July 27, 2024

Drama T na Miss Burundi 2023 Ivyabo birayobeye | Gutera Surprise muri Kigingi Summer Comedy

5

Hari kumusi wejo igenekerezo rya 20.08.23 aho hari haramutse haba igiteramo gitunganywa n’umuhinga mugutwenzwa Kigingi ciswe “Kigingi Summer Comedy” kuncuro ya gatandatu(6) hariya kuri Messe des Officiers, n’ikimwe mubiteramo bikunzwe cane ubona ko citabirirwa n’abantu benshi buri mwaka; Nkuko vyama ico giteramo kikaba carimwo aba Comediens batandukanye aho mbere hari nabari baje bava mubindi bihugu.

Nkuko mwabibonye kucapa kiranga ico giteramo, umuririmvyi agezweho cane Theecember akaba yari yahishikiye aho yashoboye kuryohera abitabiriye icogiteramo kundirimbo ziwe nka Gumako, Back To You, Uransaza,… bikaba vyagaragaye ko yararindiranywe igishika kidasanzwe haruhande yabandi ba Comedien babiciye bigacika murico giteramo. 

Abaraho bakaba batunguwe no kubona umuririmvyi Drama T nawe ari kumwanya mwiza mubaririmvyi bagezweho hano iwacu aduze kuri Stage aririmba zimwe mundirimbo ziwe zikunzwe cane maze atangaza abaraho kuko batari biteze ko nawe yarasanzwe ari murico kibanza.

Mukibanza uwo muririmvyi yari yicayemwo bikaba vyagaragaye ko yari yicaranye nuwuheruka gutsindira urugori rwa Miss Burundi 2023 Lellie Carelle, bikaba biriko biratuma benshi babibazako vyinshi, bati Mbega boba bari mu rukundo, Mbega imigenderanire bafitaniye yoba ifatiye kuki ?

Bamwe bakaba bagarutse kuri amwe mumategeko agenga umu Miss ko kizira kuja mu rukundo mukiringo c’umwaka. 

Mbega hamwe Miss Lellie Carelle yoba yikundaniye na Drama T nakahe kajambo wobabwira ? Mbega ubona harico bitwaye?

5 ivyiyumviro on Drama T na Miss Burundi 2023 Ivyabo birayobeye | Gutera Surprise muri Kigingi Summer Comedy

    nziza
    August 22, 2023

    Naco bitwaye gose nibikundanire

    0
    0
    vava
    August 22, 2023

    Baraberanye kabisa ahubwo namukorere akaririmbo kurukundo 😂

    0
    0
    gaga
    August 22, 2023

    Kigingi imbere cane ubikora neza cane

    0
    0
    Laurie
    August 28, 2023

    😂😂😂

    0
    0
    Bery
    August 28, 2023

    Vyob bitangaj caan

    0
    0

Siga Iciyumviro