Visit Burundi yatunganije indwi yahariwe ubukerarugendo mu Burundi ku ncuro ya mbere
Mu Burundi, hatunganijwe indwi yahariwe ubukerarugendo (Burundi Tourism Week) ku ncuro ya mbere. Iyo ndwi ikaba yatunganijwe n’ishirahamwe Visit Burundi hamwe n’abandi bafatanyabikorwa basanzwe bari muri ico gisata ca bamukerarugendo mu Burundi. Iyo ndwi yateguwe mu ntumbero yo kuvuga ivyiza vy’Uburundi, kumenyekanisha ibibanza vy’iratiro n’ibindi vyo kurata Uburundi. Bizoba kuva ku wa 11 gushika ku wa 14 Kigarama 2024, vyashikirijwe kuri uyu wa 13/11/2024 mu nyubakwa z’ihoteri City Hill.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Bruce Niyonzima, umuyobozi mukuru akaba nawe yatanguje ishirahamwe Visit Burundi, yamenyesheje ko iyo ndwi yatunganijwe mu ntumbero yo gukundisha abarundi ivyiza igihugu gifise. Nayo Dative Uwimana arongoye Ikaze Ventures, akongera akaba n’umwe mu mugwi uriko utegura iyo ndwi, yatanze urutonde rw’ibizokorwa muri iyo ndwi.
Jacques Bigirimana, umuyobozi mukuru w’igisata c’ingenzi mu Burundi, yashimiye abiyumviriye gutunganya iyo ndwi, yavuze ko nka Reta, ataco batazokora mu gushigikira abikorera utwabo bashaka gushigikira ico gisata ca ba mukerarugendo. Nayo abazoja muri iryo himbazwa ry’iyo ndwi akaba ari abarundi ubwabo 100%, abanyamitahe, abafise amahoteri, ama restaurants n’abandi. Hakaba hariho n’akabirya k’ihiganwa kuri ba gafotozi bazoba bafotoye ifoto nziza z’ibibanza vy’iratiro.
Mu bintu 5 nyamukuru bitegekanijwe, harimwo :
_ Itanguzwa icese ku mugaragaro ry’iyo ndwi, bizoba ku wa 11/12/2024, bikazobera kuri Donatus Conference Center
_ Ihayanishwagurisha ry’amahoteri, uburiro, n’abandi, kuva ku wa 11 gushika ku wa 13 Kigarama 2023
_ Urugendo berekeza mu ntara ya Mwaro kwirabira ibibanza ndangakaranga n’ibindi, bizoba ku wa 13/12/2024
_ Urukino ruzoba mu gitondo hagati ya Golf na Tennis (bazocagura urukino rumwe muri izo), ku wa 14/12/2024
_ Umugoroba wo kwinezereza (Soirée de Gala), hazoba harimwo no gushimira abakoze cane muri ico gisata, ku mugoroba wo kuva 18h gushika 20h, no gusozera iyo ndwi, ku wa 14/12/2024.
Ku bipfuza insiguro nyinshi, no kwiyandikisha boca kuri : https://burunditourismweek.bi/
Nikintu cyiza cyane! Kuko naho turi abarundi hariho ibibanza byiratiro twumva ariko kuri twebwe bamwe bamwe tutaranahaja numusi numwe!
Aho kweli nanjye nipfuza kuhaba reka mbendikomeza. Nabonye link tuzacyaho mukugira tumenye byinshi.
Nikintu cyiza cyane! Kuko naho turi abarundi hariho ibibanza byiratiro twumva ariko kuri twebwe bamwe bamwe tutaranahaja numusi numwe!
Aho kweli nanjye nipfuza kuhaba reka mbendikomeza. Nabonye link tuzacyaho mukugira tumenye byinshi.
Nigikorwa cyiza cyane.
Birashimishijije
Wapi jewe ibyo sinobijamo kuko ndumva ntibiriha. Hahhhh!!!
Munyumvira harimo Inoti? Jewe mbanishakira irare. Hahhhh!!!
Jeho Nsanwze Nifitiye umukobwa dukundana Akunda Ikirori Nzomutembereza
Mbe hazoza abantu bavuye mugihugu icahe?
Abanyamahanga bazoriha mumarundi? amahera bazokoresha nayahe?
Ihayanishwa gurisha akenshi abakora utwabo batobato tubimenya duteba kandi aba arivyiratiro ivyo mu Gihugu cacu dukora, mbe Abatwa bahora bibuka kubashikira ko aribo bakora ibikorwa vyinshi vyiratiro?
Ivyo bintu naho bondihira Sinojayo nuguta umwanya gusa
Aho bishakira amahera gusa yokurya none babuze ibindi bokora?
Mbe imbere yuko biba ntakuntu boza barabicisha kumaradiyo atandukanye canke ku Bakuru B’imitumba kugira ngo bose bashikirwe?
Mbe ibibanza bashiramwo ibikorwa vyabo vyiratiro vyoba birihwa?canke ni abari mumashirahamwe runaka baba babifitiye uburenzira gusa ?
Ubu tuja muvyunguka gsaa hhhh
Intara zose Burya Zirafise ibibanza vyiza vyiratiro?
Ivyo ntabishsh shn biraba abatunzi gsaa
Abakerarugengo bisaba bazobe bafise imyaka ingahe?
murahaze shahuu
jewe ivyo bintu mbona ari ibintu vyuburofa Sana Ntanubwo nobijamwo
Ntamahera ahari kabisa
Aho sha Muba Muhaze Jewe ndabuze na senkesa yo kugura umunyu hama ngo nje kuzungurunka intara?
bazobanze batumire abasani dutambe umuziki kweli
kabisaa indwi iryoshe kbsa
Izo nkuru ko tuzimenya duteba ga basha?
Nukuri si abava mu mahanga gusa, natwe ubwacu turi mu Burundi hariho ahantu henshi tutamenya bivanye nukuntu tuba tuguma aho tuba dukorera .Rero muri izo hayanishwa gurisha turahamenyera vyinshi kandi tura nungura ubwenge muvyo tuba dusanzwe dukora.
Visit Burundi, nukuri yubahwe hamwe nabayiyoboye.
BBNEWZ muri kukivi kabisa courage!!
Soiree de Gala izobera hehe ?
Umuyobozi wa VISIT BURUNDI ndabona bakwiye kumuhindura vraiment
ibintu biryoshe cane
Baze bongereze imisi nukuri kubera ko ivyiratiro dufise nivyinshi ntivyohera mu ndwi.
Bazotangara We Rindira
Mbona ahubwo vyamara nka 2 semaines une semaine ninke cane
Gutembere burya biratuma umuntu amenya ibintu vyinshi Kandi nivyiza cane
Iyo babikora tukiri muri Summer ubu ibintu vyararenze igihe
Jewe nifuza kuja kumashusha mu Rumonge
Mbega umuntu yifuza kuzana abana biwe nabo vyokunda ?
Mbe umuntu yifitiye imodoka yiwe nawe ? Bazomusaba ayandi mahera ?
Bizogenda neza Reka Tuvyizere Abarundi Burya Barashoboye
Miss Populaire Ibintu Vyose arimwo bigenda nabi
Ntakidashoboka
Uwo Mu Nyamakuru wo Muri BBNEWS aritanga cane twarigeze guhurira kuri Airport
Visit Burundi Jewe ntabwo ndayemera na Gato
Amahera yoyo ndazi barayafise