November 21, 2024

SOPEBU : Kuva ubu buri ngendeshwa yose izoza iranywa igitoro rimwe canke kabiri mu ndwi

82
Itangazo rya Sopebu

Itangazo rya Sopebu

Ikigo kijejwe ivy’igitoro mu Burundi, SOPEBU, camenyesheje kuri uyu wa 12/11/2024 ko kuva ubu buri ngendeshwa yose izoza iranywa igitoro 1 canke 2 mu ndwi. Bitunganijwe ku buryo ku musi kanaka, nyene imodoka amenyeshwa muri ngendanwa yiwe biciye muri application “Igitoro Pass” hamwe n’igiharuro gihereza ku mparati y’ingendeshwa yiwe, umusi wo kunywa igitoro.

 Ku wa mbere, ku wa kabiri no ku wa gatanu ni ingendeshwa zifise ibiharuro bihereza ku mparati : 0, 1, 2. Ku wa gatatu no ku wa gatandatu, ni ingendeshwa zifise ibiharuro bihereza ku mparati : 3, 4, 5 nayo ku wa kane no ku w’Imana ni ingendeshwa zifise ibiharuro bihereza ku mparati : 6, 7, 8,9

Mwomenya kandi ko iyandikwa hakoreshejwe abakozi ba Sopebu ryaraheze ariko kwiyandika muciye ku buhinga ngurukanabumenyi (www.sopebu.com) birabandanya. Ariko mu gihe utabishoboye, hariho abakozi ba Sopebu ku kigo gikuru bafasha muri ico gikorwa. Nayo ibisabwa ni: “carte rose”, “contrôle technique”, n’imparati z’ingendeshwa.

Mwakiriye gute iyi nkuru?

82 thoughts on “SOPEBU : Kuva ubu buri ngendeshwa yose izoza iranywa igitoro rimwe canke kabiri mu ndwi

  1. Kubafise igendeshwa nugushima kuko nigikorwa cyiza cyane gose nokuri twebwe twese dusanzwe twiyunguruza.

  2. Ni vyiza gose kubera ko bavyroheje nuko iyo application izoca iza iramenyesha ko ushikiriwe ,iyo ngingo ni nziza gose

  3. Hanyuma abagira ingendo zirezire bo?bizoca bigenda gute?bizohava bibagora nukuri borabara uko bobikosora.

  4. C’est une bonne chose, pourquoi?parce que tout d’abord, cette appli GITORO PASS a été créé, une évolution en technologie pétrolière .ca mérite des acclamations👏👏😎

  5. Iyo ngingo naho ari nziza ntizokworohereza benshi kubera ko abagenda ingendo nyinshi canke bafise imodoka zinywa cane bizogorana.Boraba uko bahindura canke bakazana igitoro gikwiye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights