July 27, 2024

Umurindi w’abana bato basegereza n’abakobwa bakiri bato bidandaza biguma vyongerekana

2

Tugerageje kuraba muri bino bihe kuva mu mwaka wa 2015 gushika ubu Umurindi munini w’abana bakiri bato gose basegerereza n’abakora akazi ko kudandaza umubiri bariyongeye cane birengeje urugero.

duhereye kubana basegerereza bakiri bato gose hafi guhera kumwaka 1,kuko hari abavyeyi basega bitwaje abana bato cane bareze batarakwiza umwaka canke bawurenza bamara gukura nagato ntakindi babana bakora atari kurungikwa gusega nabo mu mabarabara yaba abana babahungu canke abakobwa.

ivyo rero birakunda guteza ibibazo na cane cane agateka kabana kuko mugihe bagize ikibazo bibagora kumenya uko bari bubigenze kuko hari nabo abavyeyi babakubitira kuvyuka kuja gusega abandi bakarara mumabarabara,abandi ntaburaro bagira bivanye n’ingorane bagiye bahura nazo kuko benshi usanga bavyawe kunda zinshushu,ugasanga abavyeyi babo barabataye uko baba batagishoboye kubarera canke barapfuye.

ivyo biraheza bikaba ikibazo kugihugu kuko abo bana aribo birera bigatuma bahitamwo kuba nacane cane intambamyi kumutekano canke bikoroha ko bakoresha mubikorwa bigayitse kuo baba baratimvye mumitima.

Abandi n’abana babakobwa bakiri bato hafi imyaka 13 usanga bafise ibibazo vyo kubura uburezi canke uburaro ugasanga bahitamwo kuja kwidandaza bagakora Ubumalaya;mubo twashoboye kuyaga nabo benshi muribo bavuga ko kubera bibagora kuronka ico bafungura kubera ko benshi usanga batabizera canke babemere abana babakobwa bo bahitamwo gukora ubumalaya kandi bakemera amahera nubwo yoba make ariko bakaronka ico bafungura.

benshi muribo bavutse kubavyeyi basanzwe bafise ibibazo nkivyo bagakura nabo babwirwa ko ari abakobwa nabo bimenye uko babigenza.

Mubo twayaze I bujumbura bamwe bavuga ko batorotse iwabo bava ruguru ariko babura akazi n’uburaro hama bagahitamwo kuja kwidandaza kugira barabe ko boronka uko barya canke baryame n’abandi rero bavugako vyatumwe nuko bavuka kubavyeyi babavyaye nabo bakora uyo mwuga ngo bababwira ko nabo bazoza barabafasha kuriha inzu kandiko badaheza ngo babaronse ivyo umwana w’umukobwa aba akeneye bakabatuma kuvyironderera.

Abo twashoboye guhura nabo yaba mumpande zose aho tubona barwiriye mu ntara ya Gitega na Bujumbura,Ngozi n’ahandi.benshi barasaba ko reta yobafasha nabo bagashobora kubaho nkabandi basaba nabagira neza ko bobaserukako bakabafasha ngo kuko muribo benshi hari abapfa bishwe nivyo canke bakarwara ingwara ziturutse kubuzima barimwo.abandi bagafata ibiyayura mutwe bikaze.

kubabishoboye bose barashobora ugira ico bakoze canke amashirahamwe na leta

2 ivyiyumviro on Umurindi w’abana bato basegereza n’abakobwa bakiri bato bidandaza biguma vyongerekana

    Blaise
    February 19, 2024

    Ababijejwe barabe icobakora kabisa birakabije cane

    0
    0
    David
    February 19, 2024

    Abana babasubize kwishure Bave mwibarabara kuko vyerekana isurambi kugihugu

    0
    0

Siga Iciyumviro