July 27, 2024

Show buzz:ASAKE SINGER mugiteramo Ciwe muri Portugal yasimbiye muba fana biwe abura uwumusama

0

ASAKE SINGER n’umuririmvyi akomeye cane muri runo runganwe,amaze gusohora indirimbo nyinshi zirimwo n’ubuhinga bwinshi turavye uburyo amasanamu yiwe ategurwa,akaba ari mubaririmvyi bariko baduza umudiho w’umuziki wiswe Afromusic,Umuziki Nyafrika.

mugihe yari yatumweko mugiteramo Citiriwe AfroNation muri portugal aho yari yabiciye bigacika yarashoboye kwerekana ko umuziki nyafrika ufise urundi ruhande runini cane kwisi,mugihe yariko arashusha abafana biwe nagapira yakuye.aritaza ariruka arasimba asimbira mubafana ariko ntivyahavuye bimugendera nuo yavyibaza kuko batashoboye kumusama benshi bakaba baciye babisa ,harashoboye kumara umwanya utari muto abajejwe umutekano bakiriko barashobora kwegezayo abantu kugira bashobore kumufasha ario abafana bo kubera kuryoherwa bagumye bitambira akaziki babona kumuterura babonye ko ataco yabaye baramuduza ,Imana yarakinze igiteramo kirabandanya,

murico giteramo akaba yari yahambije bagenziwe nka:BURNA BOY,WIZ KID,DAVIDO;AYRA STARR,nabandi

inyuma yaho akaba yari yashize akandi ka Video aho yari kukiyaga ariko agira kukantu kameze nkurubaho rwubwato hama biranka ko abandanya aca yikubita mumazi akaba karakurikiranwe gose mumwanya muto cane kari 90K vyabagakurikiye kakaba karatwengeje abanya Nigeria benshi ngo kuko basanzwe bamuzi no mutuntu akora tubatwenza.

Ntaciyumviro kiratangwa on Show buzz:ASAKE SINGER mugiteramo Ciwe muri Portugal yasimbiye muba fana biwe abura uwumusama

Siga Iciyumviro