July 27, 2024

Umuririmvyi Freema Boy Arababazwa nukuntu Abaririmvyi bariko barakora badatumwako Mubiteramo

2

Freema Boy ni Umuririmvyi w’Umurundi amaze igihe kitari gito aririmba kandi akanaba no mubaririmvyi bambere bafise Clip Video nyinshi kurubuga rwiwe,bivanye n’intego yihaye ko ategerezwa gusohora umuziki bigasohokana n’amasanamu.

mukiyago twashoboye kuyaga nawe aratubwira nacane cane kungorane zituma benshi tubona bari mubikorwa ariko atabiteramo ubasangamwo.

Kenshi ikibazo kiva kubategura ibiteramo kuo benshi bakoresha ikimenyane,ikindi ugasanga atagaciro baha umuririmvyi bagashaka kumuha intica ntikize,bakibagira ko nawe aba yakoze uko ashoboye kugira asohore indirimbo na clip video narirya usanga zizimvye cane ,ariko kugiteramo ugasanga bariko bamuha amahera adashobora no kugira ico amumariye bigatuma kenshi baca bahitamwo kubireka kuko baba babona ari agahombo kenshi ngo kuko niyo bagiye mubiteramo usanga aba fans babo bavyitabiriye kandi bakarihisha amafaranga menshi,kandi akaboneka ariko we atakintu kiboneka bamuhaye.

Mu biteramo bikomakomeye ngo kenshi harabo ikimenyane bigatuma abo tubona bakora ataho tubabona mubiteramo ,

tugerageje kuraba uko umuririmvyi akora asaba ko abantu batunganya ibiteramo bari bakwiye kuraba uko baza baratunganya amahiganwa (Award) hama abaririmvyi baronse amahirwe bivanye nuko bakoze bagashobora gutumwako muri ivyo biteramo kandi bakanabaha agahembo gakwiye.

Umuririmvyi Freema Boy akaba ari umuririmvyi amaze kujabuka kenshi mubihugu bibanyi ajanyweyo n’akazi.Mubiteramo kumwakakumwaka akora hakaba hataburamwo ico akorera hanze y’igihugu.

Ngo gushigikira Umuziki w’Uburundi nigufasha abaririrmvyi mukubashigikira mubikorwa bakora kugira bagire ishaka no kugera kure mukazi kabo.

2 ivyiyumviro on Umuririmvyi Freema Boy Arababazwa nukuntu Abaririmvyi bariko barakora badatumwako Mubiteramo

    Bob
    July 5, 2023

    Hahaha nicocobashobora
    Sinzi ivyobababanyoye kweri

    0
    0
    zuma
    July 5, 2023

    Abasani abeshibbaja kuririmba bafashe akanu
    Nkuwo gose wobwirako yarigusa? Rekareka

    0
    0

Siga Iciyumviro