe muri vyinshi igihugu kiriko kirakora
Urukundo gwacu ruri mukuvyuka
vyoba vyiza turonse iyiwacu bwite apana bimwe vyo kuza barakota
tuashimiye Burundi airlines ntaco idakora kabisa
imbonakazoza jewe ndabona yatanguye kumota cane kweri
ariko nubwo muvyanka indege irakenewe cane kandi gose
Ndumva ari sawa binjiza amahera angana nkukwo kwose
gukenegwa sikosha ariko hari ibibazo vyishi cane twobanza gutunganya
ibintu vyo muriki gihugu sinkivyizera kabisa nzovyemera ndavyiboneye
ibaze nkamatora yogera tubayeho uku?
aho bazogerageza kuko beshi ninyungu zabo
Jewe mbere mbambona ikibazo cigitoro kitazokemuka
ariko ndibazako ibihe turimwo kuburundi ariryambere?
None kobavugango bashaka izitirirwa ntibogura izabo
niryambere kuvyukuri
None haburiki bagure izabo
Ahubwo mbere bari baratevye habuziki?
Ivyo ntanibiri mungiro ahubwo nukwiremesha gusa
nibatureke sha
Igihe izo ndege zizoba Zaje nzoca nitegurira gutembera hanze
Asha niho muburundi twoba togombe dutere imbere
nibakore ivyo babona twebwe twaratuje ubu
none gasha twohindura iki?
Ebana mugihugu cacu nihohonyene atandege yunguruza abantu ibari
Gusa muburundi turakenye cane nindege turinda gutira
Walahi babajama ntibadukunda ariko bagiye mundege ubuzima bwase nkuku?
Bagikoze Coba ari igikorwa ciza cane
Waringaho ngo barakwiyumvirako ?
bakunda ababo nayo wewe uruwa papa wawe tuza.
igihugu cacu kiratanguye gutera imbere vrema
ubu rero papa ititoje sinzoja gutora
iterambere rega nuko nyene ritangura bukebuke
Uwurero ayiciye umurya pe
Na papa wawe yodukora ibi ndakurahiye
ndabonako amahera atari make azokwinjira mu kigega ca RETA
politique nuko ikinwa nibake bakora ivyo biyemeje
iryo shirahamwe ko ryari ryaratevye none
iterambere ryatanguye kumota mu gihugu cacu
harageze ko inzego zihagurukira rimwe kugira twese tugane umugambi umwe ariwo w’i terambere
none kuberiki batubesha
biranshimishije pee iyo ngingo nisawa cane
utabeshe wosumira umwana gt?
ivyo bintu nzovyemera ndabibnye kweri
ivyo bintu nivyo tuba dukeneye nyene hano iwacu
ivyo bintu biraryoshe kwumva
iterambere ritangura uko nyene buhoro buhoro
imana iratubona
ibaze nkivyo iyo biba mu myaka itanu iri nyuma ubu twari kuba tugezehe?
birashimishije ariko sinibaza ko bizogera mu ngiro
ibaze nkukuntu ubuzi butagikogwa neza kubera gucegwa kubera ibitoro hama ngo tuje muvyindege?
weho nuko ufise akutondako
creation yubuzi kugwaruka leta birabonekako ataco iyivugako
jewe ngira ndabapime iryanyuma ndabe ko ivyo bavuze bazobishira mungiro
yoba hoho bashigikira nivyo rurimwo ntibazigwanye
igihugu cacu kiriko kitangura kugana ya mbonakazoza ya 2040-2060
ntaco norenzako pe kuko baratwerekako twabihenzeko
Leta yoba yikuyeyo basi ikoze icogikorwa
ivyo bintu jewe sindavyizeye kuko ivyama vyavuzwe ntibishitswe nivyinshi
ibirenze rero haribintu ugwaruka gwijukiye kandi bihemba ariko ntaco babivugako
ndabishimye cane kabisa iciyumviro ciza
reka twizere ko bizogenda neza ivyo
Muburundi turacari hasi ntandege zoza turakenye
Ibintu vyomuburundi nurudubi gusa nkaho usanga ari kwibeshera
Aho umuntu azorindira abure kozizoza none bipfira hehe
ivyo bizofasha cane surtout kugihugu
ico ciyumviro kizofasha bimwe bidasanzwe cane
Ashaaa ahubwo ivyo muburundi namayobera
Nimba nyakubahwa bibaho agasoma bino twandika ngomba mfate aka kanya ndamusabe ikintu .uburundi dutakaza ama dollars meshi kubera kubura Droit de terre kndi ugiye kura ibice 80 vyugwaruka biriko vyitanga cane mubikogwa mvabwenge aho ndavuga films na music knd ugerageje kuraba biratuma babaho atriko sinko mubindi bihugu kubera atankunga baduha .turafukamye batube hafi kndi baturose ivyo dusaba kuko nivyo turiga ariko twese ntitwora mubiro kandi batahure yuko impano zacu zodutunga wikongera zigafasha mukwubaka ikigihugu.muzoba mukoze
👏
Imana ijimbere kubikorwa barimwo bakora
Niyo muburundi batahurako impano ibeshaho umuntu kandi bakumvako dukora ivyodukunda tubishakamwo ubuzima iterambere bazoca baribona vyihuse
reka twitege inyishu kurico kintu
None nyene tuvyizereko bazobishira mungiro
muburundi bashira imbere politic ibiba ugwanko ntakindi
batahure yuko isi igeze kur social media kand zishura kurusha nubwo buzi bwo mubiro
Imana imfashe bumve amarira yanyu kuko ntimuzoja guhangana na Harmonize knd mutanganya ayo yinjiza pe
Iciyumviro ciza amajambo nkayo aranezereye nzoca mpeba nurire indege hhhhhh
none bipfira hehe ?
Canke uburyo burasohoka bakaburya
niyompamvu natwe twasavye nyakubahwa niwe twizeye gusa
Azobikora ndabizi pe
Nadukorere ico mumisi mike azorabe ama etage aduga muburundi