July 27, 2024

Barasaba Leta ko yokora uko ishoboye mukuzitirira Uruzi Rusizi ataruko na bujumbura yose izoshikirwa

3

abanyagihugu bo muri Commune Mutimbuzi na Cane cane Kajaga na Gatumba baratakamba basaba Leta ko yobagarukira mukubafasha kuzitirira uruzi Rusizi kuko arirwo ntantaro y’imyuzurira itera ikangaza imiryango itari mike ngo kuko uruzi rusizi ruta inzira rukaja kwirondera aho ruca mugihe rwuzuye munyuma rubatera mumazu mbere bamwe bamwe bakanahasiga ubuzima bifanye nuko ayo mazi kenshi usanga aza afise ninguvu nyinshi aka bomora amazi eka ngo hari n’igihe usanga hazamwo n’ibikoko narirya uruzi Rusizi rwuzuyemwo Ingona n’Imvubu.

benshi mubafise ama Parcelle hafi y’uruzi ngo baramaze kwomoka kuko batagishobora no kumenya ko yigeze anabaho kuko hari ishamba gusa ryuzuyemwo amazi n’ibikoko.

abandi ngo bafise ikibazo cuko naho hokwuma imvura iguye ari kwakundi nyene amazi azukuruka hagasubira kuba imyuzurira kandi.

nkabafise ama parcelle mukajaga bavuga ko leta itagize ico ikoze vuba nigisagara cabujumbura gishobora umusi umwe guterwa numwuzurira.

barangiza basaba ko uwoba wese ashoboye kugira ico abafashije yobikora kuko benshi muribo batakigira uburaro canke ubukene bubarembeje kuko ivyabo vayashoboye gutwarwa namazi.

3 ivyiyumviro on Barasaba Leta ko yokora uko ishoboye mukuzitirira Uruzi Rusizi ataruko na bujumbura yose izoshikirwa

    kamikazi
    July 5, 2023

    Yooo batabarwe kabisa ndabona amazi arimeshi gose

    1
    0
    ciza david
    July 5, 2023

    Ayomazi nimeshi cane hama nibarize nubukuzuba abahari canke nivyakera ?

    1
    0
    miburo vena
    July 5, 2023

    Yeweeeee abahatuye bimuke kuko bazama mungorane

    1
    0

Siga Iciyumviro