July 27, 2024

Amajambo menshi ariko aravurwa kubakunzi b’inkino Inyuma yaho Intamba zitsindiye Namibie Saido NTIBAZONKIZA ntatumweko .

1

Abakunzi b’inkino mu Burundi baribaza ingene Urukino rwa Cameroon n’Uburundi ruzoba Rumeze aho n’igihe hakiri amatati hagati yabakinyi bahora bawuserukira n’abarongoye Inkino mu Burundi.

bibaza ingene baravye urukino uko rutegerezwa kumera Intamba zizoshobora kwifata mugihe na Cameroon aho iri nayo yameze magabo kuko ari amahirwe yanyuma kumirwi yose.

kubakunzi binkino twashoboye kuyaga nabo baratubwiye ko batabona igituma abarongoye inkino bareka gutumako abakinyi baziko bariko bavyifatamwo neza kandi dukeneye intsinzi n’amateka,kugihugu cacu,

akarorero ninka SAIDO NTIBAZONKIZA aho yashoboye gutsinda no gutahukana Ubushimwe butari buke muri tanzania ariko hakaba hari amatati hagati yabarongozi bivyinkino nawe,bituma adashobora gutumwako mumurwi nserukira Gihugu.

Abakunzi b’inkino mubo twashoboye kuyaga barasaba ko bobivugana bikagenda neza kunyungu zigihugu nizumupira wamaguru muburundi,ati kuko atakindi bipfuza atari intsinzi gusa.

Iciyumviro on Amajambo menshi ariko aravurwa kubakunzi b’inkino Inyuma yaho Intamba zitsindiye Namibie Saido NTIBAZONKIZA ntatumweko .

    mimi
    July 5, 2023

    Reka tubitegereze ntakundi gusa mbona inkino zubu aringorane amaherezo tuzobiheba

    0
    0

Siga Iciyumviro