Rwanda : Ikiza Marburg kimaze guhitana abantu bagera kuri 15

2
Ibendera ry'igihugu c'Urwanda

Ibendera ry'igihugu c'Urwanda

Gushika kuri uyu wa 20 Gitugutu 2024, mu gihugu c’urwanda hamaze kumenyekana ko ikiza Marburg kimaze guhitana abantu bagera kuri 15, abakiri kwa muganga bakaba bangana na 3 nayo abamaze gukira bagera kuri 44. Icipfuzo c’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kikaba ari ico kurandurana n’imizi ico kiza, nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru Igihe.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr.Sabin Nsanzimana yamenyesheje ko bashizeho uburyo bwihuta bwo gukingira abahuye n’ico kiza, gukurikirana abamaze kwandura, gupima abantu bose binjira ku mipaka no ku kibuga c’indege kugira ngo ico kiza ntigihave kija mu bundi burere.

Bavuze kandi ko abahuye n’abanduye bahawe incanco kugira ngo ico kiza kitabafata ariko kandi kugira bo banahagarike uruhererekane rwo kwanduzanya. Umuyobozi mukuru wa w’ishirahamwe ryitaho ibijanye n’amagara y’abantu kw’isi (OMS), Dr.Tedros Adhanom Ghebreyesus yashimye ko ubuyobozi bukuru bw’urwanda bwahagurukiye kurwanya ikiza ca Marburg ariko agasaba ko ingingo zo kuyihasha zogumaho kugeza bitangajwe ko yavuyeho burundu. 

Mwomenya ko OMS itegekanya ko mu gihe igihugu kimaze iminsi 42 ata muntu mushasha yanduye ico kiza, kiba camaze gukira burundu.

2 thoughts on “Rwanda : Ikiza Marburg kimaze guhitana abantu bagera kuri 15

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights