Ururimi rw’Ikirundi rubaye ururimi rugira 249 rushizwe ku rutonde rw’indimi zisigurwa na Google Translate
Tuzindukanye inkuru nziza, kuva kuri uyu wa 4 Munyonyo 2024, urashobora gusiguza ijambo ryose riri mu rundi rurimi bakariguha mu Kirundi. Ivyo navyo bibaye inyuma y’aho ururimi rw’Ikirundi rubaye ururimi rugira 249 rushizwe ku rutonde rw’indimi zisigurwa na Google Translate. Ivyo vyose tubikesha ugukorana kwa hafi hagati y’inzego za Reta ziserukiwe n’umushikiranganji wo gutumatumanako, Léocadie Ndacayisaba hamwe na #Google.
Iyo ntambwe izotuma abanyamahanga bari mu makungu canke abari mu Burundi boroherwa gusoma amakuru yose avugwa yanditswe mu #Kirundi, n’abandi bose bipfuza kumenya Ikirundi bakazoca boroherwa. Ikindi no ku bana bavukira hanze y’igihugu bizoborohera kumenya bike mu rurimi rw’ikirundi.
Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?
Ikintu cyiza cyane gose.
Ni inkuru nziza idasanzwe nukuri
Mbe ni hose no muri YOUTUBE urondeye ikintu mu Kirundi bazokiguha uko wagisavye canke biracirwaho.
Mbe ni hose no muri YOUTUBE urondeye ikintu mu Kirundi bazokiguha uko wagisavye canke biracirwaho?
Ni umunezero udasanzwe kuri twebwe twese bigiye kworoha gose ku bantu bigisha indi mva buraya.
Bari baratevye kweli.
Bari baratevye kweli.
Bizotworohera gose kuronder ikintu ariko nuko ikirundi gifise amajambo make.Baze banadukorere KAGENDUZI(dictionaire)kugira dushobore kuzishira no muma telephone ngendanwa.
Turakeje abantu bose bagize ico ciyumviro.
Tworoka amajambo menshi agize ibintu nibindi bizomera nez cane.