July 27, 2024

Abatahukanye Ubushimwe bwa PRIMUSIC 2023 barashima ngo nubwo bahuye n’intambamyi

4

Primusic yuyumwaka cari igikorwa kitoroshe ,kuko hafi abayitavye nkabose bari bazi kuririmba neza

Primusic yuyumwaka cari igikorwa kitoroshe ,kuko hafi abayitavye nkabose bari bazi kuririmba neza kandi ubona ko bakeneye gushika kuntsinzi ,Igikorwa co guhitamwo uwutahukana Imilioni Mirongo Itatu Nticabaye igikorwa coroshe nagato,Mugihe muri Finale hari hasigaye 6 gusa kandi bose bashoboye,Francis Destin,Shoffan NIYIREMA,Eloi Espoir NZOHIYAHA, Nasson UWITONZE,Chance MANIRAMBONA,Salah IGIRUBUNTU

nubwo igikorwa kiba kitoroshe hategerezwa kuboneka uwutsinda.

Francis Destin NDEREYIMANA akaba ariwe yatahukanye ikibanza cambere atahukana Imilioni 30

ikibanza kitamworoheye nagato bivanye nuko yahuye nintambamyi nyinshi zabamuca inguvu,Akaba yari numuririmvyi aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana benshi rero ngo ntibemeranya nawe kubona yaragiye mumahiganwa akaririmba indirimbo benshi bita izisi;ariko akagumana icizere ko azoshika ntibimuce intege amahirwe yaruhukiye iwe atahukana Imilioni 30.

Uwatwaye ikibanza Cakabiri.

Shoffan NIYIREMA akaba yaririmvye akongera acuraranga ibintu bitoroshe nagato kuko bisaba ubuhinga ,biboneka ko nawe yari yiteguye biboneka kuko yashoboye kuririmba neza akerekana Ingabire yiwe mumpande zose akaba yatahukanye Imilioni 15.

Uwabaye Uwagatatu

Eloi Espoir NZOYIHAYA umuririmvyi nawe yashoboye kuririmba neza akongera akagira n’utugenegene biboneka ko afise n’ingabire yo gutamba no kugira agatebetebe nawe akaba yatahukanye imilioni 5.

Ntahiganwa narimwe ritabura imyidogo nubwo vyoba vyagenze neza.ariko benshi barashima ko nubwo atatunenge tubuze vyashoboye kurangira neza uwatsinze akemerwa kuko vyashoboye kugaragara ko harico yasumbije abandi.

4 ivyiyumviro on Abatahukanye Ubushimwe bwa PRIMUSIC 2023 barashima ngo nubwo bahuye n’intambamyi

    Gael
    July 31, 2023

    Barabeshe kweri izonoti ntazozirya wenyene

    1
    0
    DJ PatricK
    July 31, 2023

    Congratulations brother
    Komeza utsinde ivyiza biratanguye
    Urabe uyagire umutahe winzozizawe nuyajane mubiyayura mutwe

    1
    0
    Gogo
    July 31, 2023

    Congratulations Francis

    0
    0
    Nziza
    July 31, 2023

    Primusic mukazi kose mwabiteguye neza kabisa vyasa neza Burundi oyeeeee

    0
    0

Siga Iciyumviro