July 27, 2024

Bruce Melody Arabeshuza inkuru yanditswe n’Ikimenyeshamakuru ”IGIHE”ko yahagaritswe kuririmba Muri Primusic n’igipolisi

0

muri post yiwe yashize kuri Tweetter umuririmvyi Bruce Melody aturuka mu Rwanda arabeshuza amakuru yashizwe kurubuga n’ikimenyesha amakuru”IGIHE” ko yoba yarahagaritswe n’inzego z’umutekano mugihe yariko araririmba mu mahiganwa ya Primusic,ngo kuko yoba yaririmvye indirimbo Akinyuma yahagaritswe n’urweko rujejejwe gucungera ibimenyeshamakuru CNC mu Burundi.

icamubabaje ngo nuko ico kimenyesha amakuru ariciwabo mu Gihugu aturukamwo ariko hakumuvuga neza bakamubesheshera bakongera bakabeshera n’inzego z’umutekano mu Burundi.

Bruce Melody ngo arashima urukundo abarundi bamweretse ngo kandi arashima kuko umwanya yakoresheje uwukwiye kandi akaba yararangije nkuko yari yabiteguye muri Programme bamuhaye

Ngo ntihagire Uwubesheshera abarundi kandi kuko Atakintu na kimwe cagenze nabi ngo canke bamubuze kuririmba.

iyo nkuru akaba yayishize kurubuga rwiwe rwa Tweetter

Ntaciyumviro kiratangwa on Bruce Melody Arabeshuza inkuru yanditswe n’Ikimenyeshamakuru ”IGIHE”ko yahagaritswe kuririmba Muri Primusic n’igipolisi

Siga Iciyumviro