Youssouf Ndayishimiye agiye kwandikwa ku mpuzu za Aigle Noir inyuma yo kwemera kuriha 18.000.000 Fbu buri kwezi
Uyu mwaka w’inkino wa 2024-2025, Ndayishimiye Yousouf “Nyange” akina mu bufaransa mu mugwi wa OGC Nice, yiyemeje guhemba abakinyi, abamenyereza n’abakozi b’umugwi Aigle Noir, amafaranga 18.000.000 Fbu bose buri kwezi. Ku bw’ivyo Nyange azokwandikwa ku mpuzu abakinyi ba Aigle Noir bose bazokina bambaye. Ivyo vyose ni mu ntumbero yo gushimira uwo mugwi wamureze akiri muto ndetse ukamufasha gushika aho aja gukinira ku mugabane wa buraya. Vyashikirijwe na Réverien Ndikuriyo asanzwe ari nawe yatanguje umwugwi wa Aigle Noir, abicishije ku rubuga rwa Facebook.
Youssouf Ndayishimiye yabwiye Akeza Sport ko Aigle noir ari nk’umuryango kuri we, agashimira na Réverien Ndikuriyo ngo kuko iyo ataba we, umuryango wiwe ntuba ubayeho nk’uko bimeze ubu.
Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?
Ikintu cyiza cyane kuri uyumukinyi yousouf arazirikana nezako kugira ashike aho ashitse kobyose byavuye Mumpetso yuburundi.
Iyaba bose bogiye barazirikana nkuwo wosanga twashitse kure.
Impundu kuri Nyage agize umutima wo gushima uteye ubwoba
Uwo MUjama ahubwo namba yibaza ko natwe atamahera dufise
Ndumva Iryo niterambere Rikomeye Cane Nabandi Ahubwo Bokwigirako Akarorero Keza
Amahirwe kuri youssuf
Umupira ndawuraba ariko ntamahera nkayo notanga vraiment
Aho ayo mahera ntiboyatwara Muburimyi nubworozi erega umupira sakazi jewe mbere sindavyemera ivyo bintu
Aho wosanga abiwabo atanumwe aha nigihumbi
igikorwa ciza kabisa
youssuf afise aigle noir kumutima kabisa
uyo afise amahera yo kwonona shahu
uwo rega numu boss
umwana wigihugu kln
ayo mafaranga ni menshi kabisa
Ni igikorwa ciza kidasanzwe yakoze kandi numutima wo gushima.
nigikorwa ciza cane
Nigikorwa gikomeye cane
Burya uwo numutima wurukundo nyene
Nikintu ciza cane araberetseko abafise kumutima
Taba bose bameze nkuko
yakoze icogikorwa numutima mwiza
Nyange numuntu mwiza cane abantu beza baracabaho
Iryo niterambere mumurwi wa aigle noir kabisa