Reta y’Uburundi yaramaze gufata ingingo yo kurondera umufatanyabikorwa kugira haboneke indege zishobora kwitirirwa “Burundi Airlines”

118
WhatsApp Image 2024-12-17 at 8.37.38 PM

Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo gutwata abantu n’ibintu, Marie Chantal Nijimbere, yavuze ko gushika ubu Reta y’Uburundi imaze gufata ingingo ndetse iratanga intumbero yo kurondera umufatanyabikorwa kugira irondere indege zishobora kwitirirwa ishirahamwe “Burundi Airlines”. Ico gikorwa rero ngo caratanguye ndetse haramaze no kuboneka abakorera muri ico gisata bafise indege basaba gukorana na Reta kugira haboneke indege za Burundi Airlines. Vyashikirijwe n’uwo mushikiranganji yishura ku bibazo vy’abashingamateka, itariki 12 Kigarama 2024.

Mwomenya ko ku mwaka, Uburundi biciye mu kigo kijejwe uruja n’uruza ku kibuga c’indege mu Burundi (Autorité de l’Aviation Civile) bwinjiza amafaranga yababa imiriyaridi 10 biciye mu ruja n’uruza rwo mu kirere, biciye mu ma “services” atangirwa kuri ico kibuga.

Umushikiranganji yavuze kandi ko iyo indege ihinduriwe inzira, haba uruhombo rutari ruto. Atanga akarorero k’igihe amatara yari yacitse ku kibuga mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye, aho indege Brussels Airlines yaciye ija kurwa muri Uganda. Rumwe mu ruhombo ruba, nuko ingezi ziba zije kurara hano i Burundi biba ngombwa ko zirara ahandi. Abashingamateka bakaba barasavye ko abo vyega boshiramwo inguvu hakaboneka indege yitirirwa igihugu (Burundi Airlines), nk’uko bimeze mu bindi bihugu vyo mu karere.

118 thoughts on “Reta y’Uburundi yaramaze gufata ingingo yo kurondera umufatanyabikorwa kugira haboneke indege zishobora kwitirirwa “Burundi Airlines”

  1. Alloooo! Nimubwire mbega tuzoza turi ama dollar cyangwa tuzoriha amarundi hamwe twabona iyo Airlines Burundi?

  2. Hawe vyoba nkuko yabivuze, amahera yinjira biciye muruja n’uruza kukibuga cindenge, uburundi bwoharonkera akunguko kenshi

  3. Nimba nyakubahwa bibaho agasoma bino twandika ngomba mfate aka kanya ndamusabe ikintu .uburundi dutakaza ama dollars meshi kubera kubura Droit de terre kndi ugiye kura ibice 80 vyugwaruka biriko vyitanga cane mubikogwa mvabwenge aho ndavuga films na music knd ugerageje kuraba biratuma babaho atriko sinko mubindi bihugu kubera atankunga baduha .turafukamye batube hafi kndi baturose ivyo dusaba kuko nivyo turiga ariko twese ntitwora mubiro kandi batahure yuko impano zacu zodutunga wikongera zigafasha mukwubaka ikigihugu.muzoba mukoze
    👏

  4. Niyo muburundi batahurako impano ibeshaho umuntu kandi bakumvako dukora ivyodukunda tubishakamwo ubuzima iterambere bazoca baribona vyihuse

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights